Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Nigeria : Umukuru w’igihugu yatabaje amakungu
Nigeria : Umukuru w’igihugu yatabaje amakungu
lundi 5 Rusama 2014
Inyuma yaho abakenyezi bo mu gihugu ca Nigeria bagiriye imyiyerekano basaba ko abana b’abigeme bafashwe n’abarwanyi bo muri boko haram borekurwa, umukuru w’ico gihugu yatabaje amakungu.
Umukuru w’igihugu ca Nigeriya Goodluck Jonathan akaba yasavye Reta zunzubumwe z’Amerika gukora ibishoboka vyose, zikaja kubafasha gutuza izo ntagondwa zihurikiye mw’idini rya Islam, zica zikuzako abanyagihugu. Avuga ko bakeneye n’imfashanyo y’ibindi bihugu bibanyi canke vya Buraya, kugira bize kubafasha, mu gihe aba boko haram barembeje abanyagihugu b’inzirakarengane.
Bimwe mu bihugu nk’Ubufaransa, Ubwongereza, Ubushinwa, Cameroun, Tchad, Niger na Benin vyoba bimaze gusabwa na Reta ya Nigeriya ko bobafasha mu kubakurako izo nkozi z’ikibi. Umukuru w’ico gihugu rero, akaba yagaragaje agashavu, kuva aho abigeme bagera kuri 223 banyururijwe n’abo barwanyi bakuwe ku mashure, aho bivugwa ko boba ndetse bagiye gukorerwa ibikorwa bigayitse vy’ugushurashuzwa ku nguvu
Aristide Nizigire
Messages
5 Rusama 2014, 15:17, par minani
UWUTABAJE SI MUBI AMAKUNGU NAHAGURUKE AMUKUREKO ABO BAGOTORANYI UMENGO BARAROZWE. NONE NGO BIPFUZA IKI KO BAKURA KU MASHURE ABANA BAKAJA KUBAKORERA AMARORERWA? AHUBWO IYO BIBA VYASHOBOKA NAJE NOGIYE KUBATABARA NUKO NTOKWIJANA LETA ITANDUTSE. EREGA N’AKAMENYO NONEHO!
6 Rusama 2014, 11:32, par gakuza
jewe ntangazwa nubutegetsi bwomuri bino bihe,gusaba amakungu yuko yobaha abasirikare siwo muti wintambara,ahubwo bokwicara hamwe bagakemura ikibazo nimba urubwo butegetsi bapfa bagaburamwo kabiri bose bakanganya hamwe nigisikare bakavanga nabo bagwana niwo muti wintambara kutabaza amakungu sico kibazo....