Accueil > Amakuru > umutekano > Mutakura: Inkoho n’ibindi bikoresho vyatowe n’igipolisi
Mutakura: Inkoho n’ibindi bikoresho vyatowe n’igipolisi
jeudi 24 Nyakanga 2015
Inkoho zine zo mu bwoko bwa Kalashinkov,grenade n’inkoho itara amabombe rokete ,hamwe n’ibindi bikoresho vya gisirikare,nivyo vyatowe muri quartier ya Mutakura iri muri zone cibitoke,mu gikorwa co gusaka ibirwanisho cabaye mu gatondo ko kuri uno wa kane igenekerezo rya 24 Nyakanga 2015.
OPP 1 Domitien Niyonkuru arongoye igipolisi mu gisagara ca Bujumbura avuga ko ivyo birwanisho vyatowe kubera ubucuti hagati y’abapolisi n’abanyagihugu bamaze gutahura ko ubwicanyi buba kubera ibirwanisho biri mu banyagihugu ata nyungu bizanira igihugu.
Kubwa Domitien Niyonkuru,hejuru y’inkoho n’amagrenade hatowe kandi amasase arenga amajana ane,ibirato,icuma co kuraba kure gikoreshwa n’abajejwe umutekano,n’ibindi vyuma bigize inkoho.
Umukuru w’igipolisi mu gisagara ca Bujumbura amenyesha ko muri ico gikorwa co gusaka hari abanyagihugu batatu bamaze gufatwa ku mvo z’amatohoza,
Van Naris Mugisha
Messages
24 Nyakanga 2015, 14:24, par Husti
Abarundi harihibimenyetso bamazekubona biberekako batereranijwe arinacogituma nabahawe ibirwanisho kubera imvozokwikingira kubabibahaye batanguye gukora imbinu bakagenda bakibwirira abajejwe umutekanongo: Ndafise ibirwanisho bampaye atimugabo ababimpaye bumvise kwarijewe nahisemwo kubibaha bozomerera nabi, atirero murazoza nkabasaka mazebizokwitwe komwabifashe nguko uko abarundi baciye ubwenge bihagazeko mukwirindako igihugucabo gitabagurika kandikigatabagurwa nababonekanako bamazegukuramwo akarenge. Niharambe abarundi bariko barikura ibirwanisho vyozotabaguye igihugucabo bigahitana ababo,ni miryango, ababanyi , nincuti nabagenzi.
24 Nyakanga 2015, 15:45, par bumwe
Muribesha!iyanje ko mutayifashe!tuzoronka ibindi ,none kotubikura murimwebwe nyene hamwe nomugisirikare
24 Nyakanga 2015, 16:37, par ndayizeye donatien
jewe sintahura none ko bitorwa umutekano ukaguma uhungabana abantu bakaguma bapfa
24 Nyakanga 2015, 16:38, par ndayizeye donatien
jewe sintahura none ko bitorwa umutekano ukaguma uhungabana abantu bakaguma bapfa
24 Nyakanga 2015, 17:14, par nkurunziza
ivyo birwanisho biva hehe? murareba neza niba atari abasoda babitanga mubanyagihugu
24 Nyakanga 2015, 18:04, par ONESMO
HAPO MTAKULA,NDIO NAFASI,WAJESHI WALIOSI WAMEFICHA SILAHA,HAO WALIOKAMATWA,USALAMA MSIWALEGEZE,WAONYESHE NA WEZAO,
24 Nyakanga 2015, 19:01, par Ntimpirangeza Leonard
Komeza Mubitore Bizohera.
24 Nyakanga 2015, 19:54, par gati
non urupangu zavuyemwo kontarwunvise non zatowe mwibarabara
24 Nyakanga 2015, 19:59, par Reve
Ok rindira kuko twe twamaze guhangayika muzobona vyavuba
25 Nyakanga 2015, 06:21, par nep
ntankoho zatowe nukubesha
25 Nyakanga 2015, 08:29, par Josue
Muraronder Nahand,ntibr Kumutakura Gusa.