Accueil > Amakuru > umutekano > Pierre Nkurikiye: ’’Umutekano wifashe neza muri rusangi mu gihugu (...)
Pierre Nkurikiye: ’’Umutekano wifashe neza muri rusangi mu gihugu cose’’
vendredi 11 Kigarama 2015
Ubushikiranganji bw’umutekano bumenyesha ko naho hari ibitero vyabaye mu gatondo ko kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 11 Kigarama 2015 mu makambi atatu ya gisirikare,umutekano wifashe neza muri rusangi mu gihugu cose.
Mw’itangazo ry’ubushikiranganjo bw’umutekano ryasomwe n’umuvugizi w’igipolisi Pierre Nkurikiye kuri uno wa gatani igenekerezo rya 11 Kigarama , ubushikiranganji bw’umutekano bumenyesha ko uretse mu gisagara ca Bujumbura aho abanyagihugu babujijwe kuja ku mirimo kugira ntibarwe mu mporero,ahandi mu gihugu imirimo yakozwe ukuri kwamye.
Muri iryo tangazo,ubushikiranganji bw’umutekano burahumuriza abanyagihugu bose,na cane cane ababa mu bice umutekano wahunganye,bukamenyesha ko inzeo zijejwe umutekano ziriko zirasubiza ibintu mu buryo.
Mu kurangiza,ubushikiranganji bw’umutekano bugaruka ku mirwi ihungabanya umutekano imaze gutuzwa,hamwe n’ibirwanisho bimaze gufatwa,bugashimira abanyagihugu ingene baterera mu gucungera umutekano bukabasaba kuguma bafatanye mu nda no kurwiza inguvu mu kwerekana inkozi z’ikibi zihungabanya umutekano.
Van Naris Mugisha
Messages
11 Kigarama 2015, 21:15, par kace
komera mutama!!umutekano nuwa twese aho bitagenda neza tuzobabwira musubize ibintu mu buryo!!
11 Kigarama 2015, 21:16, par Mutima
Ikibwibwi
11 Kigarama 2015, 22:11, par nzobandayabarirwa
ntitwovyizera.ijana kwijana ahubwo nukwiremesha!biragoye kwumvako umutekano ari ijana kwijana ukaca wumva abantu batagira umubare bariko barapfa!ahubwo sanze muriko muradusamaza kugira twiyibagire twikebuke batumenye imitwe!mbega ngire ico nibariza barya bantu bari bateye bari bazananye izira iyihe?ivyiwacu ninkinamico!murazi kudusamaza ariko twaraciye ubwenge!
11 Kigarama 2015, 23:01, par petero
Urashobora kuvuga ko umutekano wifashe neza nibiziga biri kumutwe wawe. Wewe mumisi iza ntuzosinzira, ukikijwe nibiziga
12 Kigarama 2015, 02:14, par Avec
Komera Pierre Nkurikiye kwibanga, Ndagushigikiye umutekano uriho kubera dufise aba jejwe umutekano binkerebutsi nkamwe. Abavuganabo ngo urabesha ngontamutekano uhari ntawobibagayira kuko ntakuntu wokwishiramwogo ndashaka kwiyahura ngokugira ahomperereya humvikane kohariho umuntu yapfuye ngohagire uwukubuza, namba bazokomeza kuzabitwaje ibirwanisho ntakibuza mutazokomeza kubabwirango" reka guhungabanya umutekano.
12 Kigarama 2015, 02:21, par Avec
Mumajambomake baryabapfuye ntamu polisi canke uwujejwe umuntekano wuburundi yashaka kobapfa, ariko kubera bashaka guhungabanya umutekano abajejwe umutekano bababwiyengo re ka gu hu nga ba nya umutekano, kandi batabikozegurtyo ibara ryorwa gusumba, ariko ndibazako ivyontaworinda kubibigisha abajejwe umutekano nicogituma bama bafise inkoniyabo igihecose.
