Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ngagara : Ikiziga c’umuntu yishwe ucumiswe imbugita mu mutima (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Ngagara : Ikiziga c’umuntu yishwe ucumiswe imbugita mu mutima (...)

Ngagara : Ikiziga c’umuntu yishwe ucumiswe imbugita mu mutima catowe

vendredi 9 Gitugutu 2015, par egide

Abanyeshure bo kw’ishure ritoya ryo mu Ngagara ya 2 ntibakurikiranye ivyigwa kuri uwu wa gatanu, batekewe n’ubwoba kubera ikiziga c’umuntu w’umugabo basanze iruhande y’uruhome rw’ishure, baca barataha.

Ico kiziga c’umuntu yishwe catowe aho mu Ngagara, hafi y’ishure Kaminuza ryitiriwe umwizero wa Afrika (Hope Africa University), bikaba vyaboneka ko abamugandaguye bamucumise imbugita mu mutima, aca yitaba Imana. Umuvugizi w’igiporisi Pierre NKURUKIYE akaba yemeza ayo makuru y’ico kiziga catowe, akaba yamenyesheje ko gushika mu gatondo ko kuri uwu wa gatanu, uwo muntu atari bwamenyekane, mu giporisi bakavuga ko amatohoza yaciye atangura kugira bamenye uwo muntu uwariwe, bamenye abamugandaguye n’ingene bamugandaguye, hanyuma barondere izo nkozi z’ikibi zishikirizwe ubutungane.

Naho mu giporisi bamenyesheje ko batari bwamenye uwo muntu, Rémy Barampama, musitanteri wa komine NTAHANGWA yishikiye muri ico kibanza ahatowe ico kiziga, akaba yamenyesheje ko uwo yagandaguwe yari umusazi, ko yahora yirirwa arayerera muri karitiye ya Cibitoke.

Rémy Barampama, musitanteri wa komine NTAHANGWA agasaba abanyagihugu gukorana n’igiporisi mu kudoma urutoke ku banyagihugu batunze ibirwanisho batabifitiye uruhusha, kugira umutekano ukomezwe.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.