IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Nyakabiga : Mu giporisi bavuga ko ata gitero cabaye

Nyakabiga : Mu giporisi bavuga ko ata gitero cabaye

mercredi 18 Munyonyo 2015, par egide

Amasasu menshi n’amagerenade vyumvikanye mu zone ya Nyakabiga hamwe no mu micungararo y’aho mw’ijoro ryo kuri uwu wa kabiri. Mu gihe abanyagihugu baraye mu bwoba kubera ivyo bitero vyabaye mu mihingo itandukanye, mu giporisi bamenyesha ko ari abagizi ba nabi babiri barashe, kandi ko igiporisi caciye gitangura kubakurikirana.

Amasasu yatanguye kwumvikana muri zone ya Nyakabiga, hafi y’ikigo SOS, hagati y’ibarabara rya kane na gatanu, bikavugwa ko yoba ari ubunywero buri hagati ya Nyakabiga na Rohero bwoba bwari butewe. Ivyononekaye muri ivyo bitero ntibiramenyekana.

Kuri ayo masasu menshi y’inkoho zikomakomeye yumvikanye, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi OP1 Pierre NKURIKIYE amenyesha ko atari igitero cabaye. Abicishije ku muhoro wiwe wa twitter, umuvugizi w’igiporisi amenyesha ko ari abantu babiri barashe, kandi ko igiporisi caciye gitangura kubakurikirana.


IGIHE

Messages

  • Ariko Nkurikiye ntiwotinda ukavavanura nubuswaganyi nkubwo.Mbega abantu babiri nibo igi police covugiriza za muzinga?Ntabuswaganyi usumvya Liboire kandi ukuri kuzoja ahabona vuba niyo nawe waraswa nabo basuma.Tomorera abarundi kuko abantu babiri sibo bomaza amezi namezi igi police nabasoda barara ntibuca

  • HAKENEWE ABASIRIKAREBAFASA ABAPORISIKUKOPORISI ABASUMA BARABAGAYA

  • icambere nugusenga imana yonyene niyo isigaye gutanga amahoro muburundi ,kuko kugeza iyisaha nanumwe aremeza neza ico ayoma sasu avako nikiyatera none abana bacu baba PNB barapfa harabaraswa hara baterwa amagere nande none kombona igi police gikwiye twouga karubuhinga buke bafise baka cabafata les jeunes bose ngonibo babarasa, uwu fashe nigi PNB ntagaruke ,bakamutora ikiziga none ubutuzizerande emama ngoharimwo abanyamahanga baba canze nimba arivyo biragoye kamahoro azoboneka vuba muburundi kuko wamugani ngo uwutema urwiwe ?canke ngo iyukinjuye umuryango umuyaga urinjira ,nibaza koarrukwubambika ibara mugabo naje ndaba harimwo abajeye akoba !!! murazobapima mubaririmbishe irurimbo uruhayagiza igihugu cacu hama muzoca mubona ivyo bauga ntikindikibazo notanga iyo solution irakwiye nihahangame uburundi nabene burundi norangiza ngiranti (HORANA UBUMWE NABAGABO)KUBERA numwamwi yarabubaha akemera iryo bamuhanuye.sije nohahera.

  • NKURIKIYE ushaka gukomeza kumarisha abarundi nkuko Reveiyano na Nkurunziza babimenyesheje komuzoza mwica umwumwe wewe uvuga ko nta Gitero cyabaye kandi abanyagihugu bahegereye bemeza ko ari igitero twemere nde tureke nde? Gusa icyo twebwe abarundi tuzi namakungu akaba azi nuko mu BURUNDI hari intambara ikomeye kandi iriko ibera mumurwa mukuru ariwo BUJUMBURA barayamaze bati NTAWUNYEGEZA UMWOTSI INZU YAHIYE.nawe emera akabi urakuzi kuko natwe twaremeye ko u Burundi buri mu ntambara ninayo mpamvu Leta yemeye ibiganiro

  • Oyawewe Turakumenyereye.nikowivugira.IKIBABAJE NABOBAPOLICE BAHEZE ATANUWUBIMENYA GWAHAMBANUWIWE ITEKA MBENTAMUNYAGIHUGU YAHAGUYE NGUTUBWIRE KWARI NKOZIYIKIBI WISHE?

