IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Ngagara : Umukozi wa RTNB yagandaguwe hamwe n’umuryango wiwe (...)

Ngagara : Umukozi wa RTNB yagandaguwe hamwe n’umuryango wiwe wose

mercredi 14 Gitugutu 2015, par egide

Umukozi w’insamirizi n’imboneshakure y’igihugu (RTNB : Radio Television Nationale du Burundi) yagandaguwe arashwe, mu Ngagara karitiye ya gatatu, ku mugoroba wo kuri uwu wa kabiri.

JPEG - 8.7 ko
Christophe NKEZABAHIZI yafata amasanamu kuri RTNB (Radio Télévision Nationale du Burundi)

Nk’uko bivugwa n’abari aho ibara ryabereye, Christophe NKEZABAHIZI yarashwe n’abaporisi bacungera inzego (API), akaba yagandaguwe hamwe n’umuryango wiwe ugizwe n’umutambukanyi wiwe, n’abana babiri, umwe w’imyaka 14 uwundi w’imyaka 16.

JPEG - 17.1 ko
Abana ba Christophe NKEZABAHIZI, umwe yari afise imyaka 14 uwundi nawe 16

Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, abicishije ku rubuga ngurukanabumenyi rwiwe rwa Twitter, yamenyesheje ko intango ya vyose ari abaporisi babiri bari banyurujwe aho mu Ngagara, bararaswa, umwe arapfa uwundi arakomereka. Haciye haba ugukurikirana abo barashe abaporisi, Pierre NKURIKIYE akaba yavuze ku mugoroba ko kuri uwu wa kabiri ko hari hamaze gupfa abantu bashika batanu. Muri ubwo butumwa bwiwe kuri Twitter, Pierre NKURIKIYE avugira igiporisi c’Uburundi akaba atatomoye abo bantu batanu bamaze kugandagurwa abaribo, canke abo bariko bararonderwa kuko bari banyuruje abo baporisi abaribo.

Inyuma y’ivyo vyabaye mu Ngagara, harumvikanye amasasu menshi cane mu makaritiye yo mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura, tukaba tutarashobora kumenya ibindi vyononekaye muri iri joro ry’umunsi wa kabiri rishira uwa gatatu, ijoro risa n’iryabaye rirerire ku banyagihugu bo mu Ngagara, Mutakura na Cibitoke. Mu gatondo ko kuri uwu wa gatatu, ikaritiye ya gatatu yo mu Ngagara yazindutse yugarijwe n’abaporisi benshi, akaba ata munyagihugu yari arekuriwe kwinjira canke gusohoka.


IGIHE

Messages

  • Dans la jingle la raison appartien au plus ford, Iyo ata tegeko awatabara akaba ariwe yihorera, aba police bapfa gusumba abanyagihugu, BOTABAYE BAZA BICA IGIHUMEKA COSE, erega kwihora bimara umurwango nti bizana amahoro BUNYONI ARIHENDA. Raba muri RCA (Centrafrique), kwihorera ni ko kwononye igihugu kugeza kibaye uku! CNDD_FDD Nabo bakorana bari bakwiye kuhakura icigwa. Kugara quartier ngo abantu bicwe ni nzara si umuti kuko police ntihimukira kandi za cibitoke jabe babikoze kenshi none nta nkoho zihavugira???Mbe ngo ni uguhana abemeye ko abarwanyi barasira i wabo???none wewe wobankira gute?nkande?mbe baba bakubajije ngo tuze gukorera ngaho?ck nabo bumva inkoho zivuga gusa:

  • Abatutsi ubutegetsi burabamaze, mbe police icungera umutekano ngagara, cibitoke na mutakura honyene, AU yabasavye kwaka ibigwanishoimbonerakure none baciye babona akaryo ko kuja guhonya abatutsi mumakaritiye yabo. turakwiye guhumuka naho Ubundi ubu butegetsi bugira butumare

