IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Ntawuramenya uwuvuga ukuri hagati ya Reta na ONU ku kibazo c’ibirwanisho (...)

Ntawuramenya uwuvuga ukuri hagati ya Reta na ONU ku kibazo c’ibirwanisho vyatanzwe

vendredi 11 Ndamukiza 2014

Abashikiranganji batatu bose bo muri Reta y’Uburundi bahuriza kukuvuga ko ivyashikirijwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ko Imbonerakure ziriko zihabwa inkoho ari ikinyoma. N’aho batashize ahabona ivyemeza vy’ukubeshuza ayo makuru ya ONU, bagarutse kuguhumuriza gusa.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryarasohoye urwandiko rwo mw’ibanga bashira ahabona amakuru y’urwaruka rw’Imbonerakure za CNDD FDD rwahawe ibirwanisho na bamwe mu ntwazangabo z’igisirikare c’Uburundi. Inyuma y’iminsi ibiri gusa ayo makuru atanguye kuvugwa, abashikiranganji batatu bajejwe umutekano bahagurukiye rimwe, mu kiganiro bahaye abamyeshamakuru, biyamiriza ivyo vyashikirijwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU. Général-Major Pontien Gaciyubwenge, umushikiranganji w’ukwivuna abansi, Gabriel Nizigama, umushikiranganji w’umutekano hamwe na Pascal Barandagiye, umushikiranganji w’ubutungane, bose bahuriza kukuvuga ko urwandiko rw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ari ikinyoma gifise iyindi ntumbero, n’aho habonetse ukuvuguruzanya kuri iyo ntumbero bavuga y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Abashikiranganji ba Reta imwe basa n’abadasangiye imvugo

Général-Major Pontien Gaciyubwenge, umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi avuga ko ayo makuru y’itangwa ry’ibirwanisho rivugwamwo bamwe mu bihangange z’intwazangabo z’igisirikare c’Uburundi atangwa na bamwe mu banyeporitike b’abarundi bashaka gucanishamwo inzego za gisirikare, akaba mbere yavuga asa n’uwubakarira. Mugenzi we Gabriel Nizigama, umushikiranganji w’umutekano we avuga ko ayo makuru ari ayajanye n’umwanya udasanzwe w’amatora Uburundi bwiteguriye kwinjiramwo, mu gihe Pascal Barandagiye w’ubutungane avuga ko ari intumbero ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryamanye, ryo gushaka ko ubutungane mpuzamakungu buzanwa mu Burundi, ivyo ababivuga yisunze ivyaheruka kuvugwa n’iryo shirahamwe nyene ku bijanye n’ubwicanyi ndengerabutungane (exécution extrajudiciaire) bwakozwe inyuma y’amatora yo mu mwaka w’2010, abantu baragandagurwa, abandi batorwa ibiziga mu nzuzi n’ahandi.

JPEG - 29.5 ko
Général-Major Pontien Gaciyubwenge, umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi avuga ko ayo makuru atangwa na bamwe mu banyeporitike b’abarundi bashaka gucanishamwo inzego za gisirikare

Reta y’Uburundi yoba yaragize amatohoza akwiye, canke yatekewe n’ubwoba?

N’aho Gabriel Nizigama, umushikiranganji w’umutekano yemeza ko ivyegeranyo bafise biterekana ko Imbonerakure za CNDD FDD ziriko zirahabwa ibirwanisho, Pascal Barandagiye, umushikiranganji w’ubutungane we avuga ko ico cegeranyo c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU amaze iminsi ibiri gusa akironse, bigatanganza ingene amatohoza yoba yamaze gukorwa muri uwo mwanya, bikaba bitumvikana ingene bobeshuza ku makuru atarakorwako amatohoza. Mu gihe abo bashikiranganji babiri bashikiriza ko bariko barabeshuza, Général-Major Pontien Gaciyubwenge, umushikiranganji w’ukwivuna abansi yamenyesheje ahubwo ko muri ico kiganiro bariko barahumuriza gusa kuvyashikirijwe.

