Accueil > Amakuru > Ubutungane > Petero Karaveri Mbonimpa yasubijwe mu biro vy’igendereza
Petero Karaveri Mbonimpa yasubijwe mu biro vy’igendereza
mardi 28 Ndamukiza 2015, par
Petero karaveri Mbonimpa arongoye ishirahamwe APRODH riharanira agateka ka zina muntu n’akabafungwa, ntiyumvirijwe nk’uko vyari bitegekanijwe kuri uno wa kabiri. Petero karaveri Mbonimpa yoba yasubijwe mu biro vy’iperereza nk’uko amakuru adushikira abimenyesha.
Petero Karaveri Mbonimpa yafashwe ku munsi w’ejo igenekerezo rya 27 Ndamukiza, ari mu kigo c’abamenyeshamakuru ‘’ Maison de la presse, akaba yagiye atwawe nabi nabo mw’igendereza, hakaba haciye umwanya munini ata wuramenya aho yoba yajanywe. Mu gihe co ku muhingamo niho vyamenyekana ko arikubarizwa mu biro vy’iperereza ahava yungururizwa mu giporisi c’inyamiramabi kw’i Jabe.
Petero Karaveri Mbonimpa akaba ari muri rwa rugamba rwishinzwe kurwanya ikiringo ca gatatu ca Petero Mbonimpa ari kumwe n’ayandi mashirahamwe arenga amajana atatu, akaba ari no mu bahamagariye abanyagihugu kuja mu myiyerekano yo kwiyamiriza ukwitoza ubugira gatatu kwa Petero Nkurunziza. Hakaba hari amakuru avuga ko yoba agomba kujanwa mw’ibohero rya Ruyigi.
Floxella Karire
Messages
28 Ndamukiza 2015, 12:39, par Nkunzimana Didas
Yemwe Imana nitabare uburundi,ahandiho ibintu bigiyekuyangara!
28 Ndamukiza 2015, 12:40
Yemwe Imana nitabare uburundi,ahandiho ibintu bigiyekuyangara!
28 Ndamukiza 2015, 20:33, par Kwisé
Naho Bomwica Apfira Ubundi Nka Gwagasore Ariko Ukuri Kugumaho Twe Abarundi Tuzomugwa Inyuma.
28 Ndamukiza 2015, 22:04, par alexis
asanzwe arumu gumutsi naje mugasho
30 Ndamukiza 2015, 11:55, par BOSCO bukuru
iyoreta nukuguma ifunga abantugusa jekubwanje iyo ntiyari inyishu iyobaba bandiboku nvirije impanuro ariko kobans kumva bagiy kubona ibara vuba igihano cimana ngico