Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uwatsindiye agashimwe kitiriwe Ernest MANIRUMVA ni nde? Yakoze (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Uwatsindiye agashimwe kitiriwe Ernest MANIRUMVA ni nde? Yakoze (...)

Uwatsindiye agashimwe kitiriwe Ernest MANIRUMVA ni nde? Yakoze iki?

mercredi 10 Kigarama 2014

Agashimwe kitiriwe Ernest MANIRUMVA gahabwa umunyagihugu yitangiye abandi karaye gahawe muri uwu mwaka w’2014 umukenyezi wo mu ntara ya Muramvya. NZOHABONIMANA Mariya Makurata yahawe ako gashimwe kubera yanyegeje abo bidasangiye ubwoko mu ntambara yo muri 1993.

JPEG - 37.5 ko
Nzohabonimana Marie Immaculee

Uwo mukenyezi NZOHABONIMANA Mariya Makurata yahawe agashimwe kitiriwe Ernest Manirumva yahoze ari icegera c’uwurongoye ishirahamwe OLUCOME rirwanya ibiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya Reta, avuka mu ntara ya Muramvya muri komine Rutegama, aba ku mutumba Cumba. Uwo mukenyezi arashima agashimwe yahawe atari avyiteze kuko avuga ko igihe yakora iciza ata gashimwe yariko ararondera.

Mbega Nzohabonimana Mariya Makurata yakoze iki cotuma aronka ako gashimwe ka OLUCOME?

Hari mu kwezi kwa Gitugutu igenekerezo rya 21 ku munsi wa kane, umukuru w’igihugu Ndadaye Melchior agandagurwa. Muri komine Rutegama co kimwe no mu yindi mihingo y’Uburundi, harabaye ubwicanyi. NZOHABONIMANA Mariya Makurata, umuhutakazi, yari afise imyaka 36 n’abana babiri. Yanyegeje mu nzu iwe imiryango y’abatutsi yariko ihigwa n’abahutu kugira babice. Kuri uwo wa kane nyene, avuga ko yakiriye umuryango ugizwe n’abatutsi 6, bukeye bwaho yakira abakobwa 2 abakuye iyo bagira bicigwe bunyamaswa, arakira kandi n’umuryango w’abanyarwanda wariko uhunga kwicwa. NZOHABONIMANA Mariya Makurata aribuka igihe yaranyegeza abo batutsi ko abahutu b’ababanyi biwe baguma baza kubamusaba babice ariko, akarahira akarengwa, akemera gutanga amahera kugira abo bicanyi bareka uwo mugambi.
Inyuma y’iminsi itanu hamaze, gushika abajejwe umutekano, abona gutanga abo yari yanyegeje ata n’umwe yariwe urwara.

JPEG - 40.2 ko
I bubamfu, Jeanette HABONIMANA(umukobwa w’imfura wa NZOHABONIMANA) na CIMPAYE Clemence umubanyi wiwe yanditse ikete

NZOHABONIMANA Mariya Makurata, naho yakoze ivyo, nawe yararondewe cane kugira agandagurwe. Uwo mukenyezi avuga ko hamaze kuza abajejwe umutekano yaciye aronderwa kugandagurwa. Amenyesha ko abasirikare nabo basa n’abaje bafise umugambi wo kwica abahutu bazira kwica abatutsi. Ico gihe nyene, Mariya Makurata yararashwe urusasu ryo mu rutugu, Imana irakinga, aho hari mu mwaka w’1994. Uwo mukenyezi yitangiye abandi akabarokorera ubuzima, mu mwaka w’1996 yahavuye apfungwa imyaka ibiri mw’ibohero rikuru rya Mpimba yagirizwa ubwicanyi bwakorewe abatutsi, eka n’umugabo wiwe barapfunganywe azira icaha nk’ico, aheza arekurwa inyuma y’imyaka ine bose bejejwe kubera ivyabona vy’abatutsi harimwo abo yahungishije.