Muri iryo tangwa ry’ibirwanisho, havuzwemwo Général de Brigade Nduwumunsi (umuyobozi mukuru ajejwe abahoze ku rugamba), hamwe na Général-Major Niyungeko Juvenal batazira KIROHO, ko aribo bakwiragiza ivyo birwanisho.
Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi, Général-Major Pontien Gaciyubwenge ntaco avuga kuri izo ntwazangabo zagirizwa ako kabi, ariko akamenyesha ko ayo makuru atayazi. Abo bashikiranganji bose uko ari batatu bamirira kure ivyo vyashikirijwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, mu gihe ata n’umwe muribo yiyemereye muri ico kiganiro ko azobazwa ibizoshika intambara canke ihonyabwoko nivyaduka mu gihugu kandi bari gushobora gukinga hakiri kare.

JPEG - 1.1 Mo
Gabriel Nizigama, umushikiranganji w’umutekano we avuga ko ayo makuru ari ayajanye n’umwanya udasanzwe w’amatora Uburundi bwiteguriye kwinjiramwo

ONU yobesha ifise izihe nyungu?

Biragoye gushika ubu gutahura ingene abashikiranganji batatu ba Reta y’Uburundi bofata nk’ibihuha amakuru yatanzwe n’abahinga bo mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, bakirengagiza intumwa zidasanzwe zaba izo mu makungu canke zo mu karere Uburundi burimwo zimaze iminsi zibisikanya mu gihugu, ku kibazo kimwe gusa c’Urwaruka rw’Imbonerakure zarengeye abajejwe umutekano, bikaba bigeze mbere aho zihabwa ibirwanisho n’intwazangabo zo mu gisirikare c’igihugu. Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryoba rifise izindi ntumbero nk’uko vyashikirijwe n’abo bashikiranganji, canke ryoba rishaka gukinga hakiri kare kugira ivyashitse mu gihugu kibanyi c’Urwanda ntibizoshike mu Burundi?

Mwomenya ko amakungu yamaze gusaba ko hoshirwaho umurwi wigenga mpuzamakungu w’itohoza kugira bakinge intambara yoba iriko irategurwa. N’umuvugizi wa Ban Ki Moon umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yasavye ko hokorwa amatohoza kuvyagirizwa Imbonerakure za CNDD FDD kugira abo vyega bose bakurikiranwe mu butungane mpuzamakungu.

JPEG - 1.1 Mo
Pascal Barandagiye umushikiranganji w’ubutungane avuga ko ari intumbero ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryamanye, ryo gushaka ko ubutungane mpuzamakungu buzanwa mu Burundi

Egide Nduwimana

Messages

  • Umugambwe CNDD-FDD turawukunda ariko kudusubiza muntambara turavyiyamirije! dushaka amahoro n’umutekano hano iwacu.

  • Ahubwo president nave mugacerere arimwo.bimaze imisi vyigaragaza mumigumuko nimi garagamvyo iba ishigikiwe nibihugu vya buraya nayo mashirahamwe mpuza makungu.ako kagabo unyanga namba nikanyanga nagahe amasaha 24h yokuba katuviriye mugihugu katabaye karaza uwabikabwiye.mbe kumbe bazanwa no gukorana n,imigambwe itavuga rumwe na reta kugira bayisenyure?Nyakubahwa president fata icemezo kizima nkumugabo abarundi udukure kwako gasuzuguro kanuka.

  • Abo bategetsi bacu badukiniye ireresi (theatre).None wokwiyamiriza rapport utagize amatohoza?Ivyo bavuze n’ikinyoma kuk ntaco berekanye kibeshuza iyo rapport kandi nibemere amatohoza uwo bizokwagira ahanwe canke bitwarire aba wumva batanga izo nkuru berekane ko wumva atarivyo!

  • Urikijuju wewe sisi!Haruwo wumvise bafashe kubera urwo rwandiko?Ahubwo wewe wewe raba aho uherereye nimba harumugenzi wimbonerakure ufise canke uwariwe wese umuhanure akunde bagenzi we!ubundi bwo ntabara riguye kubfra urwo rwandiko!

  • Oya mugabo.Président atwara igihugu.Ariko hari abatwara isi. Kandi ngo :<< Inyo y’inkoko uyerekwa n’umuyaga.>> Umuyaga bavuga ni amakungu. Uwutwara ububasha bwiye hari aho butarenga.Uwutwara isi atwara vyose n’uburundi burimwo.

