IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Rohero : Amasasu 800 yafashwe

Rohero : Amasasu 800 yafashwe

lundi 1er Myandagaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Igiporisi c’Uburundi cafashe kuri uwu w’Imana amasasu amajana umunani y’inkoho Kalashnikov n’inkoho Mi-KV. Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, OP1 Pierre NKURIKIYE amenyesha ko ayo masasu yafatiwe mu mwonga uri hafi y’ibitaro BUMEREC biri mu gisagara ca Bujumbura, muri zone Rohero.

Ayo masasu yari kumwe n’ibindi bihimba (Pièces) vy’inkoho Mi-KV vyari bitekeye mu mufuko, nk’uko bimenyeshwa n’umuvugizi w’igiporisi.

Muri zone ya Musaga naho, mu gatondo ko kuri uwu wa mbere, abantu bataramenyekana igitigiri bahagaritswe kw’ibarabara rya mbere hamwe no kurya kabiri.

Igiporisi cagenzura ko abantu bose bo kuri ayo mabarabara banditswe mu makaye y’ingo.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.