IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Nyakabiga : Igiporisi kivuga ko cafashe inkoho zine

Nyakabiga : Igiporisi kivuga ko cafashe inkoho zine

lundi 23 Munyonyo 2015, par egide

Icegera c’umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, Moîse NKURUNZIZA amenyesha ko mu gatondo ko kuri uwu wa mbere, igiporisi cafashe ibirwanisho mu kigo c’ishure Kingdom School risanzwe ryegukira ishengero ry’aba Anglicane riri muri Nyakabiga ya kabiri, ibarabara rya gatandatu inomero imwe.

Mu giporisi c’Uburundi bavuga ko amakuru y’aho hantu hari ibirwanisho bayahawe n’umunyagihugu, abajejwe umutekano bagiyeyo baca basanga ahantu himbiwe inkoho zitatu zo mu bwoko bwa Kalashnikov, inkoho imwe yo mu bwoko bwa R4, ibikono batanu vy’amasasu, amasasu 179 hamwe n’ikoti y’igiporisi irinda imvura.

JPEG - 133.2 ko
Icegera c’umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, Moîse NKURUNZIZA

Amasasu yarumvikanye kandi mw’ijoro ryo kuri uwu w’Imana muri zone ya Musaga, mu bunywero buri kw’ibarabara rya kabiri, akaba ari abaporisi bariko bafata bamwe mu bantu bari muri ubwo bunywero. Umuntu umwe yarakomeretse, abandi umunani barahagarikwa bajanwa gupfungirwa mu gasho ka zone Musaga.

Umutekano warahungabanye kandi muri iryo joro ryo kuw’Imana muri zone ya Buterere, kw’ibarabara rya 12 rigabura Cibitoke na Buterere, hafi y’inzu bita Maison Verte, mu bunywero bita Snack Bar Ku Muco, nk’igihe c’isaha zitatu z’ijoro, aharatewe gerenade zibiri, hakurikira amasasu menshi. Mu giporisi c’Uburundi bavuga ko abantu batatu ariko bakomeretse. Moîse NKURUNZIZA, icegera c’umuvugizi w’igiporisi amenyesha ko amakuru igiporisi gifise ari uko ayo magerenade yatewe n’abantu bo muri ako karere, « bihora abanyabuterere ko banse kubafasha imigumuko.»


IGIHE

Messages

  • bakomeze kugumuka kugeza uwo mugesera nakarwi kiwe ataye akomoka

  • komera kumuheto nyakwubahwa imana ikuje imbere muvyukora vyose tugwanye inyankaburundi bashaka kwica abarundi iyo mikoma. iyo misega. ifatanije nababirigi.

  • Erega Turazi Ko I Gipolice Cama Cibeshera Ngo Cafash Ibirwanisho!Bobifata Gute Ko Haguma Uruhagarara Rwavyo Kandi Badasiba Kubisaka?Ahubwo Nibavugire Ku Mugararo Ko Bananiwe Kuko Abo Bafata Nabanyagihugu Ataco Bazira Bakatubesha Ko Ari Abarwanyi!Bobifata Gute Bikaguma Bikora Ibara?Barimaramaje Ko Aribo Babikoresha Twarabahinyuye.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.