Accueil > Amakuru > Poritike > PARENA : Umukuru w’igihugu ntakwiye gutinya gusubiza ubutegetsi
PARENA : Umukuru w’igihugu ntakwiye gutinya gusubiza ubutegetsi
lundi 24 Ntwarante 2014
Umugambwe w’Imbogora Burundi PARENA ufise indongozi nshasha, zatowe n’ikoraniro kaminuza ridasanzwe. Uwahora arongoye uyo mugambwe, Yohani Batista Bagaza yari asanzwe arongoye umugambwe PARENA kuva ugishingwa yasubiriwe mu kibanza na Zenon Nimubona yahora ari umunyamabanga mukuru w’uwo mugambwe. Iyo ndongozi nshasha imenyesha ko umugambwe PARENA udashigikiye ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu.
Zenon Nimubona, umukuru w’umugambwe mushasha amenyesha ko aje gufashanya n’urunani ADC Ikibiri mu gutegurira hamwe amatora yo mu mwaka w’2015. Ariko rero akaba asaba umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza kutazokwitoza mu kiringo ca gatatu, kuko amategeko atabimurekurira, mbere akamusaba kutagira ubwoba gutanga ubutegetsi mu mwaka w’2015, kuko n’abandi bigeze kurongora igihugu ubu babayeho neza, igihugu categuye uburyo bwo kubeshaho abo banyacubahiro, nko kuba abakenguzamateka imyaka yose, n’ubundi burusho butandukanye.
- Zenon nimubona aramutswa umugambwe PARENA. Yabisikanije na Jean Baptiste Bagaza
Nayo ku bijanye n’amatora kamarampaka bivugwa ko ashobora kuba mw’iyemezwa ry’ibwirizwa nshingiro riherutswe gusubizwa inyuma n’inama nshingamateka, umugambwe PARENA uvuga ko n’irihasanzwe ari ribi, bamye baryiyamiriza kuva kera, iryahatswe kwemeza naryo, bakavuga ko ryari rije gusongera isibe. Umukuru w’umugambwe PARENA akavuga ko ihinyanyurwa rya zimwe mu ngingo zibi ziri mw’ibwirizwa nshingiro, bikenewe ariko atari ingingo zerekeye zimwe mu nyungu za bamwe nka CNDD FDD, ahubwo hagahinyanyurwa ingingo zikenewe ku nyungu z’igihugu.
- Uwahora ari umukuru w’umugambwe PARENA, Jean Baptiste Bagaza yasubiriwe mu kibanza na Zenon Nimubona
Aristide Nizigire
Messages
24 Ntwarante 2014, 13:42, par NIYEMANGE NTAKORERE ABA DD
Uwo mugabo zenon nimubona,aremanga ntabatanguye kwivugisha cane kugira asabe akajumbu aba ddfdd,ubona ko babonye uwiyita ko haricagaya abakeneye akajumbu()!Terimitwe na Leonce turabe!
24 Ntwarante 2014, 19:01, par mata
Ukore nkumugabo UVYURE UMUGABWE UZOHIGANWE UKOMEYE
Merci (UKORANE NA BANDI)
25 Ntwarante 2014, 08:32, par Jean
Bagaza ni atubwire imigambi yari afise yo gusubiza ubutegetsi canke umwaka yibaza ko azobikora, iyo Buyoya atamugirira surpirse ya Septembre 1987 ko umenga ntanumugambi yari abifitiye. Wa wundi ati, "Ubusya uwundi buroroha" ntiyabeshe.