  • Ubwo wew Imana Izoguhana kubinyoma witwaj!!

  • ego mutama nimubwire amakungu abo batutsi nabo bashaka kudusubizinyuma tuzoza turamesa umwumwe mpaka tubuheze iyomihimbir

  • Mbega nikuki wewe atakintu wigera wemera wewe numusi bakwishe uzoguma uvuga kowakomeretse navyonyene atari cane

  • nibabahige kuk bagomba gusubiza inyuma uburundi courage.

  • Jay Z gicucu!
    Urakamesa ingobyi. Isi yose ibamo Abatutsi. Imana yabaremye ntiyobyemera gicucu.

  • nibariz’uyumwanawinzokayiyise,JAY.MBEGAwibazanguzobamarawiyumviyenab’uracafisivyiyumvironkivyumugwayiwomutwe!!!sinokubwirakufisenkivyumwakuk’umwanawebafisevyakazoza.wew’ugombuvugenabicankurentusumba,WAMWICANYIWANYU,ADOROFEnonubarihesimwemwamwiyiciye.nonewewewavuzekuzomarabatutsi,uremewemubaDDnkadorofewarabonyimpembocmuhaye?vugamakentibaguhindukirirererobwiruwomugankurunzizayemeribiganiro.kandimwatsizwembonyemugiyikamparacank’adizabebamuzomwatsizwe

  • Cisha make Jay_z mwana wa mama. kurimbura abatutsi mwica umwumwe sivyo bizobahindura ibitangaza kuri iyi si.wewe kugiti cawe umaze kwinjiza milliard zingahe z’amadollards y’amanyamerika kubo mumaze kwica? vyakijije benewanyu bangahe barwaye sida? bimaze se kugira abicanyi banyu nawe urimo bangahe ba docteurs, birabuza abicwa ninzara,ubukene, injinji,etc gupfa nabi m’uburundi? ndugu yangu ntawuhitamwo ubwoko. ese ubundi uretse ubujuju uzi ko wewe uri umuhutu? nyoko wawe agusama wosanga yaragusambanye k’umututsi canke kumunyahanga. canke so wawe ou bien sogokuru wawe bikaba vyaramubayeho on ne sait jamais. waheza ukaja hiyo ukarekura ibipuwa,ubugufi,ivyoya nkivya gorille, n’agasu mu kwaha ngo nd’umuhutu w’amabinga.uribesha sha l’apparence trompe.kandi nubwo woba uriwe baho nanje mbeho. abatutsi n’abahutu bagomba gusangira ivyiza vy’igihugu nibitaba ivyo ubangamiwe azogwanira agateka kiwe nibiba ngombwa afate inkoho. erega na nyina wuyundi avyara umuhungu kandi twese tuva amaraso.

  • Abantu nkuyu yiyita Jay z hamwe nico kimaramare cikinyumaraso peter mukeneye guhinduka kuko ntavyamoko bikiri mu Burundi twarabisezereye hanyuma uwo nawe yiyita ngo uvugira igisirikare nama namubwiye hako yamarabesha je ndiwe nopfuma ndagaheba

  • Mbega nikuki wewe atakintu wigera wemera wewe numusi bakwishe uzoguma uvuga kowakomeretse navyonyene atari cane

  • None ko abatutsi bavugango ninkehwa kuki babandanya guteza akajagari? Sha bazokwikebuka nubukehwa bwabo bwarangiye kuko jewe niboneye ubwafiriye kabarore igihe bwiyahuye ngo buje guteruburundi buvuye murwanda abajejwe umutekano baribabukoreyeko nuguhongora injavyi

  • uyo atga ivyatazi ntaziko naho abamama batwibaruka atawumenya sewiwe kuko dukura batwereka ngo nuyu ariko ntavyo uba uzi twemererayo nicogtuma ubwobuhutu cankd ubututsi sibwo twokwirata!!! mbe nkubaze hamwe woja kwamuganga amaraso agakama baguteye ayatanzwe numutusi wo yanka? inyshu zay z gezaho

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.