Accueil > Amakuru > umutekano > Mutakura : Remy NKENGURUTSE yagandaguwe arashwe n’umuporisi
Mutakura : Remy NKENGURUTSE yagandaguwe arashwe n’umuporisi
mercredi 7 Gitugutu 2015, par
Amasasu menshi n’amagerenade vyarumvikanye ku Mutakura no mu Cibitoke ku muhingamo wo kuri uwu wa kabiri. Umunyagihugu wo mu Cibitoke azwi kw’izina Remy NKENGURUTSE yaragandaguwe, ababibonye bakavuga ko yarashwe n’umuporisi mu gihe yariko arataha.
Umuhingamo wo kuri uwu wa kabiri ku Mutakura no mu Cibitoke waranzwe n’urwamo rw’amasasu menshi n’amagerenade. Abanyagihugu batekewe n’ubwoba baca binyegeza mu mazu yabo, abatari bwatahe baguma iyo bari, kuko ibarabara bita irya MUZINDA ryaciye ryugarwa nko gushika isaha imwe y’ijoro.
Muvyononekaye muri ayo masasu, ibimaze kumenyekana ni umunyagihugu azwi kw’izina rya Remy NKENGURUTSE, umunyeshure w’imyaka 29 y’amavuka, yahora aba mu Cibitoke kw’ibarabara ry’umunani inomero 86, yagandaguwe. Ikiziga ciwe catowe muri karitiye y’icenda mu Ngagara, imbere y’aho benshi bita kwa Komine, ababibonye bakavuga ko yarashwe n’umuporisi mu gihe yariko arataha.
- Remy NKENGURUTSE
Remy NKENGURUTSE yahora ari umunyeshure kuri Kaminuza yitiriwe ibiyaga binini (Université des Grands-Lacs) mu mwaka wa gatatu, akaba yavuka mu Bisoro mu ntara ya Mwaro.
Remy NKENGURUTSE akaba yari mu rwaruka rwiyamirije ikiringo ca gatatu ca Petero NKURUNZIZA.
Egide NDUWIMANA
Messages
7 Gitugutu 2015, 10:10, par mukizwa
turaher bagenz
7 Gitugutu 2015, 10:10, par HATEGEKA.
MANAIBUKAAFRIKAYOHAGATITULARUSHE.
7 Gitugutu 2015, 10:55, par Maso
Inka Muguhona Zihera Mu Ruhongore. Gelase Ndabirabe Ivyo Yabinezerewe Cane. Turetse Ivyo Aherutse Gushikiriza, Yarigeze Kuvuga Ko Umuntu Wese Adashigikiye Ikiringo Cagatatu Ari Ukwicwa. Ariko Aribesha. Ntabo Muzoamara. Abatemera Icokiringo Ni Beeeenshi Cane.Kiretse Mwishe Abarundi Bose. Ba Mugabo N’ Iryo Nibobake Ariko Mwebwe Ndazi Ko Atavyo Muzi.
7 Gitugutu 2015, 12:43, par Lily
Bizagume aho kumutakura nyene ni sawa!
7 Gitugutu 2015, 13:20, par Festus
Aho,nisawa cane cane amahoro asasagare abasi bariko bagenda bagabanuka bigaragarako arinawe yahora atera yama grenade aho nyene ubu kumbure twizereko agahengwe kaja kuboneka
7 Gitugutu 2015, 13:24, par !
Iyinkuru yanditse nabicane uwakubwiye ukovyagenze ukacawandika arateye isoni!!!
7 Gitugutu 2015, 14:15, par Boubou
NKURUNZIZA reka kwica aba manifestants kuko manifestations zaraheze! Uribwira ngo nzobica nka kumwe kwo mu 2010 nica aba FNL! Amase ya kera ntagihoma urutaro ndakurahiye! Cira birarura ubwicanyi ntaco buzogushikanako kizima. Geza aho amaraso arahuma , erega uriko ukwega umuvumo ku gihugu no ku muryango wawe!
7 Gitugutu 2015, 14:20, par eddy michel
ntasoni ga ! nah washats kottokumeny niwapfa tzorusha aho naw bisamirane
7 Gitugutu 2015, 14:46, par BOSCO
YEMWE BARUNDI NIMUGARUKIRE .IMANA MUHEBE KWICANA
7 Gitugutu 2015, 15:07, par cumacindubaruba
mwibagiye no kuvuga yuko ejo nyene mwayo masaha umupolisi yanyurujwe akicwa bunyamaswa, ntimwaba mwiteze rero yuko bazoza bica abapolisi nabo bakarera amaboko murihenda cane, jewe nibazako abo basore bokumutakura bagaburiwe umuti wokwiheba batabizi kunyungu zabana ba CNARED na sindumuja jewe nari niteze yuko bombwirako umwana wa nyangoma canke wa pacifique ariwe yoba yapfiriye aho kumutakura none nuwo murasita w’i mwaro atagira cepfo caruguru ngoyiga université y’iburundi abandi biga université zo mububiligi, ndahojeje umuvyeyi wiwe.
