IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Pascal Nyabenda arahakana ko Imbonerakure zahawe ibirwanisho

Pascal Nyabenda arahakana ko Imbonerakure zahawe ibirwanisho

jeudi 10 Ndamukiza 2014

Nyabenda Pascal, umukuru w’umugambwe CNDD FDD arabeshuza ivyashikirijwe mu rwandiko rwo mw’ibanga rw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ko Imbonerakure za CNDD FDD zahawe ibirwanisho. Umushingamateka Pascal Nyabenda avuga ko ari ikinyoma.

Mu rwandiko rwo mw’ibanga rw’ishirahamwe mpuzmakungu ONU, bagiriza bamwe mu ntwazangabo z’igisirikare c’Uburundi ko bariko bakwiragiza ibirwanisho mu rwaruka rw’Imbonerakure za CNDD FDD mu ntara za Bururi na Makamba.
Pascal Nyabenda, umukuru w’umugambwe CNDD FDD amenyesha ko ivyandikwa n’ibimenyeshamakuru, hamwe n’ibivugwa n’amaradiyo ko urwaruka rw’Imbonerakure za CNDD FDD rwahawe ibirwanisho ari ikinyoma cenyuje. Mu rwandiko umugambwe uri ku butegetsi wasohoye ku muhingamo wo kuri uwu wa kane, ntibatanze umuco ku mazina y’ibihangange vyagirizwa ko arivyo bihagarariye uwo mugambi wo gukwiragiza ibirwanisho, hamwe n’ibibanza bivugwa ko vyakorewemwo imyimenyerezo ya gisirikare n’urwo rwaruka rw’Imbonerakure za CNDD FDD, ariko bamenyesha ko ibivugwa vyose ari ikinyoma, ahubwo ko uwufashwe ari mu makosa yohanwa ku giti ciwe, hakurikijwe amategeko.

PNG - 570.7 ko
Pascal Nyabenda, umukuru w’umugambwe CNDD - FDD

Ku bavuga ko umugambwe CNDD FDD uriko utegura ihonyabwoko, umushingamateka Pascal Nyabenda, umukuru w’umugambwe CNDD FDD yibutsa abagiriza umugambwe arongoye ko ariwo werekanye akarorero mu gushira amoko yose mu nzego zose z’igihugu.

Pascal Nyabenda asaba abavuga bose ko ibirwanisho biriko biratangwa mu ntumbero yo gutegura ihonyabwoko ko boshira ahabona ukuri kuvyo bagiriza umugambwe CNDD FDD. Nyabenda agira ati : "Umugambwe CNDD FDD usaba ko ababivuga bovuga iyo babikura, berekane ibimenyetso bigaragara, gutyo ikinyoma gikubitirwe ahashashe."


Egide Nduwimana

Messages

  • Cndd Fdd nimureke kuyitinya mukuyigereka inteba ishushe.kwirko iratanga ibirwanisho mukaba mwabimenye nabo yabihaye ndunva mwabamenye nimuberekane mwongere muvyerekane!! nimureke amajambo murwize ibikorwa.Cndd Fdd nawo numugambwe wigihangange ufise inguvu uhabwa nabanyagihugu apana uhabwa ninkoho!aho mufise umugambi wokuwambika ibara ngugomba ugirihonyabwoko? nimutekereze abanyagihugu bozoca urubanza.Cndd Fdd ramba uwukwanka akwandureko kuko aho wavuye urahazi!! umugaba ataco yimariye acunga urugo rwuwundi aho gucuga rwiwe.muvuga dukora dukora dusenga.

  • ahubwo ubwo nubwo nubwoba barabona ko 2015 nubu bazotsindwa kuko MZEE nkurunzi abene gihugu turamwikundira.nimba batinya gupfa nibatekere batwagwe numuhutu kuko ivyo vyose nimikino yabatutsi.nyakubahwa mubwire president ntiyumvirize induru zabo bavyinajoro ahubwo ategure iyindi migambi mwishi mwiza azoshikiriza abene gihugu.ariko je mbona botekereza kuko imyaka cumi nawe ntu ntitwoba turibagira gutera ibisasu vyo mumutwe

  • Mbega uya mabuye twiremetse CNDD-FDD tuzoyaturwa nande?