  • Nuku tutabona cank ngo tumenye ibiriko biraba iconzi neza nuko abafa 80% ninzira karrengan dusavy ko yaba cnard cank abayobok ba nkurunziza ni murek inyungu zanyu muh amahoro bene igihugu ndababaz muzodadika gushika ryari kweli muri gushira imitima mibi muri ben burundi babura ababo batarway ari kutaswa gusa ndabasavy ejo nitwahaguruka abanyagihugu nta muntu azodushobora turabasavy ni mupfe mwebw murek abanyagihugu sawa naw wigisha umu jeune gufata ikirwanisho sivyiza muh isuka aje kurima

  • Irihonyabwoko Nkurumbi Yateguye Ngontibicire Benshirimwe Ngobamarabatutsi Nkifuyimijira!!!Yaribeshe Imisiyigisuma Ni40 Iyabicanyi Ni25 Usigajigihegito Abobapfa Nivyemeza Kandinivyovyabona Kwisiyose Uzovunagugwa Utagiragitabara

  • Mana Garukira Igihugu Cacu,canecane Ukorere Mu Bategetsi N’igi Police C’uburundi.Karishe Ingani Bamare Abanegihugu aribo tunga ry’igihugu!!?amakungu nabavire hasi ahandiho azoza kubogora yasheje.uwo muvugizi w’igi police izo mvugo ziwe zishigira abo bicanyi biwe turazimenyereye,arik amenye ko bari kw’isi,kandi amarira batera abanyagihugu arashikira Umuremyi,impera N’imperuka Azobagarukako Be N’imiryango Yabo.

  • Imana Nidutabare Kweri Tugeze Kure.Twosaba Leta Kunyarutsa Ibiganiro Kugira Abarundi Turonke Amahoro Kuko Amaraso Amaze Kumeneka Ni Menshi.

  • Ahubwo ntanubwo kurahura afise none basanze uwaranyuruje abo bapolisi yaruwo mukozi wiradiyo yuburundi? Mwabatutsi mwe uyu ni mchezo wa ndani, rero nimugume muryamye namba itiro ritarahera musonga mufise itiro ariko bene itiro baraheze kera cane.

  • Abarundi twese harageze ko dushira hamwe tukabohora igihugu. Murakoze

  • Mukama Yezu tabara uburundi amaraso aguma aseseka amalira ni menshi umubabaro uratudweze. Nteze amaso wewe Nyiringabo wewe ushoboye vyose ndagutakambiye jewe umusavyi wawe tabara tabara baba abariko barica abandi bariko barikura mumugwi w’abantu baja mubikoko bagarure mubana bawe; abariko baricwa Muvyeyi bakingire uyu mwuka mubi n’uyu mugambanyi ariko asaba ishikinwa ry’amaraso y’abana bawe. Kubw’umwana w’umuntu birandengeye nico gituma ndakwambaje Muvyeyi. Ndabigusavye mw’izina ryawe ryera ndakwizigiye kandi ndindiranye ukwizera kwo muri wewe.

  • ihonyabwoko hamwe nihonya polices, ngo biteguye guhonya abapolice bose, reka entre abacangero ba anti 3ème mandant na bapolice abazotanga abandi guceceka, nuko ari ubukene nyene bwatumye utwo dututsi tutagira uburyo tubura iyo duhungira mumahanga none les gros tribalos tutsi biyemeje kuduhonga kunyungu zabo ngo niho bovugirwa bakabagabira igihugu ariko bamenyeko tubibona ruriye abandi nabo rutabibagiye, inkubisi yamavyi harya nayo irayikubitira nibatambe batarike bibazako politike yabo iriko itera imbere bihagaze kumivyimba yabantu. isi irazunguruka uyumuriro batsa numusi umwe ugatera iyobari n’imiryango yabo exemple russie, syrie et amerika, hoho ntibakoresha amagrenade bakoresha indege nzoraba iyo bazoca baja.

  • Stop enough is enough
    Iyi in individually genocide no doupt kubatutsi.kandi abahutu tutari aba extremists biratubabaza.kuki? Bat as igaje umwa? Canke umugore. Nabapolice bigihugu canke nabapolice nterahamwe. Kahise ntikubaka, batutsi,bahutu,batwa tutiyunze ngumwansi tumugwanirize hamwe,aba extremists ba nkurunziza baratumara. Ntibazokureka ngonuko uri umuhutu canke Tutsi or TWA. Kagame ntiyirigwe ariteranya namakungu mugutera uburundi. Ba petero nk barabuteye kagame yorindira akazoza aje gufata muminwe abazoba bataricwa na nk p. India mini ihumira injya.

