Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ngagara: Umuntu akora akazi ko kumwa yarishwe n’abantu bataramenyekana - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Ngagara: Umuntu akora akazi ko kumwa yarishwe n’abantu bataramenyekana

Ngagara: Umuntu akora akazi ko kumwa yarishwe n’abantu bataramenyekana

mardi 22 Nyakanga 2015

Umuntu umwe azwi kw’izina rya Vianney yarishwe arashwe n’abantu batatu bitwaje inkoho bataramenyekana,muri quartier ya 6 ya Zone Ngagara muri komine nshasha ya Ntahangwa iri mu buraruko bw’igisagra ca Bujumbura.

Uwo yishwe yari asanzwe akora akazi ko kumwa abantu,yarasiwe kw’ibarabara ryitiriwe Musenyeri Buconyori,hafi y’ubunwero buri ku bwinjiriro bwa Quartier ya gatandatu,arasirwa mu nzu yo kumweramwo aho yari asanzwe akorerera,aca aritaba Imana.

Amakuru ava aho mu Ngagara amenyesha ko hari nk’igihe c’isaha imwe ku mugoroba wo kuwa mbere igenekerezo rya 21 Nyakanga 2015,igihe abantu batatu bambaye amakoti y’imvura mare mare bashika barasa uwo muntu.

Abanyagihugu baba muri iyo quartier bavuga ko ubwicanyi busigaye buba buteye ubwoba,kuko buhitana abantu b’inzira karengane.Basaba ko umutekano wongererezwa amazi atararenga inkombe.

Mwomenya ko nkayo masaha nyene,hari uwundi muntu yarashwe muri zone ya Gihosha,ku bunywero buri ku metero nk’ijana z’ahari ibiro vya zone.Abajejwe umutekano bahashitse abakoze iryo bara bamaze kugenda.

Uwo yarashwe yari asanzwe ari umudandaza muri ubwo bunywero,akaba yaciye ajanwa mu bitaro bimwe vyo mu gisagara ca Bujumbura.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Ariko nkumuntu avuga ngo bongereze abajejwe umutekano babongereze gute kandi mubawuhungabanya umutekano barimwo igihe hoba ubucamanza bwukuri nabakuru bajejwe umutekano bakwiye kurenguka imbere y,intahe ariko umuntu yica umu coiffeur gayemwe sukuvumwa iconzi co ubwo butegetsi buriko bwisema buzoba nkubwa berushaza.

  • Ivyo n’ibikorwa bigayitse adolphe yigishije imbonerakure arko bigiy kubatekurukana

  • Wewe tubirabe, namba wewe udakeneye abajejwe umutekano tureke twebwe ababakaneye tubisabire maze wewe niwaza nabomufatikanije mwawamugambiwanyu wokwica abenegihugu bazobahashe ndumva aricowankako barwizwa kuko ubonako bokubangamira arinayompamvu ubitako aribobabangamye bazokubangamiranyene igihecose uzoguma ubangamiye canke ugeramiye abenegihugu.

  • MANA DUTABARE TWEBWE ABAWE TURAHONYE MANA RABA IGIHANO WOGIRIRA ABARI KUBUTEGETSI CANE CANE FRIMASON NKURUMBWA NABANDI NTAVUZE

  • Mwabinye bimwebita gusaba ugasabanabi maze ntiwishurwe? Akarorero nuyuyiyise Wambavye ntiwisabankukwo nguzopfewishuwe.

  • Mbega Kubwicanyi Buguma Bugwira Mana Tabara Uburundi Bugeze Habi Cane !

  • IMANA YO MW. IJURU NITABARE ABARUNDI

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.