Accueil > Amakuru > umutekano > Mutakura - Cibitoke : Imiryango ibandanya guhunga ku bwinshi
Mutakura - Cibitoke : Imiryango ibandanya guhunga ku bwinshi
vendredi 6 Munyonyo 2015, par
Abanyagihugu bo muri zone ya Mutakura na Cibitoke babandanya guhunga ku bwinshi, bakamenyesha ko bafise ubwoba bw’umutekano wabo inyuma y’amajambo yashikirijwe n’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA hamwe n’umukuru w’inama nkenguzamateka Reveriyano NDIKURIYO.
Gushika mu gatondo ko kuri uwu wa gatanu, haracaboneka imiduga itwaye ibintu, hamwe n’abanyagihugu bikoreye intekera bavuga ko bimukiye mu yandi mazone atekanye mu kurindira isango ry’igenekerezo rya munani ryatanzwe n’umukuru w’igihugu kugira inzego z’umutekano zikoreshe uburyo bwose zifise.
Mu gihe umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yasavye ko imbere y’igenekerezo rya munani Munyonyo 2015 abagizi ba nabi boba bishikanye, abanyagihugu bo muri Mutakura na Cibitoke batekewe n’ubwoba kuko n’iyo igiporisi kije kubarondera kitigera kibafata, gitanye mu mitwe nabo naho, abo banyagihugu bakavuga ko imivyimba itorwa aba ari iy’abanyagihugu basanzwe ari abo muri iyo micungararo.
Umwe mu banyagihugu bo mu Cibitoke yaganiriye n’ikinyamakuru IGIHE yagize ati : «Ubu si aho gufata minenerwe ivyashikirijwe n’umukuru w’igihugu. Kubera iki mu giporisi batarerekana umurwanyi baba bishe canke bafashwe? Ntidushobora kwemera ko boguma bica abana bacu, bashiki bacu, benewacu canke imiryango yacu. Duhunze ubugizi bwa nabi bw’abajejwe umutekano wacu. »
Abo banyagihugu bavuga ko ubwoba bwabo bwunyuwe kandi n’ivyashikirijwe na Gaston SINDIMWO, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, ari kumwe n’abashikiranganji batanu, uw’umutekano, uw’intwaro yo hagati mu gihugu, uwo kwivuna abansi, uw’ubutungane hamwe n’uw’ugutumatumanako amakuru, aho yamenyesheje ko ko ibikino vyarangiye, hageze ko ibikorwa bitangura amajambo agahagarikwa.
Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu yamenyesheje ko ibikoresho bikomakomeye bishobora gukoresha kugira umutekano ugaruke, harimwo n’indege za gisirikare.
Abanyagihugu babandanya guhunga mu gihe ata joro ryijana amasasu atumvikanye muri Mutakura na Cibitoke, kuva umukuru w’igihugu ashikirije ijambo ryateye ubwoba abantu baba mu mazone yiyamirije ikiringo ca gatatu ca Petero NKURUNZIZA. Ivyononekaye mu masasu yumvikanye mw’ijoro ryo kuri uwu wa kane bikaba bitaramenyekana. Tukabibutsa ko mw’ijoro ryo kuwa gatatu, mu masasu yumvikanye abantu bane aribo bishwe, umwe bamukuramwo umutima, uwundi bamuca umutwe.
IGIHE
Messages
6 Munyonyo 2015, 08:01, par Fabien
Nibishikane Hakiri Kare Kuko Bigiye Gukomera
6 Munyonyo 2015, 08:03, par etienne
nukuyanyaga n’ahandi ho barabamara kuko ntaho vyakabonetse kw’isi aho reta yitegurira gukoresha uburyo bwose ifise harimwo n’indege mukumara abanyagihugu bayo.iryo nibara...
6 Munyonyo 2015, 08:15, par che
quelle incapacité, un gouvernement qui ne peut pas preteger sa population mais menace de mener une guerre contre elle!!??
6 Munyonyo 2015, 08:45, par Anthony’o
AHUBWONIBASAKENABOBAHUNGANTIBAJANEIBIGWANISHOAHANDI.NAYOABAHANUWENTIBUMVE BAMENYEKOUGUTWIKW’IMPENEKWUMVAKWOKEJE!!!!
6 Munyonyo 2015, 08:48, par BGL
JEWE ICOMBONA ABO BAHUNGA NIBO BAFISE ICOBATEGUYE(UMUHAGARIKIZIW’URUKINO ARIWE KIZIGENZA NARABE AHINDURE URUKINO ARI CHANGEMENT YABAKINYINYI,ARI UGUSUBIRIZA ABAKINYI BATAGIKINANEZA,NTAWUTEGEKA UMUHAGARIKIZI NIWABONA IKIBEREYE.)
