IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Ngagara : Abantu batatu bagiye mu misa y’uwapfuye bahagaritswe

Ngagara : Abantu batatu bagiye mu misa y’uwapfuye bahagaritswe

mercredi 4 Munyonyo 2015, par egide

Igiporisi c’Uburundi cahagaritse mu gatondo ko kuri uwu wa gatatu abantu batatu bari bagiye mu misa y’uguherekeza umunyagihugu wo mu Ngagara aheruka kwitaba Imana.

Mu gihe bariko baja kuri paruwasi yitiriwe umweranda Yozefu Mweranda mu Ngagara mu misa y’uguherekeza NSENGIYUMVA Auxance Ulrich, umunyagihugu wo mu Ngagara yitavye Imana kuri uwu wa 30 Gitugutu 2015, imodoka yarimwo abo bantu bafashwe yarashwe amapine n’abaporisi bo mu rwego rucungera inzego (API : Appui pour la protection des institutions) bari mu muduga wo mu bwoko bwa Pick-Up.

JPEG - 71.8 ko
NSENGIYUMVA Auxance Ulrich, umunyagihugu wo mu Ngagara yitavye Imana kuri uwu wa 30 Gitugutu 2015

Abantu batatu bari muri iyo modoka yarashwe amapine baciye bafatwa n’igiporisi. Muri abo bafashwe harimwo umupfasoni azwi kw’izina rya Joselyne NAHIMANA yoba yagirizwa ko yafashije mu kugaburira abagize imyiyerekano mu Ngagara yiyamiriza ikiringo ca gatatu. Uwundi yafashwe ni uwitwa Yves IRAKOZE, bompi baba mu Ngagara. Iyo modoka abo bafashwe barimwo yaciye itwarwa nayo nyene n’igiporisi.

JPEG - 26.3 ko
Joselyne NAHIMANA batazira JOJO

Abo bafashwe bari bagiye ku maziko ya NSENGIYUMVA Auxance Ulrich, umunyagihugu wo mu Ngagara aheruka gusezera isi, uwo nawe akaba yari imbere mu bagize imyiyerekano y’ukwiyamiriza ikiringo ca gatatu.


IGIHE

Messages

  • Wasanga uwo Nsengiyumva yari mubateraga grenades. None ko mutavuga icyamwoshe. Ba Sindumuja murasetsa

  • Erega uyumwaditsiawe yatanguje urugamba rwokurementanya iyoyoyandika injury, uravunikira ubusa mugenzi ivyovyakorakeracaneee Yezu ataritangira abanyavyaha ku MUSARABA wihane kuko ubwami bwomwijuru burihafiyawe.

  • Ntajoro Ridaca,kandi Bibuke Kw’aha Turi Har’abandi,imana Niyakire Iyo Nzir’akarengane,ndahojej Umuryango Wabuze.@

  • Turahojeje imiryango iriko irahekurwa,ni vyo binwamaraso ataco bibanga. none biraciyeyingani umuntu wese atari mwuwo mugabwe wi binwamaraso,aca aciswa kubuhomba? unweni gihugu afise uburenganzira bwokuja mumugabwe,ashatse, kwiyamiriza ivyabona bitagenda neza,kuja mwidini yiyumvamwo, nti yocahirwa buhongo. nibukije abotwahora tuyaga ndababwira ivyabobagabo mumyaka iheze,mukampinga noneho muriko muvyibonera. ntu yumugabo atamba murusengero nikoti akamanika kurutugu,nti nizira yabonye ashora gucamwo kugira yi kwegereko aba kristo go banezerwe ko baronse umukuru wigihugu akunda Imana, jewe nababwiye nturya ntimuzi numwicanyi wa mbere abaho. none mwabonye ivyo ariko arakora. ahura nabaherekeje amayiti akarasa, abavuye kumaziko akarasa. nda bazi rirya kundi ryose nikorabara,noneho muramaze kumva ivyobamaze gutanga kwabenigihugu bomugisagara ca Bujumbura kitabashigikiye mumanyanga yabo kobagiye kubahonya bose.

  • Ahubwo bibazango ni93 utwo twamujeri tuba cibitoke ,ngagara ,nyakabiga,musaga tuzokwemera ryari? Reka badukorereko ko bibaza ngo polisi yacu ngo ninkavyabitutsi vyimizuru vyabo bita njandarumeri PNB komera.

  • Yemwe Uburundi Bugeze Ahatemba!!Birakenyey Ntumuntu Azirekugaburira Abashonje?Jojo,yakoze Iby’imana Idutegeka!Rero Umuntu Apfuye Ubu Ntakumushigira??Mana Raba Ugarukire Uburundi!Bugezekure!Kand Imana Yarikwiye Gukubita Igipolice Kikamenyako Umuntu Arinkuwundi.