  • IMANA NIYO CABONA ABATUTSI KWISIYOSE KANURA BURAKEYE ABAPOLISI NA BASODA MURIKO MUSHIRA AMARONKO IMBERE KANDI BAMAZE BENEWANYU MWACITSE ABAHUNTU RYARI? IVANGURE BWAKEYE ARUSHA BARAYIHONYANZE ABAHUTU PETER ARABAMARA KAMWE KAMWE. IMIRYANGO IRABAHERAKO MWIRARAMIYE MWABO BAHUTU SODA POLISI INTAMBARA PETER ARAYIREMBEJE ASIGAJE JEWE NAWEWE KANURA KOMERA

  • imana Nidutabare Kwer!

  • UH UBWO BWICANYI BWOSE BURI KUGATWE KA NKURUMAI HAMA NAGOMBA NKEZE RWASA KUBA YARAGIYE MURI LETA MBERE ARANISAZIYE NTIYOSUBIRA GUHUNGA KUKO YAMAZE IMYAKA MYINSHI MWISHAMBA MBE ABO BAMWIDOGERA BOBO BAHAYE BAKORA IKI? EGA RWASA SIWE YAKWEZE INGORANE UWAZIKWEZE NI NKURUMBI HAMA AHO KWIDOGERA RWASA DUKWIYE KWIDOGERA GASPARD BARATUZA, EDOURARD NDUWIMANA ,PENERAL GACIYUBWENGE NA EX FAB BOBO BAFISE INKOHO BADUHEMUKIYE BAKANKA GUSHIGIKIRA General Wacu GODEFROID NIYOMBARE HAMWE YARI YAFASHE IYAMBERE MUKUTUBERA IMBONEZA MUKUGERAGEZA GUTEMBAGAZA NKURUNZIZA! UWUBIHAKANA YUKO EX FAB YAKUNZE AMAHERA GUSUMBA GUTABARA DEMOKARASI NINDE? MUGA BAZOTANGARA NIYO IZO NTERAHAMWE NIMBONERAKURE NIYO BAZOTANGURA KUGANDAGURA ABO BAHEMU BABA EX FAB BAKUNZE AMA DOLLAR AVA ZA SOMALIA GUSUMVYA UBURUNDI BWABO PETER AZOBEREKA YUKO ADAFYINA! BURYA NGO INKONI IKUBISE MUKEBUYIRENZA URUGO! MURI 2010 PETER YAGANDAGUYE ABA FNL EX FAB IRORERA UBU NAHO NIYO IGOMBA IGANDAGURWE NA PETER HAMWE ITOVA MWIZO NDOTO IRIMWO NGO IRWANE NA NKURUNZIZA !

  • ewe burundi bwacu urishwe n’abo wavyaye!!!

  • Abarundi bati WIGISHA UMWANA WUWUNDI KOGA BWACA AGATWAZA RWAWE bongera ati UMWANA W’IMBEBA YAZIZE URWANKO RWA NYINA, ibi namba ari reta iriko irabikora nuko BAGAZA yigeze kuvuga ati inkwi ntiwozishira kwivi ari umuganda ngo uzimare ahubwo ukuarmwo rumwe rumwe mpaka zose ziheze rero yavuga abahutu ko bakwiye guhona rero bigarutse kubwoko bwiwe namba yibaza ko abahutu atavyo bumva sinzi gusa amoko jewe ntiyontangaza na YESU vyaramushikiye hamwe numusamariyakazi no kuntwaro za CAMI amoko yariho aho abahutu ntajambo bagira ahubwo batotezwa reka tubihe imana mugabo aha ibi vyose ubwoko bwikunda biri muvyerekana ko isi yaheze

  • Uwuvu ukuri arakuzira muburundi turabimenyereye

  • Ngiyo genocide bavuze ntimuze mubaze ibindi wagira za nterahamwe zaje kuri komande ya nkurumbi be nimbonerakure ziricaye ngo ki mcezo wa ndani

  • Ngiyo genocide bavuze ntimuze mubaze ibindi wagira za nterahamwe zaje kuri komande ya nkurumbi be nimbonerakure ziricaye ngo ki mcezo wa ndani

  • bamugiz uko k umusi wo kwibuka Rwagasore? Haa Emwee!!