  • Aba dd mwigir’abanyabwenge mukibaza ko hariho abaminuje kubasumba Leonce yavuze yuko inyifato yanyu nimbonerakure zanyu bizohava bikweger’igihugu ihonyabwoko muvyimvy’amavya ngo yatukanye muzomwitwarira none ntimubona ko abasumvya ubwenge ar’imbonera kure kubasumvya muga mubigire mubizi ,The hell is awaitin for u.ntabuhangange mwasumvya ben la den na saddam none ubu barihe?just think about this! southian.

  • Jewe navuze kuva kera ko akokagabo onyanga manyanga kanyanga gakwiye kuvugutirw’umuti ugakwiriye kuko kajejwe gukweger’iGihugu mundyane kandi tugitez’amashi mu bazungu nt’amahoro tuzogira kuko iyo turiko turaryana bo nibaza ntihenze ko bahungukiraccaaaane tuv’ibuzimu tij’ibuntu, bagombe batugire nka, Col Kadafi . Nibagende kuko ntakindi Kadafi yazize atar’ukwikukira kwa Afrique

  • Mbega iryohonyabwoko muvuga rizokoregwa bande?.jewe nimunyishure muzoba mukoze,na BAHUTU?,na BATUTSI?.na BATWA?.mwebwe mwese muririmba iryo honya bwoko nimumpe inyishu?.nanje ndaheza menye ico mumbariye icarico vyukuri.

  • Abo bantu batatu ndetse kubita abagabo canke abashingantahe cokimwe n,umushikiranganji waza kaminuza baribakwiye gutaga imihoho.erega nkuko nama nabivuze ivyo mu kinja ca 10 sivyo vyubu ubu isi iri connecter pour dire que n.uwakoreye ...mukuzimu amenyekana

  • Mbega Gaciyubwenge twari tuzi ko uri umugabo wimvuga kuri , rya bike uryame kare ugira uje ku murongo wabandi ico nzi co nuko igihugu nicategwa ugira naho utwara abasoda bose bazokingira abawe bose, ibara ryaraguye aho umuntu wese abona amakosa ntayavuge kugira abe ararya. nopfuma mpfa hako mera nkamwe.

  • Ababanyacubahiro bategerezwa kwira umwanya wariwowose kukontibaba hanze yigihugu ngobaheze barinde kwurira indege bajekuraba cankengobaje gutohoza urivyovyavuzwe kugihugu cabo (cacu) haruwigezekuvugango abamenyeshamakuru bi Burundi iyobarikobaravuga inkuru ngo bagerageza ukobashoboyekwose bagatechenika bashira ahabi uwitwa kwarumutegetsi wigihugu cu Burundi! Nonenaha muriyumviye uyumwanditsi ukuntu yatekenitse avugango abashikiranganji ngontibavuze rumwe ngombere aratangazwa ningene baciyebishura ngokandi batagiye gutohoza ngobamenye ko ivyavuzwe kwatarivyo. Murashusha canke mugakokeza mubazako intambara canke jonucide yabaye komwebwe mutobihangayikiramwo!? Mbewombarira abamenyeshamakuru bakora kumaradiyo atandukanye mu Rwanda iyobari uyumusi? Ndakubwirako yaba uwarishigikiye reta yarihari yaba nuwutarishigikiye reta yarihari bose basangiriye amarirahamwe kandintacobose bungutse mwikurwa ryubutegetsi bwaribuhari, abatafuye niwatomboza ukagira uwubona urazomubaza azokubwira inyungu yabonyemwo, jewe iconobagirinama nuko mwotubwira abakuru mwatohojegusa hanyuma ivyovyokuvuga ngo bihusekwishura batabanjegukora amatohoza mukabireka kuko ucumengo namwemwabigizemwo uruhara mukuja kwambika iceyi ubutegetsi buriho uyumusi.

