Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Pierre Nkurikiye:" Amasase 80 ariyo yatowe mu gikorwa co gusaka muri (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Pierre Nkurikiye:" Amasase 80 ariyo yatowe mu gikorwa co gusaka muri (...)

Pierre Nkurikiye:" Amasase 80 ariyo yatowe mu gikorwa co gusaka muri quartier ya Jabe"

mardi 11 Myandagaro 2015

Icegera c’umuvugizi w’igipolisi Pierre Nkurikiye amenyesha ko amasasu 80 n’abantu bane aribo bafashwe mu gikorwa co gusaka ciriwe kirabera muri quartier ya Jabe kuwa mbere igenekerezo rya 10 Myandagaro 2015.

Igikorwa co gusaka cabaye muri quartier ya Jabe catanguye mu gatondo kirangira mu masaha yo kumugoroba w’ijoro.Nta muntu n’umwe yinjira canke ngo asohoke.

Naho icegera c’umuvugizi w’igipolisi yamenyesheje ko hafashwe abantu bane gusa,abanyagihugu bo muri iyo quartier bavuga ko abafashwe barenga ico gitigiri kandi harimwo abakiri bato.

Mwomenya ko ico gikorwa cabaye inyuma yaho ku munsi w’Imana igenekerezo rya 10 Myandagaro,muri iyo quartier humvikanye amasase menshi n’ama grenades.

Amakuru ava mu gipolisi akavuga ko hakomeretse abapolisi babibiri n’imodoka imwe y’umunyagihugu yaturiwe.


Van Naris Mugisha

Messages

  • turavye ivyo uwo avugira i gipolici ashikirije. arambitse ibara abanyagihugu baba mwijabe, kandi arabesheye ni gipolici ngo cafashe ayo masasu.

  • Abo nibabeshe abandi, nayo abarundi twarabahinyuye. Mbega hari umurundi agihendwa n’ibijambo biva muri iyo minwa y’ababeshi? Barondera inzira yo guhohotera abarundi gusa ntakindi. Bamwe ngo batoye ijana, Abandi ngo 80. Amakungu nanyaruke gucungera umutekano, nayo aba bobo twarabahaze

  • c’est pas possible!! amasase 80 gusa? inkoho zo bayarasisha zagiye he? ahubwo rero igipolisi gikwiye gusaka igisagara cose ca bujumbura, bakacugaririza rimwe, umwanya umwe nkakurya babikoze kwijabe. niho abo babitunze batoronka aho babinyegeza. Sinon barashoboye kurara bararasa mwi quartier imwe, bugira buce bagaca baja kubinyegeza muyindi quartier!

  • Ahubwo ayo MASASE wayatoye munzu kwa so wawe,rekana iyo mitwe mwebwe twarabahinyuye politique zaba CNDD-FDD zarataye igiye.

  • Une Fois Dans L’ Histoire! Kuva Isi Iremwa.Hafatwa Abantu Bane N’ Amasasu80.None Abobantu Bafashe, Ayomasasu Bayarasisha Iminwe?

  • Ako nagatwenza,amasase 80 nukuvuga chargeur zibiri, aho mwiriwe murasaka arivyo bibajanye, ntanuwuzi kwatarayo mwijaniye,mwaramaramaye kuko mwatashe zirayoye mwambika ibara quartier yose ibamwo abantu ibihumbi nibihumbi bitekaniye atarimwe muja kubavyonga.genda muvyake imbonera kura mwabihaye, niryivyatsi

  • BANTU.REKA.GUTOTEZA.BENE.WANYU.ABANYAGIHUGU.ABAPOLICE.NABANA.BIGIHUGU.AMARASO.ASESEKA.SAMAZI.OYA.IMBÔNERA.KURE.MWINJIJ.MUGIPOLICI.ATANYIGISH.BITANAZWI.NIBO.BIRIRWA.BARICA.ABANTU.NDABABAZ.IJORO.RYOSE.BAROSE.ISORO.80.GUSA.UKO.NUKUDUHENDA.NIZANYU.ARIKO.MUMENYE.ABWATSI.BURASHA.BUKABISA.UBUNDI.IKEBUKE.MUKWIRIKIZE.AMATEGEKO.YIGIHUGU.NICO.IJAMBO.RYIMANA.RIVUGA.MWUBAHE.ICIJAMBO.RYIMANA.RIVUGA.UBUZIMA.BW.UMUNTU.NAKATIHABWA

  • Human Rights watch niyumvako hariho abantu bafatanwe ibirwanisho izaguca ishavura. Ariko kwaba polisi bakoneretse hagaturirwa nimodoka yumunyagihugu ngirango ahoharayiryohera. Ariko ndabona ayamakuru adakwiye, none aboba polisi baraguye barakomereka? Komutatubwiye impavubakomeretse? Ikindi iyomudoka yumunyagihugu yariko iragenda hanyuma umurirowaduka mu mpteli irasha? Canke nabayituriye? Nimbarabayituriye nibande? Ayamakuruntatomuye ikinicocerekanako amakungu aronka inkuru zidakwiye noneho agafativyemezo bituba abataribake batangara. Ariko uwoshaka yozaravuga inkuru ukwiri vyozomufasha kubesha birabujijwe narabisomye nomuriyamabwirizwa 10 y’Imana mbere mengo ninkibwirizwa rya 9 nihohabuza ivyokibesha.

