Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC: Abashikiranganji indwi birukanywe muri Reta
RDC: Abashikiranganji indwi birukanywe muri Reta
jeudi 17 Nyakanga 2015
Abategetsi indwi muri Republika iharanira Demokrasi ya Kongo barirukanywe muri Reta,inyuma yo kwandikira umukuru w’igihugu kuwa gatatu igenekerezo rya 16 Nyakanga 2015,bamusaba ko atorondera kuguma ku butegetsi.
Ibwirizwa nshingiro rya Republika iharanira Demokrasi ya Kongo ritegekanya ko ikiringo ca kabiri c’umukuru w’igihugu Joseph Kabila kizohera mu mwaka uza ariko wewe yaranse kuvuga atazosubira kwitoza.
Abakuru b’ishirahamwe rihuriyemwo imigambwe indwi G7 ryaramugabishije ko kutubahiriza ibwirizwa nshingiro bishobora kubangamira umutekano w’igihugu.
Kuwa kabiri igenekerezo rya 15 Nyakanga 2015,abanywanyi barenga 5000 b’imigambwe itavuga rumwe na Reta,baritavye imyiyerekano yo kwiyamiriza ko amatora yo kwigizwa inyuma,kuko kubwabo ari umugambi wuko umukuru w’igihugu aguma ku butegetsi.
Van Naris Mugisha
Messages
17 Nyakanga 2015, 09:28, par Kabura
Amasezerano Akwiriye Kugendegwako Kandi Ibiganiro Niyo Nyishu Yibibazo Vyose Bihanze Igihugu.
17 Nyakanga 2015, 09:30, par ISAAC
Amasezerano Akwiriye Kugendegwako Kandi Ibiganiro Niyo Nyishu Yibibazo Vyose Bihanze Igihugu.
17 Nyakanga 2015, 11:36, par Scott
Ibi namba mutabibona ibintu biriko biraba muri africa vyerekana INTAMBARA YA GATATU Y’ISI YOSE rindira muzobibona bitabaye ivyo YESU ari munzira ari hafi
17 Nyakanga 2015, 15:09, par None?
Jewe namba uyumuoeredida atakantu karimeibwirizwashingiro kamufasha kudugurako ngwashobore kwitoza ntakwute guhindura ibwirizwashingiro ngwakunde azokwitoze. Arikorero abonabo usanga bitanganyika bandika amajambo yoguritiriza umukuru wigihugu ngontazahirahire ngoyitoze mbona babifisemwo uruhara mubituma mugihugu hacahabamwo akajagari, kukondamba ibwirizwashingiro rivugako umukuruwigihugu amaribiringobibiri uwubajije abobakorana numukuruwigihugu bababishurako ikiringociwe kitarahera atikandi igihe cogutanga abakadida nihomuzobonera igihagararo ciwe atariko mwibande kugusoma ibwirizwanshingiro rirabaha inyishu.
17 Nyakanga 2015, 16:50, par Hitimana
None gayemwe abategetsi b’Africa,bagwaye ingwar-imwe,yo kwigumiza kubutegetsi? Kagame mu rwanda,ngo ntarekuru,Nkurunziza ngo tuma mwica,none na Kabila atayeko! Mana tara afrika turarushe.