6 Munyonyo 2015, 09:02, par NDUMIWE chereck
ntakundi tuzangazwa kuko n’amakungu ntaco ariko aradufasha mugabo bibuk ko ahaturi hari abandi.ivyo badukorera bizobagaka kandi bazobabara kuturusha.
6 Munyonyo 2015, 09:17, par karorero
abajejwe umutekano muri muhasamarira abo bariko bimukanibintu bariko baja kunyegeza ibirwanisho mubahagarika mubanza kubasopa ataruko ibirwanisho bariko barabihungana nayo uwubaha indaro amenye ko yikwegey ikara mugashambara nibabite non ga yemwe ivyo birwanisho nintete zibiharage babitse????
6 Munyonyo 2015, 09:45, par bushyashya
abo bose murabarebe neza umugambi numwe na NKURUNZIZA nibaheza mutakura na cibitoke bazadukira nahandi bicye nyuma bazarangiriza muri rural kuko umugambi barawusangiye no bagume bitwarira .barundi barundikazi nimumenye umwansi kuko suwumva hanze ahubwo nuwuriko arabatwara
6 Munyonyo 2015, 09:45, par bushyashya
abo bose murabarebe neza umugambi numwe na NKURUNZIZA nibaheza mutakura na cibitoke bazadukira nahandi bicye nyuma bazarangiriza muri rural kuko umugambi barawusangiye no bagume bitwarira .barundi barundikazi nimumenye umwansi kuko suwumva hanze ahubwo nuwuriko arabatwara
6 Munyonyo 2015, 09:50, par Macaru
Barundi mwebwe ataco mwiyagiriza ni muve muri ayo ma quartier arimwo abicanyi babinyegejemwo, mw’ibuke ko ayo ma quartier abamwo n’abanyarwanda bakora ikibi bakica abarundi. Kuko muri 1993 Abanyarwanda bo muri ayo ma quartier nibo bakoze ibara ritagira uko rimeze, ubwo bwicanyi buteye ubwoba gutyo ntibwahora mu Barundi iyo ngendo ni y’inyenzi z’inyarwanda kuko bafise umujinya wokuba impuzi imyaka mwinshi mu Burundi
6 Munyonyo 2015, 09:53, par me
Sha kagame badatabara abarundi barashira ...kuku nuwumututsi wajyaho yakwihotera ....reba coup d’etat zimaze kuba ...ntago abayobozi bikigihugu barishyashya ....hakenewe umuntu uzana amahoro ,..yaba umuhutu cyangwe umututsi ikinginze nuko abanyagihugu basinzira ntanduru zamasasu zahirya nahirya .....
6 Munyonyo 2015, 09:58, par Bukuru
Abajejwe umutekano mucunge asohoka mubasaka neza ntibabitorokane baducafurize amakaritiye ahubwo mubashire mumakambi bacungigweyo
6 Munyonyo 2015, 10:33, par NIHOREHO
NUKURI UBIKA,IKARA MUMPUZU BUGACA RIKAGUTURIRA IJAMBO RYIMANA RIVUGA KO UMUGORE YABITE,INGWE,MUNYUM IRAMUHINDUKA.NIBAREKE GUHUNGA,AHUBWO NIBABEREKAN NICOGIKU COFASHA NAYO GUHUNGA,SUMUTI!!
6 Munyonyo 2015, 10:35, par Ndababaye
Birateye agahinda mukuri kw’imana!!!!!
6 Munyonyo 2015, 10:44, par Nshaka amahoro CAMP NYARUGUSU.
Nimureke ubwicanyi ntaho buzobashikana mwabipfumwe
6 Munyonyo 2015, 10:54, par kamaro
abo banyagihugu nibahumure kuko umutekano wabo ugiye kugaruka. nabo babigiremwo uruhara mukwerekana aho izonkozi zikibi ziri....
6 Munyonyo 2015, 11:06, par KANYAGWADA
ahubwo biba za ko bitazo bakomerana rekababone kokititwara bibaz kobazu tugira nki 1993 bakica umukuru wigihugu ndaday oya sibirya gende mura gatemba
6 Munyonyo 2015, 11:23, par INTAGOHEKA
MUHUNGA MUDAHUNGA MUBANYE MUSUBIZIBIGWANISHO MWAHAWE NABO MURI CNARED,ATARUKO NAHO TUZOBASANG IYOMWAHUNGIYE TUBAMESEREYO KUKO NAKARE UGUTWI KWIMPENE KWUNVA KOKEJE,KANDUWANKA NKURUNZIZA NABAGUMYABANGA AZOSHIRA NKIFU YIMIJIRA,KANDI MWATANGUYE GUKWIZ AMAGUFISHAMBA NIMURINDIRE UWORUKARISHA GOMUMWA.
