Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Petero Karaveri atwawe nabi n’abakorera urwego rw’igendereza - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Petero Karaveri atwawe nabi n’abakorera urwego rw’igendereza

Petero Karaveri atwawe nabi n’abakorera urwego rw’igendereza

lundi 27 Ndamukiza 2015

Petero Karaveri Mbonimpa ahejeje gutwarwa n’abakora mu rwego rw’igendereza.

Uwo mutama usanzwe arongoye ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu n’akabanyororo, akaba akuwe ku kigo c’abamenyeshamakuru, aho yaraje kuraba uko abaporisi bariko bugariza ico kigo. Petero Karaveri Mbonimpa akaba yatwawe nabi cane, aho umwe mu baporisi akorera urwego yamukweze agenda amuhonyoyeko. Uwo mutama akaba nawe ari mu bahamagaje imyiyerekano yo kwanka ihonyangwa ry’amasezerano y’Arusha. Petero Karaveri Mbonimpa rero, kugeza ubu, akaba atanumwe azi aho yajanywe.

Tubibutseko no kuri uyu w’Imana umwe mu banyeporitike Francois Bizimana asanzwe ari umuvugizi wa FNL yigenga, yatwawe n’abakorera urwego rw’igendereza, ariko akaba yaciye arekurwa mu masaha yo mw’ijoro.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.