  • Mbe nkurikiye aracafise icavuga ko yihindura ku munsi ku munsi mu mvugo, ntakirwanisho bahatoye namba, ivyo yavuze nivyo kubesha nabo bafashwe si abo gusa bararenga, ikindi naco ntibari bajanywe nigikorw acugusaka bari bagiye kurondera icorirenza kko barivye bakaka amahera abanyagihugu nimba batagihembwa ntituzi navugeneza uko vyagenze areke guhenda abantu namakungu

  • ICOGIKORWA NICIZA CANE ARIKO BAFASHE AMASASU GUSA INKOHO ZAYARASA ZAGIYE HEHE BARABE NEZA KO ATABANTU BARIMUNZEGO ZUMUTEKANO BAKEBURA IZONKOZIZIKIBI BAGACA BAHUNGISHIVYO BIRWANISHO UWUZOFATWA YIRUKANWE KUKO AZOBARUMUHE

  • None ayo masasu’ atagira inkoho ni bwoko ki?bakwiy gufata uwabahaye info ku kwi jabe har’ibigwanisho kuko ntabihari .kand Bible iravuga ko wa munsi w’imperera inyuma hazoobimbwa. Abarozi nabakunda kubesha kandi bakanabikora. Rero twese twiyubare kandi dutinye Imana.ingero yicaha n’urupfu. Ibi turimwo bizohera .ikibazo kigari n’iki mbega inyuma yibi nzobana nabandi?dukundane tuvugana ukuri tugiruranire imbabazi

  • Ngirang barabony k ata bigwanish bahatoy n’ayo masasu nayo bagy batway mun2mbro y’irementanya!ahubw ibigwanish binyegjw mu mbonerakur.abo banyaghugu bafashw nn bagirizw ik?babony babuz nn bamaramay!ahubw n’amakung navyumv k mu brnd bakorsh amaremntanya

  • Polisi
    ugafata UMWANA none nyina wiwe arihe ?

  • Nagira mwatoyeyo ibigwanisho smasase yo namwe mwyasigayo mwinjiye kwiba nugufata intungane ihonya bwoko mwateguye ryanse murabesha muhava nabi hatarenze igihe

  • uyo avugirigiporisi ahogukorera abanyagihugu araba abamuha amahera

  • burya hari na amasasu bakoresha mw itopito

  • Ariko ntanisoni uwo mugabo agira pe? Ngo bafashe amasasu 80 nabantu 4umusi wose kugeza aho atawusohoka cartier canke ayinjire...? Imana ntizokwihanganira umunyakibi,umunyabinyoma,...Gusa nivyaba arivyo nivyiza.gusa inzira yukubandanya kuzana amahoro nugukura ibirwanisho mu mbonerakure.nibaba babikuramwo naho murubwo buryo nkuko bizwi,nisawa ariko tuca tubita ko batinya kugaragaza ukuri ahabona.

  • Hee None Baribibaza Kovyari Guherera Harya!!

  • NIBAKOMEZE ICO GIKORWA CO GUSAKA

  • je n’ai ni a commenter ni a dire car je ne s6 pas completement mûr!

  • Emweee!!Namwe Murahba Mugashkuza!!Ayo Amasoro Bayarashisha Iki?Umunwa?Twarabahinyuye Mureke Kwiteranya Ku Mana Ngo Izobabera Icabona Wanguha!Ahbwo Kora Ayo Manyanga Yanyu Hama Muzoyabazwe Kuk Imana Ihora Ihoz Mwe Na Bado Muta Ni See.,,,.

  • Abandi bariko bugurura amagorofa y’ibikorwa vy’iterambere namwe muriko munigana vyonyene. Aba DD muri igitutsi ku Burundi. Uwozana umucanwa ukabarigita hakavuka abandi bantu. Nkurunziza waramaze kuba Nkurumbi ku Barundi kumwe kwa ba Micombero, Bagaza Buyoya.