  • Mbega uya mabuye twiremetse CNDD-FDD tuzoyaturwa nande?

  • Mbega uya mabuye twiremetse CNDD-FDD tuzoyaturwa nande?

  • Mbega uya mabuye twiremetse CNDD-FDD tuzoyaturwa nande?

  • Mbega uya mabuye twiremetse CNDD-FDD tuzoyaturwa nande?

  • Mbega uya mabuye twiremetse CNDD-FDD tuzoyaturwa nande?

  • Mbega uya mabuye twiremetse CNDD-FDD tuzoyaturwa nande?

  • Mbega uya mabuye twiremetse CNDD-FDD tuzoyaturwa nande?

  • Mbega uya mabuye twiremetse CNDD-FDD tuzoyaturwa nande?

  • Mbega uya mabuye twiremetse CNDD-FDD tuzoyaturwa nande?

  • Ninde yabony,umuhigi atungwa nibiharage bakumbuye kunw,amaraso.

  • Ntagitagaza kirimwo kuva bamaze kwicabangahe uwutabona ko hari ivybateguwe kugira 2015 amatora ntabe yoba ari impumyi .gusa nuko ubu bimenyekanye bikavugwa namakungu nayo abArundi twabibona nuko ataho bari buvugire ikibabanje nuko hari abantu bagishigikiye ubwicanyi bikanabahimbara gose akarorero raba abanfika bamwe bamwe kuri runo rubuga harimwo ibinywa maraso

  • Abatutsi bamwe bamwe nabo bazungu hari ikintu mwibagira cane. Ntimuze mwigere mugereranya abahutu babarundi nabanyarwanda. Ntimwiyumvire ko abahutu babarundi muzorasa urusoro rumwe bagaca bashira inkoho ku migongo biruka baja mu mahanga. Abahutu babarundi naba vrai patriots. Ndafise uborerero bwinshi. 1996 major Ngurube yasanze umu major wu mu ex far I Kalemi iriko agwanira ubufu na banyagihugu. Aca aramubwire ati:"ndagaruka ku mugoroba umbwire uwo mu major atagira abasirikare". Uwo mu major yaraye muri Zambia. Aba fdd bose baguye muri debandade muri Zambia mu mwaka umwe bose baba basubiye ku rugamba aho benewabo BA BA congomani na banyarwanda baca bigira mu gucrea amaduka. Nakagohe nagira mvunire umuntu wese yibazako umuhutu wubu azoba uwogupfa gukandagirwa. Aba bazungu nabo batwubahe nkuko tububaha. Ko badutereranye imyaka ni myaniko dutemagurwa ntitukiriho?

  • Har,abigira abavugizi ba bahutu nka kumwe umenga abahutu bari mwiparadizo.abahutu bamaze gupfa kuva muri 2005 bangana iki?reke kuba mutamba kumivyimba abantu.mbe none UN ipfa iki na cndd fdd? Amaraso yasesetse aramaze benewacu twubake igihugu tuve muvyiyumviro bishaje.aho uwo mudasangiye umugambwe umenga ninyagupfa.

  • Mbe NWARI wewe uwokubaza ibinwamaraso wovuga kwari bande???.hari amazina yabo makeya woba uzi nguyatubwire,wewe kubera uri umututsi uvuga ngo abahutu nibinwamaraso,ahokandi ugafatira mubwinshi,nanje ndi umuhutu nkavuga nti ibinwamaraso nabatutsi,nkafatira mubwinshi,none gashahu wunva kwakuri kwo kuvugana ukuri nokurekuriranira,kuzoshoboka gute??.uraraba sha muvyo wandika uze urikebuka,kuko wewe uri nkaya NGUMBA ITAZIKIBI IRIGAT,ISHENYO,wewe urikitazi!!!.bureka gufyina,kandaho wewe ubigira nibigirankana,ariko uraraba ugarukirizaho.kuko akenshi nama ndaba ivyo wandika ntaco bitwungura muntumbero yokwubaka igihugu.