12 Kigarama 2015, 05:11, par julia
utazi ubwenge ashima ubwiwe
12 Kigarama 2015, 05:12, par julia
utazi ubwenge ashima ubwiwe
12 Kigarama 2015, 05:47, par Prosper
Naho biruko weho waruvuze ko abantu biriwe batagiye kumurimo murisuranira.nimutubwire ko arimwebwe mugira ibitero kurayomakambi ahandiho ntitwumva ingene mwoguma mutubwira ngo umutekano ngurahari baca umugani bati:<<NTAWUHISHA UMWOTSI INZU IRIKWIRASHA.>>Namwe muriko murahonya abasirikare ngo muronke ingene musubriiza na nzambonerakure mumenye ko twamaze kubimenya turabizi. abagihungu ntimwinshi bateye amakambi!!! ninkimamico zaporitike.
12 Kigarama 2015, 08:08, par jojo
Respect
12 Kigarama 2015, 10:34, par big
Barundi mwese mukunda uburundi umutekano uhungabanye tuba dukwiye kwitwararika ineza za bene burundi nimureke gukokeza mushaka ko abantu baguma biyahura,kandi mwebwe mwandika mushigikira intovyi nimwe mutuma abana b,uburundi baguma baja gusotora inzego zigihugu bibaza ngo barashigikiwe yemwe yemwe agipfa kiburiwe ni impongo ntamuntu numwe nkuko abarongozi babivuze azoza guhungabanya umutekano
12 Kigarama 2015, 10:50, par big
Nariko mvuga ko atawuzokwigera asimba nintambwe nukuri nimureke kwiyahura ingabo zihagaze neza kandi zirapanze bwira abo babatuma nabo baze kururwo rugamba urabeko badafatwa canke bicwa niho mwovyemera abo bavuga ngo ni imbonerakure mbe ndababaze nimba ubwenge bukora neza cndd fdd yoba ifise urwaruka yatoranirije gupfa gusa nabandi bazogumaho?mwebwe basha ba muvuga make nimba arivyo bigira abo banyangoma nabandi ko bataza nabo bavyigire ?umugabo murabo bari hanze bakokeza ingwano azoze gutera nawe arimwo arabe ko azosubirinyuma
Turakeje inzego z,umutekano zose uko zavyifashwo mbe wibazako bobo naho botwara wibazako izonzego bazozirukana?bazokoresha izonyene bariko bararwanya uyu munsi
Ndangije mpoza imiryango y,abarundi yabuze kuko n,abapfuye naho arintagondwa nabana babarundi bapfuye abasigaye twobasaba kuva ibuzimu mukaja Ubuntu twubake igihugu ntimwishinge ako kagwi ngo niza cnrad murambabarira sinzi nokukivuga kuko nanka ko kinca mukanwa kuko kiriko gihekura uburundi Murakoze
12 Kigarama 2015, 11:28, par kajeguhakwa
niba umutekano wifasheneza murugo iwe nahandi nikobimeze?
12 Kigarama 2015, 11:35, par kajeguhakwa
nibumutekano wifasheneza murugo iwe nahandi nikobimeze
12 Kigarama 2015, 13:39, par Gerard
Imana Ifashe Uburundi Nayahandiho Turagowe
12 Kigarama 2015, 20:08, par Bizose
Mana Tabara Igihugu Cawe Cuburundi Kigezahatemba Kuko Kigira Gihonere Mumanga Bitewe Na Bana Babantu
15 Kigarama 2015, 12:31, par elie
mana tabara igihugu c’uburundi
18 Kigarama 2015, 09:53, par Pegaze Nzoyikunda
Mbegako Avugayuko Umutekano Ariwose Abapfa Arabazi Ahubwo Yavuko Umutekan Arimuke Kugirabenegihugu Tubemaso Kumwasi
18 Kigarama 2015, 10:45, par Pegaze Nzoyikunda
ndi pegaze ndagarutse umunta wese akwiye kumenyayuko tukwiyekwiyubara mana tabara uburundi bugeze ahatemba
18 Kigarama 2015, 11:05, par Pégaze Nzoyikunda
Presidant Peter Nkurunziza Tumurinyu Gusantazasubire Kuvuga Umutekano Ntawodufise