  • Uwo mukuru wigihugu nahanurwe yunve,ave kubutegetsi neza. Ntagire iherezo ribi, vyomuhesha iteka nicubahiro.niho tuzobona ko arumusenzi koko ahokuguma asesa amaraso anatanga nibirwanisho mumbonerakuremukwicabarundi

  • Turasaba Anyanga yige kuba imvugakuri.Areke kuvuga ivyo yipfuza ngo ni ukuri nimba ari uko agiye gutandukana na twa mutoyi tw’udututsikazi twirigwa tumutamika ayo majambo n’akomeze yihangane nta ntambara iriko irategurwa i BURUNDI.DD MU BISANZWE MUKINDA MUGARAMYE CANKE MWUBAMYE NTA MU CONCURRENT IGIRA.
    Anyanga nawe mbona akunda ikibiri cane nagende abahanure bakorere mu banyagihugu nk’abandi aho guhagarara i Bujumbura bavuga aya muhe.AMAJWI ARI RUGURU SI KW IRADIYO.iYO GENOCIDE NI CONTRE QUI?REPONDEZ MOI SVP

  • Turasavye Président akure uwo munyamanyanga ngaho ngo ni Anyanga,izina niryo muntu.turamusavye cane amusubize uwamuzanye kandi asubirizwe n’umuntu ari neutre et intègre.
    Aho uworaba neza mwosanga abo bazungu batuziza utwo tu minerais twabonetse i Burundi bakaba batarashikirwa!Ndabira iyo ntambara idahera y’i congo sha igirwa na bande?Hungukira bande?
    Dusavye abarundu mwuguruke amaso,abasinziriye namwe mwikangure!

  • @Kamaro kumengo uvuga ivyo ufitiye ivyemezo waragize amatohoza kuvyo uwo mugabo yavuze?Mbe hamwe hogira ikiba wokwemera abarundi ko uzocemanga?
    Bamwivugira bagabo!!!!Muzohava muzira akarimi kanyu ababikoze bijandajandira!

  • Komutanyishura ga yemwe.nababajije iryo honyabwoko muguma muririmba ,nibande bazorigirigwa,NABATUTSI canke NABAHUTU?,canke NABATWA??,nkeney,inyishu.namba rizokoregwa twese mumoko yose,duce tuvyita ihony,AMOKO!!.kuko azobari twesea atawuvuyemwo,apana kwiyitirira ubwoko bumwe gusa kwaribwo bugeramiwe,nsinzi kwaribwo bifise amaraso aryoshe guseseka gusunvya ayabandi.(!!??).

  • ICO NZI NUKO INDWANO ITEYE TUTAZI UWO IZOSIGA...NUWO IZOHITANA ,,MWESE MW BA DD NTIMWIHENDE NIMBA ATARI UKWIYAHURA GENDA MWENYENE MUREKE ABANDI BABEHO CANE CANE ABO BATATU N ABABASABA ..NUKO MU RWANDA BOOSE BARASEMERERA

  • COPIE D’UNE LETTRE DES RESSORTISSANTS DE RUMONGE -NYANZALAC AU SECRETAIRE GENERAL DE L’ONU VOIR LE CONTENU QUE J’AI PU TROUVER:

    Communauté burundaise de Rumonge-Nyanzalac-Mabanda et Makamba
    CBRNMM en sigle