  • Nkurunzizaand his men are acting like headless ppls ... If they atempting the genoside..we burundian living a broad we will not punish these offended also to the suspucted Hutus

  • Nkurunzizaand his men are acting like headless ppls ... If they atempting the genoside..we burundian living a broad we will not punish these offended also to the suspucted Hutus

  • Wesha MwArimu ? ivyo bintu vyawe vyamoko nivyawe jewe ntuzi ico ndico kiretse,ko vuga ibitaguhimara kuko ufise ico wiyagiriza?ibinywamaraso nivyo ushaka ko nda kubwirA ni aba DD kuko mwica abantu bose Ata nimpavu zihari nazimwe nico baca bita =ibinywamaraso nimba uriwe va muro womugambwe hakirikare uje kwigisha ibindi vyokumarira,akamaro ureke kwigisha guca imitwe abantu bakAyitora muzuzi

  • Ibi nabivuze haraheze amezi abiri. ehe raba ONU birayinaniye kubigumiza mu kabati ibikamwo amabanga. Akari inyuma karahinda

  • Umuhutu ni serwenda arara atariye nayo Bunyoni, Dorufu na kurunziza barabaye abatutsi dans l’entendement des ideologues hutus

  • Abo ba cndd. Fdd nibareke kwiyegeraniriza Abansi kuko bamenye ko atagifise intango kitagira iherezo nibatange izo nkoho ariko ntibibaze ko aribo bagiye mwishamba gusha bonyene aho barikwihenda canee gose. Nibazitange ariko bamenye ko bazomera nki mpene yamize akamwanya abarundi turaruhijwe nintwaro mbi yaba cndd fdd ariko izombonerakure barazihenda ngo bazokwama kubutegetsi abaciye mukiroberi barahari kandi bagwana gusumvya cndd fdd izonkoho bitwaza nabandi barazigeze sibo bazi kurasha bonyene tubirorere

  • None ko abo bayware bahanurwa ntibumve, ubu babona ibintu bigeze he? Harya intabarirwa ibarirwa n’uko amaso atukuye. Ndabarahiye ko umuntu yahenze Aba CNDD-FDD ngo bitware nk’inyeshamba kandi twabatoye izuba riva, yarabashoboye. Ndazi ko Nduwimana batazobona naho yaciye niyo rwageranako.

  • Abo bantu bariko bafyina bafyinisha ibiriko bivugwa, ngirango ntibazi neza izi mvugo zivugwa isi yose ico zishobora kuzanira abari ku ntwaro ndetse n’Abarundi bose.

    Ndi mu mahanga. Ndavye ukuntu hari mobilization ngo hari gutegurwa genocide mu Burundi, Abarundi ntibabifate minenerwe. Ejo muzobona kabarutse, inteko z’amahanga zishware igihugu ngo baje gukinga.

    Murye mwigerera. Uwuhaze nawe ahishe agahimbo. Aho iyo ntwaro yagiye ndabarahiye.

  • @Macedoine ivyo uvuze ntavyemezo ndabibonera kuko ivy’ico gihe uvuga vyarahindutse!Ahubwo niwigishe ibindi bishasha vya 2014 (ivyubaka)!None ubona waratsinze?Wotubwira agace kintara y’uburundi mwafashe?Reka kwihema usamaza abantu!

  • Ivyo bipinga nibabigarure ubwenge sha ntakamaro ko kubana n’abadutobera!Ndashikiye imbonerakure mubikorwa vyazo nawe mutama ntakabi akarere turakobona !

  • WE BURUNDI BUHIRE NKWISHUYE NTI MU GIHE ABARUNDI BAZOMENYA ICO ARI CO GUTORA NO GUSHIRA KU RUHANDE AMOKO MU GUTORA NAHO SI VUBA ARIKO SINGUCIYE INTEGE...

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.