6 Munyonyo 2015, 11:27, par Kibwa!
Nukuri Nibarekeguhungakuko Intambara Niyimana,None Bazohunga Intambara Y’imana Babishobore?Nibasenge Natwe Tubasengere Bazorokoka.Kuko Imana, Ibahozako Ijisho.Nibahagarara Mukwihangana Bazorokoka Ntabazotumara!
6 Munyonyo 2015, 11:47, par Emile
Imana Nigarukire Uburundi Abarundi Natwe Tumenye Ko Tutirenye Twubahane Dukundane Umwe Wese Azobazwa Ico Yakoze
6 Munyonyo 2015, 12:07, par Biterwa Nasinduhije Pacifiquena Nyangoma
Igikuru S,uguhunga Iciza Kwari Kubadomako Ati Ni Naka Nanaka Abo Bahunga Ni Bo Bakokeza Indwano 93 Hari Mu Misozi Ubu Umva Nuko Batarara Hanze Imbeho N,imvura Bikabacako Ijoro Ryose Bociye Babavuga Mumisi 2 Amahoro Yobaye Yabônetse
6 Munyonyo 2015, 12:08, par karorero
ntimuhindaro izo nkozi zikibi zadurumbanij umutekano wabo non ngo barahunga nibasubizweyo ivyo birwanisho bazingira mwayo mamatera muyasake burakeye tuhereke abagabo itariki iratevye tubanyukure abobabisha nibatishikana bicitwa vuba.
6 Munyonyo 2015, 12:33, par cumacindubaruba
ABANYAGIHUGU BAZOKWAMA ARI IBIJUJU GUSHIKA RYARI, BARAGENDA BAKABAHENDA NGO KAGAME BUCA ABAFATIRA IGIHUGU? NGO AFISE ZA MISSILES ZIZOVA IKIGALI ZIGWA MUKAMENGE NO KURI PRÉSIDENCE, AHO BAGAHENDEWE NONE NIBOBARIKO BARATURATURA, ABABATIMBISHA BIBEREYE IKIGALI MUBUBARE NONEKO BATABAHAMAGARA NGO BABASANGEYO. ABO BIKORERA UDUSAFURIYA K4UMUTWE NUTUMATALA TURIMWO IBIHERE KUMAKINGA BARABONAKO MURIBO HARI UMWANA CANKE IGISANIRA CA KAGAME, CA SINDUHIJE, CA PASIFIQUE......... AHO BAZA KURARABATARIYE ABANDI ABANA BABO BARIKO BIRIRA AMASHURWZ MUZABURAYA NAHANDI, CANKE BOBO MUKUGENDA BARIGEZE BABONA BAHUNGA N’AMAGURU CANKE BAGIYE BIRARAMANGIRA N’INDEGE. KAKAGANI NGO ABAKECURU TURI IBIHWIJI DUHENDWA TUBONA NGAHO AMAFOTO YABANA BABO BARIKO BARWA KURUGAMBA NIYO BARIKO BASABISHA AMAHERA BIRIRA BAYADANDAZA MUMAKUNGU NONE MWUMVA URUKUNDO RURI HEHE, ABANYARWANDA NIBOBAYAMAZE BATI ATABIZIGA (GENOCIDE) NTABUTEGETSI. ARIKO TUKIBAGIRAKO AGAPFUYE KABAZWA IVU.
6 Munyonyo 2015, 12:57, par david
Nimwihane Ntanvura Idahita Bizohera
6 Munyonyo 2015, 13:12, par mcccm
ni musengere our country
6 Munyonyo 2015, 13:19, par Sophie
Nturind Uvuga Kugutwi Kw Impene Kwumva Kwokej Ruriy Abandi Rutakwibagiye,kk Ntibohunga Amahoro,
6 Munyonyo 2015, 13:39, par Alice Irumva
Aba ba police barashika muri ayo ma karitiye bagapfa kurasa bagatera naza grenades ,babesha ngo bariko barasana n,umwansi,kikaba icitwazo co kwica abanyagihugu, ngo n,inama bagize.Nayahandiho murabaza nta nkozi yikibi barerekana ikiziga,bazoguma bamara abantu gutyoooooo!Hari uwavuze ko ariko basezeranye!!!!!!!!!!
