IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Mwakiro : Ingaruka z’ubukene bw’abajejwe umutekano zibonekeje

Mwakiro : Ingaruka z’ubukene bw’abajejwe umutekano zibonekeje

lundi 14 Ndamukiza 2014

Imisozi ine yo muri komine Mwakiro, intara ya Muyinga irabangamiwe n’ubukene bw’abajejwe umutekano. Abajejwe intwaro muri iyo komine bamenyesha ko bagiye kuraba ingene abo bajejwe umutekano bokwongerezwa kugira ubusuma bw’abitwaje ibirwanisho bumaze iminsi bwibonekeza buhagarare.

Umutumba Rutyazo uri kuri umwe mu misozi ine yo muri komine Mwakiro, intara ya Muyinga ibangamiwe n’ubusuma kubera ubukene bw’abajejwe umutekano. Akarwi k’abasuma bitwaje ibirwanisho kamaze iminsi kagisibije kuri uwo mutumba, bigaca bigorana kugatuza, kuko abo basuma bahejeje gusahura abanyagihugu baca binyegeza mw’ishamba rya Ruvubu.

JPEG - 165.9 ko
Komine Mwakiro ifise abaporisi batarenga 23

Muri iyo komine ya Mwakiro, abajejwe umutekano bahakorera bose hamwe ntibarenga 23, ico gitigiri naho kikaba ari gito cane nk’uko bivugwa n’abanyagihugu. N’ikindi gisongera isibe, n’uko n’abajejwe umutekano bahinduriwe aho bakorera badasubirizwa n’abandi.
Abanyagihugu bo muri iyo komine basaba abajejwe intwaro ko bokwongereza ico gitigiri c’abajejwe umutekano kugira bashobore gutuza abo basuma babasahura utwo babiriye akuya.

Uwujejwe igiporisi mu ntara ya Muyinga amenyesha ko bagiye gukorera hamwe n’abajejwe intwaro n’umutekano, kugira barabe ingene igitigiri cokwongerezwa, kuko nawe nyene yiyemerera ko abahari badakwiye.


Egide Nduwimana

Messages

  • Ntabwovyaribikenewe komurindakuvuga canke kwerekana igitigiri nyenizina caba polisi bakorera muri commune, mwarikuvugako aba polisi aribakeyagusa, ahoniho tubaturiko turatanga abakuru yigihugu dukunda vyukuri tutifuza ko twokigambanira.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.