Accueil > Amakuru > Poritike > Muyinga : Victor Burikukiye araremesha kw’ihinyanyurwa ry’ibwirizwa (...)
Muyinga : Victor Burikukiye araremesha kw’ihinyanyurwa ry’ibwirizwa shingiro
dimanche 19 Nzero 2014
Icegera ca mbere c’umukuru w’umugambwe CNDD FDD, Victor BURIKUKIYE araremesha abanywanyi ba CNDD FDD ku bimaze iminsi bivugwa kw’ihinyanyurwa ry’ibwirizwa shingiro, aho amenyesha ko ababijejwe bariko barakora, kandi ko ibizovamwo vuba bizomenyekana. Victor Burikukiye yibukije ko n’aho ibizohinyanyurwa vyoshika bigatera izindi mpari, ko bazokwikora ku banyagihugu ari nabo bazokwemeza canke bagahakana iryo bwirizwa shingiro.
- Victor Burikukiye, icegera ca mbere c’umukuru w’umugambwe CNDD FDD
Umugambwe CNDD FDD mu ntara ya Muyinga waruguruye icese ingoro y’umugambwe ya mbere ku rwego rwa komine, ingoro yubatswe ku buryo bw’amafaranga 25 412 000 y’amarundi. Komine Gashoho iri mu ntara ya Muyinga niyo yabereye urumuri izindi komine indwi zigize intara ya Muyinga, mu kwubaka iyo ngoro. Mu birori vyo kuyinjira, umukuru w’umugambwe CNDD FDD mu ntara ya Muyinga, Pascal Hakizimana yaragarutse ku bibazo bihanze iyo ntara nk’ubusuma bwo mu mazu, amatati y’amatongo n’ayandi matungo, hamwe n’ingeso yo guharika yimonogoje muri iyo ntara.
- Pascal Hakizimana, umukuru w’umugambwe CNDD FDD mu ntara ya Muyinga
Kuri ivyo bibazo vy’amatati y’amatongo vyibonekeza muri iyo ntara, Victor Burikukiye, icegera ca mbere c’umukuru w’umugambwe CNDD FDD, asanzwe ari n’imvukira yo mu ntara ya Muyinga yasavye abanyagihugu kwijukira kuvyara ku rugero, bavyare abo bashobora kurera, kandi batandukanye imvyaro.
Mu gihe abarundi biteze ishirwaho ry’umurwi w’ukuri n’ukurekuriranira (CVR : Commission Vérité et Réconciliation), Victor Burikukiye yahamagariye abanyagihugu bo mu ntara ya Muyinga kuzovuga ukuri bazi kuvyabaye, umuntu afise ivyo azi azokivuge kugira ukuri kumenyekane, bagibire mu ntumbero y’uguharanira ukurekuriranira n’ugusubiza hamwe, kugira n’abazovuka bazomenye ukuri.
Mwomenya ko iyo ngoro ya mbere y’umugambwe CNDD FDD ku rwego rwa komine mu ntara ya Muyinga yubatswe muri komine Gashoho, zone Gisanze, umutumba Musasa, intara ya Muyinga.
Egide Nduwimana
Messages
19 Nzero 2014, 20:46, par Mama
Yemwe mwaje muje murabagabokoko naba kenyerera bikorwa tutibagiye ababonera kure.
19 Nzero 2014, 22:32, par ndabatwenze
N’iziri mu magi murye!