6 Munyonyo 2015, 14:20, par Eric Nsabimana
ntakundi nibihane.non uhahamuw n!uwogukingiye.pole sana Eric
6 Munyonyo 2015, 15:39, par kuMamana gusa
Ewe Mana nzima Uhoraho, tabara Uburundi n’barundi! Ewe wa mwicanyi geza ngaho kwica abo utaremye kuko uwicisha inkota azicishwa iyindi!
6 Munyonyo 2015, 16:16, par rose
MUBANZE MUTANGE IBIRWANISHO MUFISE MBERE YO GUHUNGA!!
6 Munyonyo 2015, 16:42, par divin
Mbega tuzorira gushika ryari? abo bant2 ntibobireka tukibera mumahoro twebwe abanyagihugu bato bato?
6 Munyonyo 2015, 18:55, par 76844728
Banyagihugu Bacu Nimwihorere Kuko Ntamvura Idahita Iyo Ndege Nayo Bavuga Izohava Isambuka Itarahashika. Mwihangane Rero Kuko Ni Danger
6 Munyonyo 2015, 19:36, par anatole
mana abarundi ndumva tukigowe mbega se barundi ntiyoanga ihumure
6 Munyonyo 2015, 19:58
Ariko arihora ivy icenda na gatatu mugab ihorihori rihony umuryang.
6 Munyonyo 2015, 21:03, par NIZIYIMANA J M
SHANUKURI BUJUMBURA VYAKAZE
6 Munyonyo 2015, 21:16, par ROBET
MANA NIWEWE UZI IGIKWE NAYOTWOHO TWANANIWE
6 Munyonyo 2015, 21:20, par IMANIRUMVA Divine
Mana Fasha Uburundi Ubuhe Nkayantwaro Ya Mose " Amen"
6 Munyonyo 2015, 21:26, par ISI NABANTU
IMANA niyonkuru kandi ntamvura idahita niyokwanowa yarahise ninde ataraziko HITIRERE koyarakomeye? ninde atarazi ko MOBUTU yarakomeye? ninde atarazi ko IDI YAMINI DADA koyarakome bishebangahe ariko nabo rwarabariye namenyeko naweyavuyemwitaka kandi azarisubiramwo iherezoryiwe nawe rizabaribi kuko arivyo bimuranga IMANA NIZIGAME ABANYAGIHUGU BUBURUNDI IYO URUGAMBA RUSHUSHE RUBARUGIYE GUHERA IGISUBIZO KIRIHAFI NAHO ABATAKIRA AMAKUNGU SINDABUMVA BIBAGIYE KO AMEZE NKAPORISI YOMUMAFIRIME MURAKOZE
7 Munyonyo 2015, 04:32, par Mpozamarira Erias
Ntahobahungiye uwomugabo Nkurunziza hamwe nuwo mugabo winkenguza mateka. abonabicanyi karuhariwe, abatamuzi uwo mugabo wimakamba bazotembere imakamba muzomenya ivyuyo mugabo. bamwe nibo batugize ipfuvyi. aborero kunwa amaraso yu muntu nicobamenyreye! none izonkoho zirara ziravuzwa mwijoro zivuzwa nabande? kweri sizambonerakure zahabwa ibirwasho vyokumara abenigihugu?.murafasha kuraba.
7 Munyonyo 2015, 06:10, par maleek
nkuru azosanga farao!!! bose
mbona ari bamwe.