  • Ewe Bwaje kera

    Ntabwo vyavuze Bagaza vyavuzwe na Micombero

  • Ewe Bwaje kera

    Ntabwo vyavuze Bagaza vyavuzwe na Micombero

  • Ewe Bwaje kera

    Ntabwo vyavuze Bagaza vyavuzwe na Micombero

  • MANA KORERA MU BATWARA UBURUND N’IGIPOLICE C’UBURUNDI.KARASHIZE INGANE ABARUNDI BAMARWE N’ABABUJEJWE?IGIHUGU BAGIHINDURE AKABURI?AMAKUNGU NAVE HASI AHANDIHO ABARUNDI BARASHIRA KANDI ARIBO TERAMBERE RY’IGIHUGU.ARIKO BAMENYE KO UWICISHA INKOTA AZOKWICWA N’IYINDI!

  • Mbega abo bicanyi bazohaga amaraso ryariIimana iturinde abo bicanyi

  • None wa kinywamaraso we wiyita ngo je suis burundais pas twa nibindi hari uwo Bagaza yishe? ko nivyo udedemba ngo yavuze ari irementanya ngo mubone ingene mubandanya kumara abantu. Ivyo mukora muzokwibuka kuyora mwasheshe; nta n umwe wigeze ahirwa no kumena amaraso na HITLER a mal fini kandi Imana irabona

  • Ewe Mana tabara abarundi ntiduhonerere rimwe! Haragezeko ugira ico ukora uwupfa apfe uwukira akire ariko amahoro agaruke mugihugu cacu. tabara Mana!

  • Abo bantu baraziriki kweri ko bona bica, Abatusti gusa

  • Please it’s enought it’s enought mbega agahinda muri gukora mw’ijisho ry’Uhoraho . Izobiyereka

  •  @Bazira
    Be n"abandi benshi mwipfuza ko ivyabaye mu rwanda biba i wacu,ntavyo muzopfa muronse kuko abarundi tuzi ubwenge.

  • TURAHAZE AMAJAMBO YA NKURIKIYE.NDAZEHWA YISHE ABANTU NGO AMATOHOZA YAMAZE GUTANGURA.TURASABA YICE HANYUMA AHORE VYOFASHA IMITIMA YACU.

  • Ni ryari Uburundi buzoruhuka kuba ubw’amaraso n’amarira?Bandanya musaba Imana Itugarukire ahandi ho turagowe.

  • Ewe Mana Kw Amarira Atubanye Meshi Nuturemesh Niwewe Ubishoboye

  • Igi Police Na Reta Vy’uburundi Vyabaye Ivumwe Kweri!None Amakungu Duhanze Amaso Arindiriye Iki Ngo Atabare Abarundi?Ico Bomenya Nuko Imana Yumva Amarira Bariko Batera Abarundi.None Bwabundi Dufise Abategetsi Bo Kumara Abanyagihugu Aho Kubakingira ?Igihugu Ko Gitezwa Imbere N’abanyagihugu ,kizohezwa Gitezwe Imbere N’abo Bahoneje Aribo Mivyimba?Ariko Uwicisha Inkota Azokwicwa Niyindi,babimenYE!

  • Guhohotera abandi biroha mugabo harogera igihe nabonyene bakora ubwicanyi barofatwa nubutungane atari ubo tumenyereye dusenge kumusi kumuri ico gihe kirogera twihangane

  • Birababaje kubona hakiri abantu bakigerageza kunyuruza abapolisi ku buryo abapolisi nabo baca bihora bakagandagura abo bategerezwa kugandagura.Ababuze turabahojeje.