  • None ko tuzi ngagara ibamwo incabwenge nyishi,barakenyeye babike ikara mumpuzu?aho ntimwotanga izo nkoho mutunze mukanashikiriza nizo nkozi zikibi munyegeje bakazikorerako? birabasha ntimuzorire mundaba.

  • None ko tuzi ngagara ibamwo incabwenge nyishi,barakenyeye babike ikara mumpuzu?aho ntimwotanga izo nkoho mutunze mukanashikiriza nizo nkozi zikibi munyegeje bakazikorerako? birabasha ntimuzorire mundaba.

  • Ba mwandika nkabambaye umubiri kandi batiremye. Bantu mwuzuye umutima w’amacakubiri muragowe kandi muragoresheje igihugu.Imana uko yaremye umuhutu niko yaremye umututsi, none mugomba gushiranahe. abagiye mw’ishamba bakiranira ubutungane, ubu bari imbere mukubutosekaza, ntabujuju busumbaubwo. hama usangwa polisi iriyo kuza kwica abanyagihugu, rurarya ntirumarira Imana, ejo bazicuza. Mana garukira Uburundi, uburonse abatware bakunda abo batwara, abavyeyi bavyare baheke, nyiginyura ibishetani vyiganziye uburundi. Ganza Mana Rurema. Amen, amen, amen

  • uyomugore nawene asanumwicayi nawe nibamwicetu agiricoyubaha

  • Mana Tabara Uburundi Ngabahutu Ukwabo Ngabatutsi Ukwabo Ewe Nkuru Urinkorabara Ahubona Abarundi Turagowe Kweri

  • Mujamubi wiyise mututsimwiza,ngo ntibavuze icyamwoshe? Babivuze niwe udashaka kuvyumva wumva ivyo ushaka,yahitinywe n,amasasu harikindi washaka?Mugabo azibiye iciwe cobo gwawe kiracasamye!

  • babuzekubamena.imitwe.iyomihinbiri.yigira.ibihangange

  • babuzekubamena.imitwe.iyomihinbiri.yigira.ibihangange

  • BA Sindumuja niba murambiwe amahoro mwese ni mujye mu Rwanda musangire impungure nabanyamurenge murebe uko ubuhungiro buryana hanyuma igisagara gituzwemo abandi. uwo niwo muti. None ko mushaka kurimbura abahutu muragira ngo bo si abantu

  • ariko abarundi murarwaye kabisa iyorMwirirwa mumena amaraso yinzirakarengane MUKISHIMA mubona mutaniyehe NAGAHINI .no murwanda interahamwe zanweye amaraso yabantu namwe uwo numumvumo zY77S7

  • Emwe Ivyuburundi Biragoye pe!None Ninde Azotorera Umuti Ibibazo Vyuburundi?Nihatari!

  • Emwe Ivyuburundi Biragoye pe!None Ninde Azotorera Umuti Ibibazo Vyuburundi?Nihatari!

  • NDASAVYE AMAKUNGU INGANDA ZIGATIKIRA BARIKO BARARABA TWEBWE ABARUNDI TUZOBIHARURA KUMAKUNGU VYABA ABIRORE SINSHOBORA KUMVA INGENE BASHOBORA GUTANGA KO HAGIRA HAKORE INDEGE ZA AMAKUNGU MUKICECEKERA NUMUBABARO DUHONE ABARUNDI MUTUBONA?VAHASI MUDUTABARE KUBONA BASIGAYE BAKURA IMITIMA MUBANTU BIRABABAJE MANA TABARA.

  • ibintu biriko biraja muburvo

  • Ngagara ituwe n’abatutsi ba Sindumuja bahunze urwanda 59. Abana babo bari munkotanyi mu Rwanda nibo bishe abahutu benshi murwanda muri 94. Iyo quartier ituwe nt’intagondwa. Kuyitwika byaba ari sawa kuko bagomba kwishyura amarorerwa bakoze.

  • Abarundi, muri bicucu murica abantu tu!na Nkuruzinza wanyu inzo Nterahamwe bazazica ibyobakora byose birazwi kdi nababikora turabazi

  • Uburundi Bwabaye Somalia Ewe Mana Tabara Abawe Barikuzira Ubusa Turindire Tuzoraba.

  • Uburundi Bwabaye Somalia Ewe Mana Tabara Abawe Barikuzira Ubusa Turindire Tuzoraba Nkuwo Mumaman Azirik?Nibamureke Yirerere Abana.

  • Umuryangowe wihangane? kandinawe imana imuhe iruhuko ridashira! Imwakire mubayo amen

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.