Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mwumba : Ishirahamwe Inkingi y’amahoro rirafasha mu gutsimbataza (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Mwumba : Ishirahamwe Inkingi y’amahoro rirafasha mu gutsimbataza (...)

Mwumba : Ishirahamwe Inkingi y’amahoro rirafasha mu gutsimbataza amahoro

jeudi 25 Mukakaro 2013

Ishirahamwe Inkingi y’amahoro ryo muri komine Mwumba, ryihaye intumbero yo gushigikira indirimbo mu ntumbero yo gufasha mu gutsimbataza amahoro. Abagize ishirahamwe Inkingi y’amahoro rero bakaba batoye imvyino nka kimwe mu vyofasha gutsimbataza amahoro mu banyagihugu.

Iryo shirahamwe rero rigizwe n’abakuze hamwe n’abana ndetse bamwe bamwe bakaba bakiri mu mashure y’intango n’ayisumbuye. Ku bw’umunyabigega mw’ishirahamwe Frédiane Zirikunama, avuga ko abanywanyi barihurikiyemwo co kimwe n’abandi bataririmwo bose barivuga neza ko rifasha mu bikorwa bitandukanye, nko gutsimbataza amahoro, mu mibano no kugarukira indero y’urwaruka. Atanga akarorero k’impfumvyi zihakura akanyamuneza mu gihe baba bariko baratamba canke baba bariko baravyina.

Ku bijanye n’ukwo iyo hageze gutegura imvyino bitoba vyonona ibindi bokorwa biba bikwiriye kurangurwa kuri uyo munsi, uwujejwe ivy’ubutunzi muri iryo shirahamwe avuga ko ivyo vyose bivana n’ukwitunganya kwa buri muntu wese, kuko umunywanyi wese azi umunsi wo gutegura arico gituma ataco vyica. Mw’’iyinga bafata iiminsi ibiri yonyene yo gutegurirako, vyumvikana ko ataco vyokwonona mu bindi bikorwa. Iryo shirahamwe rero rikaba rifasha urwaruka kuko bituma hako baja mu bintazi, ahubwo baca baheza bakitabira cane ibikorwa vyo mw’ishirahamwe, kuko bamarana amasaha abiri.

Ikindi, indero y’abana bari mw’ishirahamwe iba icungerewe neza ku buryo n’abavyeyi babo atagatima gasimba. Inyuma yo gutegura imvyino, abari mw’ishirahamwe baraheza bagafata umwanya wo guhanurana n’ukwigishanya. Umupfasoni Zirikunama avuga ko kenshi ibibazo bakunda kwigishanya biba vyerekeye ukurwanya ikiza ruhonyanganda sida, kugira ubugeni budaciye mu mategeko (Gucikira), n’ibindi. Kubw’izo mpanuro baha urwaruka mw’ishirahamwe, bituma abavyeyi babo babizera rwose.

Umupfasoni Zirikunama aheraheza asaba abanyagihugu kubandanya batsimbataza ibikorwa bishigikira amahoro kugira iterambere naryo ritsimbatare mu gihugu. Umuntu wese yogira ikintu aokora mu ntumbero yo gutsimbataza amahoro aho aherereye.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.