Accueil > Amakuru > umutekano > Muyira : Umuporisi yaturiye ipikipiki y’uwanse kumuha igiturire
Muyira : Umuporisi yaturiye ipikipiki y’uwanse kumuha igiturire
mardi 12 Myandagaro 2014
Umuporisi akorera ku kirindiro co kuri zone Muyira yaturiye ipikipiki ayisanze aho yari yabitswe ku rugo rwa nyeneyo. Intango ya vyose, uwukoresha iyo pikipiki yanse kumuha igiturire c’ibihumbi mirongo itanu vy’amarundi yari asabwe, uwo muporisi aca ayihereza umuriro irasha iratokombera.
- Photo : Isanganiro
Abaporisi bo muri zone Muyira, komine Kanyosha, kuva mu gatondo ko kuri uwu wa mbere bariko barafata amapikipiki adakwije impapuro zitanga uburenganzira bwo kuja mw’ibarabara. Abazi ko badakwije vya ngombwa baciye bazikura mw’ibarabara, bazijana kuzibika mu kurindira ko bakwiza ibisabwa n’amategeko. Ipikipiki ikoreshwa na Kwizera Eric yahuye n’ivyago, kuko umuporisi yayisanze aho iri muhira iwe, yayibitse, amutegeka ko yomuha igiturire c’ibihumbi mirongo itanu vy’amarundi, yanse naho iyo pikipiki igaca itwarwa aho izindi zari zafashwe zari kuri zone Muyira. Uwo akoresha iyo pikipiki yaramwankiye, amumenyesha ko yayibitse kugira abanze ayironderere vyangombwa, izosubire gukora ibikwije, ari naco gituma atumva igituma yotangishwa igiturire. Nk’uko Kwizera Eric yakoresha iyo pikipiki abimenyesha, uwo muporisi yaciye amubwira ko agira amwereke ico yize.
Uwo muporisi yasokoroye ikibiriti (briquet) yari afise, atumbereza ahabikwa igitoro (réservoir) ubona ko hatari haguruye, aca aradomeka, ipikipiki irasha yose.
Abari ngaho bose baguye mu gahundwe, ishavu rikaba ryaraniga kubera iyo nyifato y’uwo muporisi yashoboye guturira ipikipiki y’imiriyoni hafi zibiri. Uwahora akoresha iyo pikipiki amenyesha ko atabona uko agiye kubaho, mu gihe ariyo yari imutungiye umuryango. Gushika ku muhingamo wo kuri uwu wa mbere, uwo muporisi yari acidegemvya. Mu giporisi c’Uburundi bavuga ko bagikora amatohoza, bakemeza ko nibasanga vy’ukuri uwo muporisi ariwe yaturiye iyo pikipiki azohanwa bisunze amategeko.
IGIHE
Messages
12 Myandagaro 2014, 10:55, par MANDELA
None uwo mupolisi arihe? ewe Burundi turagowe Mana garukira igihugu cacu.
12 Myandagaro 2014, 11:58, par basi@yahoo.fr
Uwo munyagihugu ni yitwarire Leta y UBURUNDI kuko umukozi wayo yakoze ikosa hanyuma irihe, hanyuma Leta ice irihisha uwo mukozi wayo kandi yongere ahanwe administrativement et penalement. Nkeke ko uwo mupolisi atazosubira kwambara wa mutamana.
12 Myandagaro 2014, 12:58, par tharcisse
Nakamaramaza kweli !!!nibaze ko leta ica imugurira iyindi hanyuma uwo mu polisi nawe bakamenyana niyo leta yakajagari.ntituzobana mandat yiyo leta iraheze kugira abanyagihugu birutse.
12 Myandagaro 2014, 13:55, par Mama
Niyaba ukjtubisomye arikovyagenze umu polisi yakoze nabiguturira iyimotor. Ikindi muvuzeyuko iyi motor yaritunze umuryango kandi harahomwavuzeko yariyarayibitse kugira abanze aronde ivyangombwa?
12 Myandagaro 2014, 17:11, par Turungwane
Mwabatorera iki??mwibaza kwaruguvyina??musubire mwihende mwabijujumwe vyabarundi2015 mutore abanywamaraso imana izo baturira mwese atawuvuyemwo isango yokwikebuka 2015
12 Myandagaro 2014, 17:58, par christophetuyisenge@yahoo.fr
Nukuri uwo munyagihugu yiguriye aga pikipiki kiwe kakaba katuriwe arababaje. none bizogenda gute ngo umuryango asubire kuwutunga ga yemwe? AMOTABU nimufate mumugongo ntakundi yahuye ningorane zidasanzwe.
13 Myandagaro 2014, 06:36, par Renovat menbre
Abobasagasi ntamategeko muburund ariho nimpehensa Mana tugarukire!
13 Myandagaro 2014, 13:28, par Reiki
nagahinda Pe!
14 Myandagaro 2014, 18:00, par joharinatali
kuri jewe uyo muporisi bomufata baka mushira mumunyororo akiga amategeko .hanyuma assurance ikamuriha uyo mumotari akabona nawe kubandanya ubuzima nka bandi
7 Mukakaro 2015, 12:02, par SIYONARIRA PATRICK
EWE NAKAMARAMAZA MUGIHUGU JEHO NTIBAKANKOREYE NTIBANCIYE 50000F MFISE INKOKO 3 ZOKURYA.