Accueil > Amakuru > umutekano > Muyinga : Umutwa yari yaburiwe irengero yatowe ikiziga
Muyinga : Umutwa yari yaburiwe irengero yatowe ikiziga
jeudi 26 Rusama 2016, par
Ikiziga c’umuntu catowe kuri uwu wa gatatu ku musozi Rutoke, komine Muyinga, mu ntara ya Muyinga.
Uwo yatowe ikiziga ni umusore akiri muto wo mu bwoko bw’abatwa yari amaze indwi imwe yaburiwe irengero. Abandi banyagihugu bo mu bwoko bw’abatwa ku musozi Rutoke, bakibona ico kiziga baratwawe n’agashavu, bakaba bagirije ababanyi babo bo mu bwoko bw’abahutu, ko aribo bari inyuma y’iyicwa ry’uwo muntu, bakaba mbere bari banse n’uko ajanwa gushingurwa.
Abajejwe intwaro baragerageje kwumvikanisha abo banyagihugu, babemerera ko amatohoza azokorwa kugira icishe uwo musore kimenyekane.
Ico kiziga kibaye ica gatatu gitowe mu ntara ya Muyinga, mu kiringo c’indwi imwe, inyuma y’ibindi biziga bibiri vyatowe muma komine ya Butihinda na Muyinga.
IGIHE
Messages
26 Rusama 2016, 16:23, par J. M
Amatohoza Nakworwe Vuba Bwango Hafatwe Abobabisha
26 Rusama 2016, 17:25, par bernard
Bihangane
26 Rusama 2016, 20:52, par NYISHU Orginal
Nta kundi nukwihangana kuko ntakiyica,IMANA imwakire mu bwami bwayo.
27 Rusama 2016, 10:48, par kanyamyuga
Imana nitabare abarundi amaraso yoye guseseka kuko niryo soko ryinzigo idacika
27 Rusama 2016, 10:57, par Kabango
Aba dd bageze nomubatwa kweli? Biteyubwoba.
28 Rusama 2016, 07:24, par Kamaro
Umubisha ni nkurumbi niwe nkwezi yamarere nibamufate.
28 Rusama 2016, 12:26, par guma
Iyi foto ndabona atari iyi Muyinga, sinzi nka kicukiro wenda. U
28 Rusama 2016, 19:56, par Donatien
Abanabakayini,barwiriye,bihane,ntibazokwamabaronkahobinyegeza,ingeroyicaha,nurupfu
28 Rusama 2016, 23:05, par KAJIDE
HA ABATWA NABO BASHIKIRIWE
29 Rusama 2016, 09:40, par MISAGO MISHERI
NTIMWAGIRIZANYE NGOMUKAMIREMUCOZE UMWANSI REKA UBUTUNGANE BUKORE MURIBAMWE INKEKA NTIYUBAKA
29 Rusama 2016, 09:42, par Pierre
Mana bagirire ikigongwe kuko batazi ico bakora.
30 Rusama 2016, 12:12, par Karimu
Nibakore Iperereza Vyihuta Kuko Biragoye!