  • bantu bo mwi jabe nyakabiga cibitoke musaga mwibwirako ivyo mukora TUTABIBONA mwarirukanye AMAHORA NGO ababanye menshi mwebwe muzokwicuza murindire! ego mwarafashe ibirwanisho ariko mumenyeko muriko mukwegera abana banyu imiryango yanyu pacifique nininahazwe n,abandi barabahenze ngo murwanya ibirindo mutazi none ubu barihe?ngomugomba gufata ubutegetsi kunguvu bibata kuwamazi! ndababwire agasozi kintahanurwa kahiye abagabo birabira.ubu biracakunda ko mubinyegeza ibirwanisho bigakunda hamango ntavyatowe mwarikwegeye simbabesha.LETA muzoyirwa manda ihere niyindi ihere niyindi gutyo gutyo ariko nimwe muzokwibuza amahoro LETA IZOKWAMAHO.iryohonyabwoko narya nimwe mwariteguye na pacifique ariko vyabankiyeee ve ibuzimu muje ibuntu.

  • icombona nuko uwowese bbonye uwutunze ikigwanish yoca abimenyesha abajejwe umutekano barundi barundikazi nimuze tureke kwisamburirako nkinpene

  • ariko by ukuri koko twicare abantu bigire utumana tubabona congo braz, rdc, uganda, rwanda nta bya EAC, UA reka byose nuguswaganya afrika ntizigera ihinduka tuzama mu bukoroni bwa abazungu gushika kuko natwe ubwacu turabukunda ntimuze musubire kubeshera abazungu

  • MBEG NKURIKIY WIBAZAKO ABANTU TUDAFIS UBWENGE!NKUKURI KW’IMANA IRYO REMENTANY NTIMWIBAZ NGO NTIBIZOBAHINDUKIRIRA!IRYO SAKWA RY’IBIRWANISHO MWARAY MUGIZ RIRATOMORA NEZA IREMENTANY RIGIRWA ABATAVUGA RUMW NA RETA!MWAGIY GUSAKA KUBER AMASASU N’AMAGERENAD VYAVUZ IJORO RYOSE KW’IJABE!NDAKUBAZ RERO."KO MWASATS QUARTIER YOS NGO MUGATORA AMASASU GUSA,BAYARASISH IKI?MBEG IZONKOH ZAVUZ ZAGIY HE?AYO MAGRENAD YO ABAYATEY NTANIMW BISIGARIJ?HAA!MUTAMA!URUMV GUT?BIRUMVKAN KO ATANUMW WO KWIJAB AFIS IKIRWANISHO!UBWO SI ABAJ KURASIR KWIJAB KGR HAFATW ABAHO?BIRUMVIKAN KD ABO BARASH KWIJAB BASHOBORA KUB BAR BAMBAY UMWAMBARO UTUMA BADAFATW BASOHOTS QUARTIER NKA KUMW KO KUR BABABIKIR BICW BUNYAMASWA NKUK TWAVYUMVIS KU MAKURU!"MANA TABARA UBURUNDI""IKINYOMA NTIGITSINDA UKURI."

  • ibyobyose abarundi barimo ntacyobyazabagezeho mubyukuri badashyize hamwe nkabarundi
    ngo biteze imbere nka barundi jye mbona ko ntacyobazageraho birakwiye ko indorerwamu yamoko muburundi irekeraho erega ubuhutu ,ubututsi cyagwe ubutwa ntacyobimeze uretseko abakoroni batwangije gusa bakadushyiramo ibyo kandi mubyukuri ubuhutu ,ubututsi,ubutwa ntibizajyana umuntu mwijuru bavandimwe muteretse ibyo byamoko ntacyomuzageraho mbemwakwigiye ku Rwanda ubu ko ntabuhutu,ubututsi cysgwe ubutwa mubonatubay’iki ubutwe nkabanyarwanda twamaze gusobanukirwa ibyo twarabirenze twe turi ABANYARWANDA TURI ANYARWANDA ngaho namwe nimube ABARUNDI bazira ubwobutindi bwamoko.IMANA nibafashe mutsinde uwomubisha wamoko meze mugire IGIHUGU cyanyu nka paradizo murakoze

  • ABAJEJWE UMUTEKANO NIBAKOMEREZE NGAHO ,KUKO IVYO BIRWANISHO NIVYOKUMARA ABARUNDI.

  • Bantu Mwese Nimwihane Icitwa Icaha Cose,hama Musenge Mwuzure Pwemu Yera,nico Gikuru Muri Vyose.

  • Ewe nkurikiye uratwengeje kandi urababaje aho urakenyeye ube avocat du diable nka shobuja ?Ako ka da kawe kazokwuzura ryari?Aho wabesheye nturaruha?umenyeko ingumba itazi ikibi irigata ishenyo .One day one time uzobibazwa.

  • Aba porisi bacu barashoboye akazibabatumye.

  • UKOBIRIKOSE INKUBA IRABIJE NTUVUGA NGOMARABANSI KUKO NABAKUNZIBIRAJANA GISIGURIKI UWUTOBITANGAKUNEZA AKABINYEGEZA MUBOBIZOMARA HARIMWABIWE KUKO KWIJABE IVYOBATOYE SIVYOGUSA NIBABITANGE KUNEZA IMANA YA SHUBIJE IJAMBO ABENE GIHUGU IRABABONA RINDIRAGUSA.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.