Accueil > Amakuru > umutekano > Ngozi : Umukozi wa ONATEL yaburiwe irengero
Ngozi : Umukozi wa ONATEL yaburiwe irengero
jeudi 23 Ruheshi 2016, par
Dieudonné GAHUNGU, umukozi wa ONATEL i Ngozi arakwije iminsi itandatu atawuzi irengero ryiwe. Umuryango wiwe ufise amakenga ko yoba yaranyurujwe mu nyuma akagirirwa nabi.
Nk’uko bivugwa n’umuryango wiwe, ijisho rya nyuma ni iryo ku munsi wa gatanu, aho Dieudonné GAHUNGU yari ku kazi, nk’igihe c’isaha cumi n’imwe z’umugoroba. Umuryango wiwe wararindira ko ataha ariko ntibamubona. Barahamagaye kuri ngendanwa yiwe, ariko akaba ata n’umwe yitaba.
Bukeye ku munsi wa gatandatu, baragiye ku kazi basanga ibiro vyiwe biruguruye, n’ipikipiki yahora akoresha ikaba itari aho ku kazi.
Umuryango wiwe yararondeje mu busho bwose, yaba ubw’i Ngozi canke mu gisagara ca Bujumbura, ariko bakaba baramubuze.
Uwo muryango wa Dieudonné GAHUNGU umenyesha ko utewe amakenga n’uko yoba yaranyurujwe, ugasaba igiporisi hamwe n’abandi bose babishoboye ko bofasha kugira uwo mu yaburiwe irengero aboneke.
IGIHE
Messages
23 Ruheshi 2016, 11:41, par tari
Ubwo yagiye mu Rwanda. Ari i Mahama.
23 Ruheshi 2016, 11:58, par Keza Landry
pore sana Imana iruta vyos
23 Ruheshi 2016, 14:27, par KOKO!!
None ko umengo harimwo amahinyu!! Ngo basanze ibiro vyiwe vyuguruye, imoto yagenderako atayo. None ho iyo moto yarabonetse? Ubwo ntikwabaye kugenda ahantu ukagenda utwaye nico wakoresha?
23 Ruheshi 2016, 15:15, par tari
Ndongeye kwiyamiriza iyimburakimazi iza iranyiyitirira mugushikiriza ivyiyumviro jewe ntaho mpuriye nivyiyumviro vyabicanyi ikizwico nuko atari agaseseshwa rumuri abanyuruza abantu ntabandi atari abakozi bo mwiperereza igiporisi imbonerakure nabandi ntarinze kudondagura bomurako karwi kabicanyi ba nkurunziza
27 Ruheshi 2016, 12:30, par tari
Mugabo nje tari ndi umugwayi wo mumutwe niyo mpamvu ntuka Nkurunziza iyo ntaranywa Imiti yacu kwa legentil.
Murantunga. Sonzongera
27 Ruheshi 2016, 22:17, par Mutanga
Uyu TARI ni umusazi koko . Ntaciyumviro kizima agira keretse gucafuza uburundi. Ni igikwangari mumutwe nka kiramvu.