Accueil > Amakuru > umutekano > Petero Karaveri Mbonimpa : ’’Nzoja imbere mu kwiyamiriza ikiringo ca (...)
Petero Karaveri Mbonimpa : ’’Nzoja imbere mu kwiyamiriza ikiringo ca 3’’
jeudi 2 Ndamukiza 2015
Mu gihe inyinyurana mu mugambwe CNDD FDD ribandanya bamwe banka ko umukuru w’igihugu yitoza abandi nabo bagashako ko yitoza ku nguvu mu kindi kiringo ca gatatu, amashirahamwe ataho yegamiye muvya poritike nayo nyene ntiyicaye.
Petero Karaveri Mbonimpa arongoye ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu n’akabanyororo APRODH, avuga ko nawe, azopfuma ahasiga ubuzima hako umukuru w’igihugu w’ubu yitoreza ikiringo ca gatatu. Mbonimpa akaba avuga ko yiteguriye kuzoja imbere mu kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza. Ku bw’uyo mutama aharanira agateka ka zina muntu mu Burundi, ico kiringo ca gatatu hamwe umukuru w’igihugu yovuga ko azocitorezamwo, azoba asenyuye ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi n’amasezerano y’i Arusha, yabonetse bigoranye.
Mbonimpa akagira ati : ’’Ayo masezerano hari n’abatari kuyashirako umukono iyo batabona umukuru w’igihugu ca Reta zunzubumwe z’Amerika’’
Abandanya agira ati : ’’Hamwe amasezarano ya Arusha yorengwa mu kwitoreza ikiringo ca gatatu, ntaho bizoba bitaniye n’uguhonyanga imivyimba y’abafashije kugira ayo masezerano aboneke’’, aha akavuga nka Nelson Mandela yahoze ari umukuru w’igihugu ca Afrika y’Epfo na Nyerere yahoze arongoye Tanzaniya.
Petero Karaveri Mbonimpa rero ari kumwe n’ayandi mashirahamwe atari make yo mu Burundi hamwe n’ayabakenyezi, bakaba bamenyesha ko bazoja mw’ibarabara biyamirize ikiringo ca gatatu ca Petero Nkrunziza, umunsi nyene umukuru w’igihugu azovuga ko azitoreza ico kindi kiringo.
Aristide Nizigire
Messages
2 Ndamukiza 2015, 16:13, par Nuwera
Pierre Karaveri nurwankorwishi asanzwe afitiye Prezida Nkurunziza avuzengo nopfumapfa hako Nkurunziza yokwongera gutwara uburundi!!! Mwombarira icabantu bavugagurtyo icobababashaka gukora?
2 Ndamukiza 2015, 16:23, par mutesi
WOWE UZOBA UFITE ICO URWANIRA KUKO UTABIKOZE YANKUNGA AMAKUNGU AHA IRYOSHYIRAHAMWE YOCA IHAGARARA, JYESE NZOBA NSHAKA IKI?
2 Ndamukiza 2015, 16:23, par ARAKAZA DIEUDONNE
mutama komera ariko wibuke ko nabo biteguye kugwanya uwo wese azoja mwibarabara.bizohererahe?reka turindire
2 Ndamukiza 2015, 17:41, par nduwimana
Petero claver iyo ngwano ukokeza haraho itaguhitanye wosanga ihitanye abawe.bandanya uta umunwa.
ahubwo ngira warabonye ko uri muri bonus yimyaka kweli.
reka turindire turabe.Mbega ivyo uvuga wabitumwe nande ko udaserukira twebwe...!!!emwe ha.
2 Ndamukiza 2015, 18:11, par juju
nuwera na mutesi uwo mutama wintwari mwishuy uk vyerekana namw ko murabicanyi nkabo yiyamiriza kand ntaco muzovamw kunyw amaraso yabarundi iherezo abayanwa azobahumira
2 Ndamukiza 2015, 18:13, par Munegwa
Hakuba imbwa wopfuma uba imva! Claver komera kw’ibanga twese abarundi n’abarundikazi turagushgikiy. Nayo uwo yizita ngo ni UWERA nomusaba gusubira mumwaka wa1 kwiga, ahandiho impumyi ntaho zibuze!