7 Munyonyo 2015, 06:20, par isa
Petero nkurunziza nugupfa
7 Munyonyo 2015, 09:41, par gasuguru
Peteronkurunziza wewenuhebe wavuzeko uwuzotanguza intambara izotanguririwiwz iherere iwe wararivuze uryumeko bigiyekuguhinyukana akatarazakarimunyuma!!!! Igiritangurire iwawe iherere iwawe
7 Munyonyo 2015, 09:42, par gasuguru
Peteronkurunziza wewenuhebe wavuzeko uwuzotanguza intambara izotanguririwiwz iherere iwe wararivuze uryumeko bigiyekuguhinyukana akatarazakarimunyuma!!!! Igiritangurire iwawe iherere iwawe
7 Munyonyo 2015, 09:42, par gasuguru
Peteronkurunziza wewenuhebe wavuzeko uwuzotanguza intambara izotanguririwiwz iherere iwe wararivuze uryumeko bigiyekuguhinyukana akatarazakarimunyuma!!!! Igiritangurire iwawe iherere iwawe
7 Munyonyo 2015, 09:43, par gasuguru
Peteronkurunziza wewenuhebe wavuzeko uwuzotanguza intambara izotanguririwiwz iherere iwe wararivuze uryumeko bigiyekuguhinyukana akatarazakarimunyuma!!!! Igiritangurire iwawe iherere iwawe
7 Munyonyo 2015, 11:17, par ikiziga liLi
Abatutsi ntibakunda gukora ubwo ngo barashaka kujya mumakambi kurya ibyagusa. Ibyiza nuko leta itakwemera ko hagira ikambi ishingwa mugihugu. Nibangare inzara ibabone kuko aribo badashaka kudoma urutoke inkozizikibi
7 Munyonyo 2015, 12:54, par FOFO
NIBADUHE AMAHORO ABASENGA BASENGENAHADI IRYAVUZWE RATAHA ?
7 Munyonyo 2015, 13:11, par junior
iyi reta ishaka kumura abo ijejwe nibatumara bazotwara bande mana we garukira uburundi
7 Munyonyo 2015, 13:12, par grâce
Imana niy nkur ntizorek abanyakib kuk bigez ahant hab kand bitey agahnd uwukuramw umutim wuwund naw sinz uk bizagend.
7 Munyonyo 2015, 14:55, par jonas barakamfitiye
bene bwacu baba murayo makratiye hunge hunge hunge abapolic na reta ya peter ntibatitije. ngo mubone ayo abanyakamenge Ntega,Marangara babonye kutwaro ya Buyoya
7 Munyonyo 2015, 18:01, par fabien
nibahunge kuko bafis iyobaja konabuz iyonja?
7 Munyonyo 2015, 21:07, par Gasuguru
Petero Nkurunziza ntakindi gisigaye nugupfa!!! sha bigire bigutekurukand.
8 Munyonyo 2015, 06:23, par manirakiza shereniyo.
abobahunga barabeneza ntibahungane nizonkozizikibi kuko ntacobazobabahunze zizobakwegera.umutekanonuwatwese ntugira ubwoko.
8 Munyonyo 2015, 07:08, par BUKEYENEZA EMILE
haaa!!! none tuvahe tukajahe?nihatari.
8 Munyonyo 2015, 10:51, par NIZERIMANA Télesphore
Nibihangane Imana yabaremye irababona ivyo nivyisi.
8 Munyonyo 2015, 12:39, par Aferky
Hagire uwogorora uburundi afate ubutegetsi kunguvu. Mbe abarundi twese ntidushoboye tubandanye duhere nkifu yiminjira. CNARD ibandanya akarimi gusa, mbe izotegeka bande ko duheze. Aho abarundi ntituramenya ko dutwawe numugwayi wo mumutwe.
10 Munyonyo 2015, 05:11, par bacemwo
Ivyo kagome yateguye turabizi irya micile iri congo azokwikebuka twayigejeje iburundi hanyuma tuyirungike murwanda ivyamamicile hari abavyize hanyuma abahunga nibahunge kuko nanje nakuriye irukore muritanzania kandi siko nabishaka nabatutsi banyirukanye ariko ubu nzokwigwanira nifadikanije ninzego zumutekano kuko nfisemwo bene mama
10 Munyonyo 2015, 10:42, par Burundi Byuka
Gwaruka Gwaruka si jeunesse savait et si viellesse pouvait. Bakomeze bagukoreshe utukane, uterane amabuye, humura abo wiruka inyuma bakubwira kwica ntugire ngo iyo wabaye mayibobo ku muhanda wiruka ari muhira arya neza n’abana azakugurira ikiyeri wishime unywa utanariye arabizi ko ntacyo umaze uri materiel nakurambirwa u will be wasted cg se nawe agukoreshe ariho neza wirirwa uri mayibobo ejo uzicwa n’indwara cg n’ikindi humura iyo si conflict gusa, n’ubuzima bw’abanyagihugu burarangira , economy iragenda kwanza mwebwe mwayimazeho umutungo w’igihugu kera nuko sha vive les chinois et les russes parce que eux bavoma gusa Nikel et c’est bon parce que les burundais bazi ubwenge cyanze ubwoko bwabo bwabavanye ku mwanya presque wanyuma w’ubukene ku isi. MUfunguke urwango mutarufuse ruzobafuta.
11 Munyonyo 2015, 19:55, par boston
oooh imbna niyo nyen’imigambi.