  • Ewe Mana turababay! HARAGZ KUGIR IC UKORA KUKO ABANTU TWAHINDUY UBUSA AMATEKA YAWE.HA! N IMISI YANYUMA GSA N ISHA YAW ITARAGERA.TUKUMBUKE KWEL!

  • Hariho akagwi kabantu kabona ko umuntu ko ari inyamahaswa kakama kasheshe amaraso kandi ataco babaziza abarundi ntidusiba guhamba inzira karenganwe ikitavuzwe abapfakazi nifuvyi biciwe ababo batakigira ikibagarukirako Mana amaraso namosozi yamaze kurenga inkonbe tabara uburundi nbarundi

  • Yooo,yemwe ba polices reka ubwo bwicanyi mwica bene wanyu atar’umuvumo bozobazanira ntakindi. kandi harya uwakoz’amaraso y’intungane ntamahoro azoronka.enda rero gazaho, uwubatuma mwanke.

  • @fidelite
    "Be n"abandi benshi mwipfuza ko ivyabaye mu rwanda biba i wacu,ntavyo muzopfa muronse kuko abarundi tuzi ubwenge."
    Ewe mugenzi! Ivyabaye mu Rwanda muri 1994 ntaho bitaniye n’ivyabaye i Burundi muri 1972. Ahari ubudasa n’iko i Burundi abatanguye ihonyabwoko aribo bari bake mu gihugu, mu Rwanda naho ari igihushane! Amabi yahabereye hompi nico kimwe! Womenga ivyo bihugu vyavumwe n’Imana ntakundi ndibubivuge!

  • umuntu wikigoryi nka fidelite nawe yishyira mu bantu bazi ubwenge. uransekeje. ntakindi ukwiye. uragaswera nyoko .

  • nimba mu burundi hali abantu batatu nka fidelite . igihugu cyiragowe. kuko sindabona icyigoryi nkuru ruginga rwo gaswera nyina munnyo.

  • fidelite nikinyendaro byabindi banyina babyaliye kumuhana bitazi ba se. kiragaswera nyina.

  • @liLI
    Genda ushinyikire ahandi idiot.

  •  @jojo,aimé liLi
    Je vous emmerde autant que vous etes,nti bitangangaje udututsi mwarabaye udu PD(udutinganyi) .

  • @Bakari
    ivyo wavuze nivyo kandi ndabizi,ariko i burundi ntibizosubira turazi ubwenge.

  • Ewe Burundi Waragowe Ukiriko Ubumuntu Asigaye Ajana N’umuryango Aho Baratoyuti Twari Benshi Narirya Tugiye Guhera.

  • Ubwicanyibuhagararemuburundi

  • MWIHANGANE ABO MUMIRYANGO YABA BISHWE

  • MWIHANGANE ABO MUMIRYANGO YABA BISHWE

  • Mn vieux!! Rest In Peace!!! na twebwe ntaho mudusize turazi ko aha turi kurugendo!! Imana ibakire!!

  • Ico Niyumvira Nuko Pièrre Nkurikiye Yodusobanurira Neza Abo Bantu Batanu Bapfuye Kari Aba Police Nuko Arabanyagihugu Ariko Abo Bantu Badashaka Amahoro Mu Burundi Baragowe Bakagomba Kuguma Batyoza Umukuru W,igihugu Cacu Nyakwirambira Kubutegetsi

  • NIMWIHANGANE CANE NIKO BIMEZE.

  • Jewe mbona yuko ivyo bintu vyotoregwa umuti kuko rimwe na rimwe abaporisi nabonyene baracanamwo bakicana nibihangane kuko ntakundi niko bimeze ari sikobizohora yar celestin Butihinda Miyinga

  • umutekano Wuburundi Usigaye Ugoye Ubari Kumucungera Ubuzima Bwiwe Ni Bn Ba Bumwambuye Izonkozi Zi Kibi Zikurikiranwe N’amategeko.

  • nukuri muburund ntajoro ryokwijana ?Hadapfuye umunt abacunze umutekano bohabera magabo bakaraba aboba baje guhungabanya umutekano

  • Nukur birababaje caaane umuryango wabuze wihangane turabahojeje

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.