Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ngozi : Umusirikare w’Uburundi yahitanwe na Gerenade yari afise - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Ngozi : Umusirikare w’Uburundi yahitanwe na Gerenade yari afise

Ngozi : Umusirikare w’Uburundi yahitanwe na Gerenade yari afise

mardi 14 Ruheshi 2016, par Egide NDUWIMANA

Abantu babiri bahitanwe na gerenade yaturikiye imbere y’ishure ritoya rya Ngozi ya kabiri, mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri, mu gisagara ca Ngozi. Abandi batanu nabo bakaba bakomeretse cane. Muri abo bitavye Imana, hakaba harimwo umusirikare w’igihugu c’Uburundi, ari nawe yari afise iyo gerenade.

Hari igihe c’isaha zibiri n’iminota mirongo ibiri z’agatondo, aho gerenade yari ifiswe n’umusirikare akorera mw’ikambi y’i Ngozi yaturika, imbere y’ikirindiro c’abunguruza abantu ku makinga. Iyo gerenade yari mu mufuko w’ikoti y’uwo musirikare Caporal NTUNZWENAYO Christophe, akaba yaciye yitaba Imana aho nyene. Uwundi yahasize ubuzima ni umunyagihugu yakora akazi ko kwunguruza abantu kw’ikinga, akaba yari hafi y’uwo musirikare.

Abandi bantu batanu bagizwe n’abanyeshure babiri hamwe n’abunguruza abantu ku makinga batatu bakomeretse bikomeye, bakaba bariko bavurirwa mu bitaro bikuru vy’i Ngozi.

Imbere y’ikiziga c’uwo musirikare Caporal NTUNZWENAYO Christophe hakaba hari iyindi gerenade yari hafi guturika, igiporisi kikaba caciye kiyituritsa kugira ntiyihe inkumbi.

Amakenga ni menshi kuri ivyo vyabaye, abanyagihugu bamwe bati ryoba ari isanganya, abandi bakiyumvira ko uwo musirikare yashatse kwiyahura, abandi nabo bakavuga ko yoba yari agiye kuyitera ahantu canke ku bantu batamenyekanye.

Albert NDUWIMANA, Buramatari w’intara ya Ngozi akaba ahumuriza abo banyagihugu, akabasaba kubandanya babungabunga umutekano.

Uwundi muntu umwe yaraye ahitanwe na gerenade yari afise, mw’ijoro ryo kuri uwu wa mbere, muri zone Kanyosha, kw’ibarabara rya kane, mu gisagara ca Bujumbura. Iyo gerenade yarakomerekeje abandi bantu batatu nk’uko bimenyeshwa na OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi.

Iyindi gerenade yatowe itaraturika muri zone ya Buterere, kw’ibarabara bita kw’Isamariro. Igiporisi c’Uburundi kivuga ko ari umuntu ashobora kuba yari ayifise, ariko abonye abajejwe umutekano agaca ahitanwo kuyishira hasi.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.