    A son Excellence Ban Ki-moon
    Secrétaire général de L’ONU
    UN Headquarters
    First Avenue at 46th Street
    New York, NY 10017
    USA
    Excellence le secrétaire général de l’ONU.
    Nous les rescapés des génocides au Burundi depuis 1972, nous les enfants qui ont grandis dans ces régions les plus convoités par les pouvoirs qui se sont succédés àBujumbura depuis l’indépendance, nous sommes sidérés d’entendre les mensonges très graves qui pèsent sur notre région et ces mensonges peuvent nous apporter la foudre des extrémistes et des assoiffés du pouvoir et de notre terre fertile.
    Tout a commencé avec les disputes entre le parti au pouvoir CNDD-FDD et son partenaire Uprona quand un groupe de travail a voulu restituer les terres aux propriétaires et descendants des gens de ces régions du sud au Burundi. Nous vous rappelons que c’est au cours des massacres de 1972 que nos pères ont été décimés et les rescapés se sont retrouvés en Tanzanie. Ils sont restés dans ce pays durant des années dans la pauvreté et la souffrance tandis que les tutsi de Mugamba, Vyanda,Bururi,Rutovu, sont venus occuper nos terres. Tous ce monde étant dans le parti Uprona depuis 1972 jusqu’en 1993, ils étaient protégés par le pouvoir militaire des Himas de Bururi. Pendant la campagne présidentielle entre Ndadaye Melchior du Frodebu (Front Démocratique du Burundi) et Pierre Buyoya de l’Uprona( Union du Progrès National) Les frodebistes chantaient qu’ils vont restituer les terres au propriétaires pendant la campagne présidentielle et cela était légitime. Cette promesse a été la cause de l’assassinat de Ndadaye Melchior car les militaires hima ne voulaient pas que les terres volées soient remises àqui de droit. La guerre civile a aussitôt éclaté entre ceux qui sont derrière l’Uprona et ceux qui sont derrière le Frodebu et c’est pendant cette guerre civile que le CNDD au départ (Conseil National de Défense de la Démocratie est né dirigé par Leonard NYANGOMA. Ce mouvement est devenu par après le CNDD-FDD (Conseil National de Défense de la Démocratie-Forces de Défense de la Démocratie dirigé actuellement par le président Pierre Nkurunziza.
    Pour arriver àce qui nous préoccupe, le parti UPRONA qui s’est disputé avec le CNDD-FDD, qui a dirigé le Burundi depuis l’indépendance en 1962, ce Parti qui n’a pas protégé les descendants familiaux et politiques du père de l’indépendance Louis Rwagasore, ce Parti qui est devenu un parti-état sous la première république dirigé par le génocidaire Michel Micombero depuis 1966, ce parti qui a organisé le génocide des hutus en 1972 àl’aide des militaires et de sa milice de la JRR (la Jeunesse Révolutionnaire de Rwagasore), ce parti qui a accepté par obligation le multipartisme en 1992, ce parti qui a soutenu directement et indirectement l’assassinat du président NDADAYE Melchior qui était élu démocratiquement par des tutsi et des hutus en juin 1993, ce parti qui a participé àl’épuration ethnique àBujumbura et àl’intérieur du pays pendant les 10 ans de guerre civile au Burundi, ce parti qui avait voulu saboter les élections de 2010 et qui a trompé la vigilance de ses partenaires de ADC-IKIBIRI en participant àla dernière minute àla campagne présidentielle de 2010, ce parti qui est partenaire chanceux du parti CNDD-FDD selon les accords d’Arusha, c’est ce parti dirigé par NDITIJE Charles un hutu qui travaille pour les Hima au sein de l’Uprona, il est entré dans l’opposition pour combattre le parti au pouvoir aujourd’hui après le limogeage du vice-président Busokoza Bernard. Comme tout le monde le sait bien, la politique est l’art de mentir et celui qui arrive àconvaincre son entourage, il peut porter un coup terrible àson adversaire. C’est ainsi qu’un plan de diaboliser le pouvoir a été élaboré et tous les coups sont permis. Nous les ressortissants de ces région fertiles du sud au Burundi (Minago,Rumonge,Nyanzalac,Mabanda,Kibago,Makamba) nous voulons porter àla connaissance de l’opinion internationale et nationale que nous faisons objet d’un chantage politique.
