Accueil > Amakuru > umutekano > Mwakiro : Ingaruka z’ubukene bw’abajejwe umutekano zibonekeje
Mwakiro : Ingaruka z’ubukene bw’abajejwe umutekano zibonekeje
lundi 14 Ndamukiza 2014
Imisozi ine yo muri komine Mwakiro, intara ya Muyinga irabangamiwe n’ubukene bw’abajejwe umutekano. Abajejwe intwaro muri iyo komine bamenyesha ko bagiye kuraba ingene abo bajejwe umutekano bokwongerezwa kugira ubusuma bw’abitwaje ibirwanisho bumaze iminsi bwibonekeza buhagarare.
Umutumba Rutyazo uri kuri umwe mu misozi ine yo muri komine Mwakiro, intara ya Muyinga ibangamiwe n’ubusuma kubera ubukene bw’abajejwe umutekano. Akarwi k’abasuma bitwaje ibirwanisho kamaze iminsi kagisibije kuri uwo mutumba, bigaca bigorana kugatuza, kuko abo basuma bahejeje gusahura abanyagihugu baca binyegeza mw’ishamba rya Ruvubu.
- Komine Mwakiro ifise abaporisi batarenga 23
Muri iyo komine ya Mwakiro, abajejwe umutekano bahakorera bose hamwe ntibarenga 23, ico gitigiri naho kikaba ari gito cane nk’uko bivugwa n’abanyagihugu. N’ikindi gisongera isibe, n’uko n’abajejwe umutekano bahinduriwe aho bakorera badasubirizwa n’abandi.
Abanyagihugu bo muri iyo komine basaba abajejwe intwaro ko bokwongereza ico gitigiri c’abajejwe umutekano kugira bashobore gutuza abo basuma babasahura utwo babiriye akuya.
Uwujejwe igiporisi mu ntara ya Muyinga amenyesha ko bagiye gukorera hamwe n’abajejwe intwaro n’umutekano, kugira barabe ingene igitigiri cokwongerezwa, kuko nawe nyene yiyemerera ko abahari badakwiye.
Egide Nduwimana
Messages
15 Ndamukiza 2014, 01:39, par Mama
Ntabwovyaribikenewe komurindakuvuga canke kwerekana igitigiri nyenizina caba polisi bakorera muri commune, mwarikuvugako aba polisi aribakeyagusa, ahoniho tubaturiko turatanga abakuru yigihugu dukunda vyukuri tutifuza ko twokigambanira.