IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Muzinda : Umusirikare yahitanwe na gerenade yagira atere

Muzinda : Umusirikare yahitanwe na gerenade yagira atere

lundi 28 Ntwarante 2016, par egide

Caporal Kazungu yahitanwe na gerenade yagira atere mugenzi we mu gatondo ko kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 28 Ntwarante 2016. Uwo musirikare yahitanwe n’iyo gerenade yakora mw’ikambi yo ku Muzinda yahora irongowe na Lieutenant-Colonel Darius Ikurakure aheruka kugandagurwa.

Amakuru dukura aho mw’ikambi yo ku Muzinda avuga ko Caporal Kazungu yagira atere mugenzi we gerenade, ariko akaba ariwe yahavuye ihitana kuko uwagira ayiterwe yabibonye kare, uwundi nawe yari yamaze kuyugurura.

Inyuma y’ugukomeretswa bikomeye n’iyo gerenade, Caporal Kazungu yajanwe kuvurirwa ku bitaro vy’abasirikare mu Kamenge, ari naho yasezereye isi.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.