    En guise de rappel, l’Uprona en 1972 nous a accusé d’avoir reçu des machettes, distribuées par les hutus en 1972 pour exterminer les Tutsis. Cela a été une injure, une calomnie qui a déclenché le génocide de nos pères, nos mères, nos frères, nos sÅ“urs jusqu’au bébé encore dans les entrailles de leurs mères. Nos maisons ont été brûlées, nos palmiers incendiés et les rescapés ont été contraints de fuir en Tanzanie. Aujourd’hui, quand nous entendons des rapports qui arrivent dans votre bureau en venant du Burundi et qui vous décrivent que nous venons d’avoir des machettes, ce sont les mêmes individus qui nous ont endeuillés qui utilisent ce langage diabolique. Nous avons été paisible en 1993, 1994,1995 quand la guerre civile faisait rage dans tous les coins au Burundi. Nos voisins de l’Uprona au lieu de favoriser l’amitié et la solidarité, ils nous ont amené des sans-échecs, des sans capotes pour nous exterminer. C’est grâce au retour de la paix sous le gouvernement du CNDD-FDD dirigé par un président qui croit en Dieu, qui respecte la vie de ses citoyens que les burundais sont fiers. Cette fierté n’est pas apprécié par tout le monde, c’est pour cela que des mensonges sont inventées pour que vous n’ayez plus confiance aux actuels dirigeants du Burundi. Pour intéresser les militaires neutres et les Tutsis neutres, le terme "MACHETTES" peut réveiller leur mémoire de 1972 et les motiver pour venir encore une fois nous exterminer.
    Excellence le secrétaire Général de L’ONU Ba Ki-moon, notre inquiétude est fondé par plusieurs éléments. Dans le passé qui n’est pas lointain au Burundi, quand les nations-unis ont dépêché des enquêteurs pour identifier ceux qui ont assassiné le président NDADAYE Melchior et les tueries qui ont suivi, nous ne savons pas que vous êtes au courant que le rapport envoyé par les experts qui revenaient du Burundi n’était pas complet. Comme nos compatriotes le disent ouvertement dans des écrits, les militaires putschistes qui détenaient les informations de haut niveau n’ont pas été interviewés, les experts n’ont pas eu le temps d’aller poser des questions dans les quartiers périphériques des hutus et les témoins étaient sélectionnés par les militaires et les autorités sous l’influence du regard des putschistes. Aujourd’hui, le même scénario risque d’être identique. L’opposition a le premier mot, l’Uprona aile NDITIJE Charles a le premier mot, SINDUHIJE Alexis a le premier mot, ADC-IKIBIRI possède le premier mot et leurs écrits sont appréciés sans vérification et des conclusions sont élaborés hâtivement comme c’est le cas de ces mensonges de nous armer comme si c’était déjàprogrammé de porter la guerre dans notre région. Nous ne savons pas que c’est la haine de voir la guerre civile au Burundi apparaître et cette fois la commencer dans nos régions du sud dans le but d’accaparer nos terres qui nous restent militairement. Nous savons qu’hier des gens ont la rancune que la guerre civile a touché le nord et le centre en 1993 et cette fois-ci les assoiffés du désordre convoitent notre région. Nous demandons votre vigilance en collaboration étroite avec le pouvoir en place àBujumbura pour décourager toute personne qui cherche la guerre en inventant des mensonges gratuits contre le pouvoir de Bujumbura comme Ciramunda et ses satellites qui habitent en Belgique, des extrémistes tutsis qui manipulent l’opposition hutu de ADC-IKIBIRI.
    Pour la Communauté Burundaise de Rumonge-Nyanzalac-Mabanda et Makamba
    Bizuru Samuel
    Secrétaire Général.

