IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Rugombo : Umunyagihugu yakubiswe n’Imbonerakure zimwagiriza ko ari (...)

Rugombo : Umunyagihugu yakubiswe n’Imbonerakure zimwagiriza ko ari "Igipinga"

lundi 14 Ndamukiza 2014

Ku mutumba Munyika ya kabiri, komine Rugombo, intara ya Cibitoke, hari umunyagihugu yakubiswe arashaya na bamwe mu rwaruka rw’Imbonerakure za CNDD FDD. Aho ari ku musego, umubiri wiwe wuzuye inguma, uwurongoye umugambwe CNDD FDD muri iyo komine amenyesha ko batanguye amatohoza kugira abo vyagira bahanwe.

Uwo munyagihugu azwi kw’izina rya Oscar Ntahondereye arwariye ku bitaro vyo mu ntara ya Cibitoke, avuga ko yakubiswe amahiri n’Imbonerakure Desiré hamwe na Daniel, bahagarikiwe n’umukuru w’umutumba. Abo bamukubise bamwagiriza ko ari "Igipinga", bakavuga ko bashaka kumupingurura (aho mukamenya ko "Igipinga" ari ijambo rimaze iminsi rikoreshwa mukuvuga uwutayoboka umugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD).

Mu bitaro aho arwariye, Oscar Ntahondereye ni indembe, umubiri wiwe nawo ukaba wuzuye inguma avuga zavuye mu mahiri yakubiswe n’izo mbonerakure Desiré hamwe na Daniel zo ku mutumba Munyika ya kabiri, komine Rugombo, intara ya Cibitoke.

James Rufunagira, umukuru w’umugambwe CNDD FDD muri komine Rugombo amenyesha ko agiye gutohoza amenye namba ivyo bivugwa vyarabaye, kugira abavyagirizwa abashengeze.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.