Accueil > Amakuru > umutekano > Mwaro : Abantu babiri baguye mu gitero
Mwaro : Abantu babiri baguye mu gitero
mercredi 25 Rusama 2016, par
Abantu bitwaje ibirwanisho bakoze igitero ku nzu y’ubudandaji bw’ibinyobwa vya BRARUDI mw’ijoro ryo kuri uwu wa kabiri muri komine Ndava, intara ya Mwaro. Abantu babiri nibo baguye muri ico gitero, abandi bane barakomereka.
Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, OP1 Pierre NKURIKIYE avuga ko hari nk’igihe c’isaha imwe n’iminota mirongo ibiri, aho abantu bitwaje ibirwanisho batera ubunywero buri muri komine Ndava, intara ya Mwaro, bica umuporisi umwe w’intwazangabo, hamwe n’umunyezamu umwe. Abandi bantu batatu barakomeretse, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi akamenyesha ko abateye ari abasuma bagiye bivye n’amafaranga atamenyekanye igitigiri.
Abakomeretse baciye bajanwa kuvurirwa ku bitaro vyo mu Kibimba, abakoze ico gitero bakaba batamenyekanye.
IGIHE
Messages
25 Rusama 2016, 09:58, par habanabakizejeanclaude@yahoo.fr
MBEGA ABO BANTU BICANA NTIBOHAGARIKA UBWO BWICANYI EREGA IMANA IZOBAHANA KUKO BICA IKIREMWA MUNTU CAREMWE NAYO
25 Rusama 2016, 11:23, par SIBOMANA
NAMWE MWABADEDE KUBERIKI MUTI CUNGERA NIBURIBURI UMUTEGETSI ABAPORISI BATANDATU MUKAZUBARA BARABAMARA ACA UZEMBE
25 Rusama 2016, 12:34, par emanuer
NONEABOBATERAIBITEROKOBAGOMBAKUDUTOBERAUBURUNDIENDAONIBAZEUTUBANEMUBURUNDIBWACUTWOYEKUGUMATUYERERADUHENDWA
25 Rusama 2016, 12:50, par Buda
Nkurikiye ntaco ushaka guhenda abantu.Shobuja ryari yatanze amezi abiri ehe none intwazangabo zisubiye kwicwa nkaba civiles.Bitayeko na Colonel Rufyiri nubwo yari umu kukuruke arashwe ryaka.Emera mwemange ko igihugu kiri mu ntambara kuko na Buyoya yabanje kwidadira uko nyene ngo ni abasuma.Ico nosaba ahubwo ni uko Petero Nkurunziza ubwiwe yotanga imihoho kimwe na Bunyoni kuko bahenze abanyagihugu incuro nyinshi ngo umutekano ugiye kugaruka none vyanse.Icaha ca Trahison nico ndabagiriza
25 Rusama 2016, 12:59, par CLAUDE
EREGI MANA IZOBAHANA BATAGIRA GITABARA KUMBURA MWIHANE YESU ATARAZA AMAZE KUZA MUZICUZA MWEBWE MWESE MWICAANA KUMUNTU WESE AFISE AGATIMA KOKWICA IMANA IZOMUHANA YIHANUKIRIYE SOMA ZABURI 50:26 KUMANUKA USOMA
25 Rusama 2016, 16:20, par Unifier
Abo ni abasuma kandi abasuma ntaho batari n,iburaya bariba umwanya uwo ariwo wose bazofatwa , turemeshe abantu ko ubu hariko harategurwa inzira zoose zishoboka n,ubuhinga k,uburyo twifashishije uwishwe canke yakomeretse tuzoca dufata uwabikoze ivyo vuba biratangura kugirango uwuzofatwa atazoronka ico yireguza
25 Rusama 2016, 21:25, par J.Marry
Mbega Se Barundi Koyatanze imisi 30,mbega, ubwicanyi buzorangira? bunyoni avuga ko ata ntambara ziriho, nabobirigwa baragandagugwa.nibemere ko intambara iriho.
25 Rusama 2016, 21:43, par Jean marie
non mis yos ko bavuga ngo nabasuma.Barara neza ko biragoye gusobanura.
26 Rusama 2016, 17:26, par bernard
I mana nitabare
28 Rusama 2016, 07:05, par Hutsi
@Jean Marie, nabasuma canke nabagizibanabi,twongeyeko aba terrorist (abaterabwoba)
Nawe namba nihenze bahirindizina dufashanye kubahikibanza ubona kibabereye.
28 Rusama 2016, 23:16, par KANYABWENGE
MBEGA KO TWAMA TWUMVA BATEYE KU BUBARE HANYUMA NTIHAGIRE NUMWE AFATWA?HA !!!BIRAGOYE.MANA GARUKIRA UBURUNDI.