2 Ndamukiza 2015, 19:57, par Niyonkuru
NUKUR NTAWUZOSIGAR
2 Ndamukiza 2015, 20:45, par binwa
nimureke kwirigwa muta umwanya twabonye vyishi kandi twabuze beshi abo bose bambonimpa na ninahazwe nibavuge igihe abana biburundi bakorogwa kama etage kuri ets barihe isinzi ryugwaruka gwabahutu biciwe muri kanuza inyuma yigandagugwa ryuwo twabuze tutanka nabafasha biwe ubu haragezeko bavuga uwuzotangura ingwano nubu turiteguye gukingira
abana bacu ntatanzania tuzosubira
2 Ndamukiza 2015, 21:58, par SINZUMVURA
Mutama komera kwibanga abo bigira ibikomangoma nabo bamenye ko ataribo bazi kurasa bonyene, ahubwo udukurikiranire abo tubona bari mumyimenyere gisirikare ingozi biyita abasiti,ahandi abarundi bumutima turi inyuma zanyu.
3 Ndamukiza 2015, 00:09, par iranyibutse evode
muraraba.neza.gusa.ntidusubire.guturatura.petero,nkurunziza.niyemeribeyi.avuge.ah ahagaze.hakibomvye
3 Ndamukiza 2015, 07:48, par uwashishwe
Jewe ico nyereka uyo yiyita "nuwera" nkamubaza ico agamije mu kwigira impumyi ku mabi akoregwa muri iki gihugu. Canke apfa kwandika ataba i Burundi. Nuwera, emera ko iyi ntwaro yabaye iy’amabi menshi, ubwicanyi, ubusuma, akarenganyo, uguhungabanya agateka k’abo mutavuga rumwe, n’ubu mukiriko. None wibaza ko Abarundi bazobandanya bari mu buja uko nyene???? Cira birarura, d’ailleurs mubandanije mwigira akananira bahinga ngo n’izo mboneranyuma muriko muha ibigwanisho, ngo cnndd-fdd iri ku ntwaro, abantu mwese mushigikiye ababisha muzoheza muranduranwe n’imizi. uwuri n’amatwi niyumve.

3 Ndamukiza 2015, 16:04, par mbonimoa
kazehe haragezeko uruhuka ahandiho uzogwa kwishantien amahera nimabi uritimbera kazehe ngiraniwe ufise ishirahamwevrijaze kurutayandi
4 Ndamukiza 2015, 01:57, par manirakiza
ako gatama ni ukikigirwa kure ntikadukwegere,karwaye umutima,karaha babutswe,pression systorique na diastorike ni yaduga kakicinya hasi kagapfa,bazobeshera imbonerakure,itonde muzee urashaje,we uzoshobora,itizi?reka urya mu officier wawe yiruke,sinon,uzohasiga amabwena
5 Ndamukiza 2015, 18:40, par vital
Barundi twirinde gukokeza intambara ushobora kumenya uko utangura intambara ariko ntumenya uko uyingiza nukotwirinde ba Rundi bene wacu!!!
7 Ndamukiza 2015, 17:56, par nduwimana
petero claver urashaje ariko iyo ntambara ukokeza uriko ukwegera uruvyaro rwawe mugabo......nuzombaze ndakurahiye.
Jew mbona rero mukwinengsera woraba ivyo ukabiha kuko uko ugira kwose wewe ntuzopfa unganye na mutama nkurunziza....abo ba pacifique bihoze bariko baraguhenda....urumva rero ku neza yawe mwebwe na ba leonce,pancras,niyombare,minani,leonidas,muderega,jeremie,piyo,ntisezerana,onésime......muriko murahemukira abarundi kweli...kandi mumenyeko tubashavuriye cane.
7 Ndamukiza 2015, 18:01, par nduwimana
ni rofa mbonimpa
7 Ndamukiza 2015, 21:29
umutama ntarira busema ahubwo abashaka kajagari nibikebuke nah bamaze gucregwa
22 Ndamukiza 2015, 23:42, par FESTUS
Ivyo ntibibaho ntiyitoze