Accueil > Amakuru > umutekano > Nyakabiga : Uwutagira karangamuntu akararamwo
Nyakabiga : Uwutagira karangamuntu akararamwo
dimanche 28 Nyakanga 2014
Abanyagihugu bo mu Nyakabiga ya mbere bikanguye basanga imiduga y’igiporisi yuzuye muri iyo quartier, abaporisi bagasaka inzu ku yindi.
Muri ayo masakwa ariko aragirwa, abo baporisi bakaba basaba karangamuntu. Kugeza ubu, abo baporisi bakaba bakiri ku mabarabara basaba umwe mu bo biketse arenganye karangamuntu,eka ndetse n’abo basanze mu mazu bakaba babasaba karangamuntu. Abatari bake bakaba bafashwe, bakaba bari mu makamyo y’igiporisi. Ariko rero kw’ibarabara rya 16 mu Nyakabiga ya mbere igihe twahashika nk’igihe c’isaha imwe n’igice, tukaba twahasanze bamwe mu banyagihugu bariko baraharira n’abaporisi kuko berekanye murekarengane passeport abaporisi barayanka, baguma basaba karangamuntu. Abo banyagihugu bakavuga ko bamaze ikiringo c’iminota irenga 30 bariko baraharira n’abaporisi.
Mukamenya ko abaporisi bari aho ataco bashima kuvuga, bo bakamenyesha ko bari mu kazi kabo ka minsi yose ko gusaka mu ntumbero yo gukomeza umutekano.
Aristide Nizigire
Messages
28 Nyakanga 2014, 12:54, par NTACO NTEMANGA
KOMEZA UMUTEKANO!
28 Nyakanga 2014, 14:24, par @#
imitima ya gouvernement ira remvye
28 Nyakanga 2014, 14:54, par BWARIKINDI
UBURUNDI BWACU N ABANYAMAHANGA BARABWIYITIRIRA NICO GITUMA N INKOZI Z IBIBI ZISHOBORA KUTWIHISHAMWO KUBERA ABARUNDI BENE WACU BAPFA ABO BAHAYE VYANGOMBWA BATABANJE KWITONDA BARUNDI BARUNDIKAZI..NIMUZE DUHESHE ICUBAHIRO IGIHUGU CACU...AHO NYENE MUSHOBORA KUHABONA VYISHI POLICE YACU SHIRUKA UBUTE MUKORE AKAZI MWASHINZWE TURABIZIGIYE ..
28 Nyakanga 2014, 21:13, par kamatari
Vyari vyiza ariko ntimusinzire umukondora ..ngo mwafashe ntabo murafata none kubera ihera benshi mwamaze kubaha ivyangombwa none wumva bitagoye ejo umubonye aha iwacu buca umusanga. Hakurya gusa nukubakurikiranira hafi suko badusumvya imguvu nicabo cabananiye nukubaha inkoni murakoze burundi bwacu.
28 Nyakanga 2014, 22:04, par pathudi
jewe ico novuga reta ireke kwama yitwaza ubukene hatangwe karangamuntu numerique kugirs hatagira abagira indangamuntu zirenga imwe kuko nurukozasoni kubona umunyamahanga abona identity bitamugoye umucongo agenda mu buyenzi akaza afise karangamuntu umunyarwanda yagenda mu ngagara akaza ayifise nabajejwe intwaro ntibakunda igihugu nakumiro je mbona iza mbere bozirwiza nubusa ntihabe hakiri nuwuyizira abansi bo turacabibikira
29 Nyakanga 2014, 08:25, par Nelson
Abo bapolisi berekwa passport na lesepase bakanka nibazako batize.ahubwo nabo bakwiy kubogozwa.