7 Gitugutu 2015, 16:33, par fidelite
Abo batutsi bo ku mutakura n’ayandi ma quartiers contestataires y’abatutsi,mumenyeko tutari muri 93,muhebe gusomborotsa abahutu,ubu twarize kutabatinya,reka kwica aba jeunes bacu si non muzovyishura,
7 Gitugutu 2015, 16:42, par Nzobasabira
Yooo!!! Ntaco bimaze kwihorana. Ahubwo ni mwubake Igohugu erega ni icacu. Abakiri bato nimireke kwicwa bunyamaswa kuko ni mwe Burundi bw’ejo. Abandi baniganira kugira itera mbere!! Namwe ni ukwicana gusa!!! Miteye isoni!!! Police hagarika kuja mu ma quartiers. Muronderayo iki??? Mbe abo bana ko mubamaze muzosubirirwa na bande??? Imana irabibona ivyo mukora vyose. Erega aho muriko mukuraho iterambere. Amaraso arakurikira. Muzomera nka Kayini. Abo muzohura bose bazobavuma. Canke murware mu mutwe nka Peter. Reka Imana ihindure ivyoyumviro vyanyu kuko biteye isoni. Ntimuzi ikinjana tugezemwo!!!!
7 Gitugutu 2015, 16:42, par Munezero Bonaventure
Remy Imbana Nimwakire Mubwami Bwayo !!! Mana Garukira Uburundi! Non Abo Ba Dd Bazoruhuka Bamaze Abo Bitavuga Rumwe? Tabara Mana Abarundi!!!
7 Gitugutu 2015, 20:23, par John Zazziwe
Mbe,banyakubahwa Bahutu,Batutsi namwe Batwa.Kuki aho mwicaye hose mwitana ibikoko!?Ibuka ko mwese mwaremwe n’Imana imwe,kuki wipfuza k uwo wita mudasangiy ubwok akwiy gupfa ww ukabaho?Mbe ww ntuzopfa?Ibuka twes inzira nimwe.Ntawuzorusimba.Kor ivyiza kuri bose uzobisang imbere
7 Gitugutu 2015, 21:11, par mututsiwumutima
Mugabo ngo yari yikoreye ama grenade . Police yakoze akazi kayo kuko yari kwiha inkumbi
7 Gitugutu 2015, 22:05, par NTAWUSANAYO Kemuel
NTAKUNDI TURAHOJEJE UMURYANGO WUWABUZE! UMUHISINAWE; IMAN’IMUZIGAME.
8 Gitugutu 2015, 02:20, par mwarabu
Yoooo!imana imwakore
8 Gitugutu 2015, 06:40, par OKAY
@ Fidelite
Wewe wiyita Fidelite n’abandi bafise ivyiyumviro bicuramye nkivyo, nimutahure ko mutari abavugizi bacu (Abahutu). Wibuke ko abagwanya Nkurunziza, haba muba politicien canke abanyagihugu, benshi ni twebwe abahutu nyene. Turabasavye rero mureke kutugira ibiraro vyanyu, muvugire ako kagwi k’imihimbiri nkawe gusa. Uwubandanya kuzana ivy’amacakubiri, ntabikora kuko akunda ubwoko bwiwe. Abikora kuko ashaka abamufasha gukingira inda yiwe. JIJUKA ubu turi 2015
8 Gitugutu 2015, 08:04, par fidelite
@Okay
Uri ikirofa,urazi aho waririmbiye la meme chose,namwe ko mumugwanya ko yabananiye?Abahutu bamugwanya ni ukubavugutira umuti nta kigongwe kuko no kuba ibiraro ntavyo mushoboye,rero vous ne servez à rien,
8 Gitugutu 2015, 11:30, par mututsiwumutima
Izo nkoramaraso z’abatutsi ziyita (Sindimuja). Ngo zishaka kurangiza umugambi base batarangije muri 72-93. Gusa ziribeshya police izajya izikanda imwe imwe.
8 Gitugutu 2015, 13:03, par Emmanuel
ayo maraso mumena azobahumira mwese.uwariwe wese yaba umuhutu,umututsi cank umutwa Imana Izomucira Urubanza Rukwiranye N’ivyo Yakoze Ni Musome Biblia Kuko Ariwo Muco Ukwiye Kutuyobora.Umusiguzi12:13-14 canke Matayo 12:36-37.Amajambo Muvuga Muzoze Mubanza Muyiyumvire Mbere Yo Kuyavuga Canke Kuyandika
8 Gitugutu 2015, 13:08, par Jules Nijimbere
Imisi Yos Hamahaz Abantu Bigra Agahambaye.Non Kwapfuy Abamuhenz Ngwagumuk,haricobazoh Umuryango?Barabasuts.Abagwany Umugambi W Imana Bazohera Nkifu Yimijira.
8 Gitugutu 2015, 16:38, par fidelite
@maso
ico nico waronse ubwira abo baza baratera bongera barasa abapolisi bacu?Nuko uhimvye sha,jewe ndazi ko twobamara,abahutu ntimwari mwaratumaze?Mutegerezwa kumenyako minorite mutazongera gutegeka majorite i burundi,majorite niyo yinjiza,namwe mushaka kwigungirako ivyo mutakoreye,ntituzemera ko mwikoza utwo abayahudi basigaye bikoza mw’isi ,kubera amanyanga na magouilles barifatiye abantu,co kimwe no mu rwanda,twebwe iburundi turavyanse.
9 Gitugutu 2015, 01:31, par Hjo
mukwiye kuruhuka kuko mwese muruhishijwe n’ubusa, nta bwoko buramara ubundi reka kwitera umuvumo ntibikenewe.
12 Gitugutu 2015, 06:16, par Majaliwa
Vyose bizohera, ntidukwiye kurwanira ivy’isi kuko tuzobisiga.