  • Bateguye kwica .umuhutu wese atemera ko baba umwami wabahutu naba tutsi kuko nibo bonyene babatera ubwoba gusa nayo umuhutu nugukerera bagata muzuzi

  • @Bizuru samuel nagira n’itohoza wagize hanyuma usanga ibivugwa sivyo!Bizuru samuel,none wemeje ko ari ikinyoma cambaye ubusa ivyanditswe na ONU kandi uremerera abarundi n’amakungu ko hamwe iyo genocide ivurwa ibaye ko yoza kugatwe kawe?Ahubwo saba ONU ize yerekane ukuri gusa nayo ivyo wanditse ntaho bifatiye wadondaguye kahise k’uburundi nakwo kwaravuzwe bikwiye i Arusha!

  • Le ridicule ne tue plus au Burundi!Faudrait-il une armada de 3 Ministres et pas des moindres pour venir se ridiculiser aux yeux du monde pour venir essayer d’expliquer l’inexplicable ?!!!!.Izina siryo muntu.Comment Gal Gaciyubwenge,pourtant bien apprécié par beaucoup de gens àl’époque,puisse oser défendre l’indéfendable !!! Comment peut-il expliquer son silence,très coupable,face àla torture et l’humilation de ses militaires par les milices imbonerakure du CNDD_FDD ? Comment peut-il fermer les yeux face aux détournements des équipements militaires (uniformes,armes,insignes militaires,etc) au profit de ces milices terroristes?Yoba acitwa Gaciyubwenge canke CNDD_FDD yoba yaramwise irindi zina tutabizi? Comment le ministre de l’injustice(pardon) de la justice pourrat-il expliquer que des gens du Parti MSD ,agressé et violenté dans leur propre maison du parti soient traduit en justice et condamnés àdes peines très lourdes:perpétuité?C’est comme cela que consolide la paix et la justice sociale.Je ne peux pas commenter les propos désastreux du ministre de l’Insécurité publique.Que tout ce beau monde sache que l’ONU dispose plus de moyens et par conséquent de sources d’informations diversifiées pour avoir une information bien équilibrée et crédible contrairement àcelles de du Gnl Adolphe Nshimirimana.

  • Chers Compatriotes:

    Je l’ai toujours dit; nos dirigents ne veulent jamais revisiter l’histoire que ce soit du Burundi recent ou du monde. Le Rwanda n’est pas loin pour leur servir de lecon! Pourqoui ils veulent s’en prendre aux Nations Unies ou BINUB? les faits sont la,les radios et la population a toujours crier :les imbonerakure nous malmenent et tuent au vu et au su de tout le monde.
    Quel a ete la reponse du pouvoir cndd-fdd: que chancun reponde a ces actions qu’il soit imbonerakure ou pas. Mais combien justement ont ete punis? pas un seul dirigent cndd-fdd serait capable de repondre a cette question. Personne! ils (imbonerakure) se comportent en juges en policiers,en adminstratifs...torturent toute personne qui ne parle pas leur langue.quand on cri trop fort,on arrete 1 ou 2 et sont liberes apres quelques minutes pas meme les jours et les victimes sont obliges de nier dire par crainte. Les ambassades sont la a bujumbura et les fonctionnaires de ces ambassades sont au courant de tout ce qui se passe dans le pays. Bizarres nos dirigents ils croient que ce sont les Pacifique et Mbonimpa qui informent, que vraiment cons d’etre ignorants!
    Uwutagira amaso yo kubona gusa!!! Quand aux pauvres ministres qui viennent dementir sans preuves ni rapport d’enquente en main,ni nkabimwe vyuwufashwe ariko ariba indya akabeshuza atarihanagura kumunwa canke atariraba miri miroir! Pauvres ministres!!
    Icvo ahubwo nukomeza gusaba les nations unies nuko botangura gutegura gukwirikirana abo bose bakora ivyo y compris le president lui-meme,ibi kandi ni les consequences de l’impunite qui continue au burundi. Qu’on epargne de ces vautours sans coeurs et ames!!!
    Murakoze.

  • we gezaho ubaza ibibazo tu as quelle âge? probablement peu parceque je vois que tu ne sais pas ni rire ni ecrir.tu demande pourquoi on appelle ce que les DD sont entrés de préparer ihonyabwoko.lisez sa definifion telle que donner suite aux evenements tragiques qui ont secoués le rwanda.rizohitana abatutsi n’abahutu bakunda igihugu n’abarundi.aba ba APRODH bama basemerera.ba OLUCOME.na ba ba bamvuginyumira, ;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;;.mais imana irabona .parfait onanga Agnanga tu sera recompenser un jours si ce ce que vous avez dit et correcte ce que je ne doute pas.les faibles comme le présidents des DD disent que vous donner des fausses informations parceques vous ete mecontant de pouvoir perdre votre poste? I HIBAMBEWE. loin de là.vous serais engagér dans un autres payes plus paisible que le burundi car vous ete engagé en fonction de votre diplome. si cokimwe nabo barundi baronse ubuzi kuko basi kuririmba indirimbo z’umugambwe.mwebwe mukora ivyo mw’ize.abarundi ntituzobibagira.et toi gezaho.si tu vais savoir p)lus , demander aux NU on te dire ce que l’on qualifi de IHONYABWOKO. sans rien payer.et pour les trois ministres murateye isoni mwebwe naho bitoba muzotegerezwa ku renguka kuko mu beshuza sans enqueter urabe murafata amatongo mu mpiba

Un message, un commentaire ?

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.