Mwomenya ko NZOHABONIMANA Mariya Makurata yagiye mw’ihiganwa ry’agashimwe kitiriwe Ernest MANIRUMVA bivuye ku makete yarungitswe n’ababanyi biwe hamwe n’abo yakijije. Nikwo kwitaba ihiganwa yahuriyemwo n’abandi bagera kuri 32. NZOHABONIMANA Mariya Makurata, amaze gutsindira agashimye kangana n’umuriyoni w’amahera y’amarundi(1.000.000 frbu) ahawe na OLUCOME, avuga ko gukora iciza vyama bifise impembo naho hahera imyaka n’iyindi.


Cherif Nkeshimana

Messages

  • NAMA NUMVA ABAHUTU BAGIYE BAKIZA ABATUTSI,MAIS SINDUMVA TEMOIGNAGE Y UMUNTU YAKIJIJE UMUHUTU MU GIHE C AMAGUME,NIBAZA KO ABAHUTU NTA MUNTU YARABABABAYE KIRYA GIHE!!HEURESEMENT QUE DIEU EST GRAND!

  • mwana wama harya abasokuru baciye umugani bati kora ikibi iciza caheza wibaza ko batazi ubwenge nukuri ndakumenyesheje ko ukora ikibi ukagisanga imbere wakora iciza ukagisanga imbere, imana iraguhezagiye muvukanyi uribuka kuyishimira gusa.

  • Ewe Bukuru warashegeshwe. Aho wicaye utazi ingene musenyeri Ruhuna yakijije abahutu isinzi. Ariko raba ntambabazi bamugiriye.

  • Erega twebwe twari hanzeyu Burundi murazamuradufasha kumenyaneza ivyakahise Ku Burundi, eheraba twebwe dukunzekuvugako mumwaka 93 hariho igisoda cubwoko bumwe bwabatutsi kandi tukabatwarakomeje kuvuga konyuma yokwica Ndadaye abasoda baciye bahuka mubanyagihugu babahutu bararimbika, none abahutu kwaribobaribabangamiwe bagarukagute gukiza abatutsi baribasanzwe bakingiwe nabica bagakiza? Canke yombarugushaka kwigana ibivugirwa murwanda? Raba 93 nta palepehutu yarwana, nta CNDD yariho none abatutsi bicwa nabomumugambwe uyuhe.

  • Sha Bukuru nogusaba kuvuga makeee jewe ndazi ko ngukuriye ..ico gihe muri 93 umuvyeyi wanje yabitse abahutu umugabo numugore wiwe nabana ba 4 kandi si aba soda babarondera baronderwa na ba jeune muga gusika uno munsi uwo muryango ushimira igisirikare cuburundi cico gihe kuko iyataba co bose bari kugandagurwa bamuvuga ivyo muzi ....

  • Imana ikuzigame muvyeyi mubawe nabakuvako bose.ikibabaje kwumva wafashije abantu munyuma impebo ikaba (akasho)!!birababaje ncane kuri jewe ako gashimwe ntibigana ??mugabo ntaco .none abagufuze bo baciriwe uruhe??????ewe burundi wagowe kera .baba DD bandika bagiyehe ntaco barikuronka bandika?kiretse ikigihume Bukuru

  • Ariko uwu muhutukazi yrokoye abantu impembo yiwe bakamumaza imyaka ine yose mwibuye be numugabo wiwe arumva neza ko haricot yakoze??muriyo myaka abo batutsi ntanumwe yarigushikira ubutungane akamuvugira ko ubutungane bwari ubwabo bakamukura muriryo bohero,ntiwibaze rero ko aragashimwe baguhaye bariko bagukina kumuvyimba bakubwirako ivyo wakoze vyahuye nurya munyororo.

  • NTWALI,je sindi umu DD,mugabo ko wumva ubatuka,wibaza ko iyo badatsinda izo ntwaro zanyu yari kuronka ako gashimwe?abarundi baraciye ubwenge!!wewe utali igihume ryoherwa kuko igihugu carabizeye canka kubabaza ivyo mwakoze,niryo kosa aba DD bakoze.

  • abatutsi ahomuvuga ngo mwarakijije abahutu simwe mwari mujejwe kwica nogukiza huhuhu sha uwutabazi.ndadaye yari yabakoreyiki??

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.