Accueil > Amakuru > umutekano > Nyakabiga : Abaporisi baziburura amabarabara abanyagihugu nabo (...)
Nyakabiga : Abaporisi baziburura amabarabara abanyagihugu nabo bazibira
samedi 9 Rusama 2015
Ushitse mu mabarabara yo muri komine ya Nyakabiga, biraboneka ko haraye habereye imirwano ikomeye, aho abantu babiri bitavye Imana, abandi cumi harimwo abajejwe umutekano batatu barakomereka.
Muri iyo komine abantu baho barababaye cane, bakavuga ko batumva ingene bashobora kwicwa n’abaporisi, kandi abasirikare bari ngaho, ntibabatabare. Aho muri komine ya Nyakabiga kandi hari abasirikare benshi hamwe n’abaporisi, abo nabo, bakaba bari inyuma y’ama quartier, biboneka ko bagira bashire icumbi hafi y’abo banyagihugu. Bimwe mu vyari bizibijwe amabarabara vyarahakuwe, ariko abandi bariko batema ibiti, bazibira, bongera bapanga neza amabuye mu tubarabara twinjira.
Amabuye azibira uruja n’uruza hagati muri quartier aracibonekeza kandi menshi. Muri komine ya Nyakabiga rero, abaho baremeza ko umutekano bategerezwa kuwicungerera uko vyogenda kwose, kuko bagiriza bamwe mu baporisi hamwe n’abo mu rwego rw’igendereza ko babica.
Bamwe mu bateguye imyiyerekano, bakaba baroye guhumuriza abanyagihugu baho mu Nyakabiga, inyuma y’aho kuri uyu wa gatanu, igenekerezo rya 8 Rusama, abaporisi binjiye ku nguvu, abantu babiri harimwo umukenyezi, bakicwa babanje kuraswa. Karori Nditije, umushingamateka w’umugambwe UPRONA, akaba yabasavye kwihangana, nayo Reta akayisaba ko itoza irahoza imiryango y’Imbonerakure gusa iba yabuze, ahubwo igashobora guhoza abagiye barahitanwa n’iyo myiyerekano.
Eka na Amel Niyongere arongoye ishirahamwe rukristu rirwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu ACAT, avuga ko bagiye kuzitwarira abantu bose bica abantu muri sentare mpuzamakungu.
Aristide Nizigire
Messages
9 Rusama 2015, 15:51, par EVARISTE
IVYACU BISIGAYE ARIVYO GUSENGERA GUSA . TWARI DUKWIYE GUFATANA MUNDA .GUKO IJAMBO RY’IMANA RIVUGA RITI:<< UBWAMI BUSHIZE KUBIRI NTIBUZOBUZOBURA GUHONA.>>
9 Rusama 2015, 17:26, par Samuel Habarugira
Uburundi Bubwirizwa Guhinduka Nimureke Imana Irabubona
9 Rusama 2015, 19:26, par Mbonimana
Abantu bo munyakabigi muribijuju kuzibira amabarabara nikuvuga iki? None aho kugurura murondere ubuzima umwe yabatumwe muzibire ubu wee yibera murya burimunsi mweho nindani munzu ugurura amaso
9 Rusama 2015, 20:53, par veas karufani
UKWIHANGANA KWABUZE MUBANTU BITUMA ABATARIBAKE BAMENA IBANGA.NONE KO IMISIYOSE ABARUNDI BINJIRA MUMASENGERO GUSENGA NONE UBU HARIKO HICANA BANDE?...JEHO NDABAKEBURA NDABIBUSTA KO UWUTAZI ISI AYIGIRA UMUGENZI KANDI UWUTAZI IVYISI AVYITA GWIWE....
9 Rusama 2015, 21:02, par patrick
nimubure yukugura ibigwanisho mukibako mwashaka abasoda babatabare kandi mwumvise ivyo gaciyubwenge avuze.baramaze kumugura amahera niyo yaguze umwana wimana.Ubu vyahindutse umusoda mufate nkumupolice nimbonerakure.kuko urumva kotwagurishijwe.
9 Rusama 2015, 21:39, par Ernest
Birabajekubonainkohoyaguzwenumunyagihugungo Imukingireimuhindukira Abaporisi Nibikebuke
9 Rusama 2015, 23:30, par yebo
Igitangaje nikime kuberiki imyuyerekano ahantu iriko irabera arimutubatutse gusa bibazako aribo irincabwenge jewe eco nosaba reta ahantu nkanyakabiga nuko yohakontorora kuko abanyagihugu baho nkabose bafise.inkoho kandi batabirekurewe.mukwiye kwanza icomurico kuko sibimwe vyakera noseni
10 Rusama 2015, 07:20, par kubwimana
nyakabiga ntimucike intege mwirwaneko abo basoda nabo nibabona ko ari vyiza ko bareka gutabara,mwibukeko igihe aba yuda bagira bahone hahagurutse morodekayi abwira esiteri ati naho wokwihorera abayuda ntibazobura gutabarwa kwari ugukebura n’abarundi ntibazobura gutabarwa ,umuntu wese abona ico yokora ntiyice amatwi
10 Rusama 2015, 11:44, par j N R saut
Mbega ko nyakabiga iriho kavurwa cane mubukozi bwikibi nikubera canke bibazako ubu ari 93 nyakabiga kwarukwambika umapine abahutu nubu turavyo inyifato nifoto bamaze kwerekana birerekana iryobagona stp nosensi ntiyunvire ko ari ibutagerwa muvuga imbonerakure mwibagira abasanzesheke ayo bakora ariko ntamuhutu yigeze avuga ikintu nakimwe murabe neza
10 Rusama 2015, 12:57, par abidal
MANA y uburundi ibiremw vyaw biriko bizira iki? Mana uze utange ibihano ngahanyen kw isi bamw bamwe tze tbone ibizobaMANA y uburundi ibiremw vyaw biriko bizira iki? Mana uze utange ibihano ngahanyen kw isi bamw bamwe tze tbone ibizobabako!
10 Rusama 2015, 14:07, par humble
Sha ndabona abantu benshi bavuga ibitariho nibitagamije kuko ibi samacakubiri kandi singwano ifatiye kubwoko rero murabe neza ivyomuvuga ntimube ibirofa
10 Rusama 2015, 16:18, par Emeric
Ndabasavy muze muravug ivyo mufitiy ivyemezo muvug mak mwibukeko hari ho Iyizi vyos ,mwirind guhengam mwibukek ivyisi bitera bihera!muhezagigw
10 Rusama 2015, 17:01, par kirokira
imana yarakoze kurema abahutu b’incabwenge. iyo irema aba nka humble nabandi barimwo imbuto y’amacakubiri gusa, nari kubabara. abahutu bafise kahise kabo, abatutsi bakagira kahise kabo. na peter adutwara afise kahise kiwe. ivyo twarabirenganye, uwibaza ngo harico yoshikako aciye mu moko,pole. abarundi turi bamwe, turwanira demokarasi.
10 Rusama 2015, 21:52, par nsish my kw vugaza
biratangaje kubona aboducungereye umutekano aribobatwihindutse arikonibagezaho,non ’ahobiciyentibaruha mbesentibiyunvirako nabonyenebatwaye ,imibiri nkiyabandi
11 Rusama 2015, 19:50, par egide nsabiyumva
nigute imyigaragamvyo irimuburundi yotoregwa umuti