IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Ruhororo: Abana 2 n’abaporisi 2 ni bo bakomeretse

Ruhororo: Abana 2 n’abaporisi 2 ni bo bakomeretse

mardi 26 Munyonyo 2013

Abana babiri umwe yiga mu mashure mato n’uwundi yiga muri College ya komine hamwe n’abaporisi babiri, nibo baraye bakomerekeye mu ntureka yadutse muri komine ya ruhororo mu ntara ya Ngozi.

Intandaro ya vyose ikaba ari igisasu catewe ku muhana w’umwe mu batowe na buramatari w’intara ya Ngozi Claude Nahayo, kugira bigwe ingorane ziri mw’ikambi y’abateshejwe izabo aho ku Ruhororo. Abagabo babiri rero umwe yitwa Emmanuel na Desire akaba aribo baronderwa n’igiporisi ku mvo z’amatohoza. Abaporisi baje gufata abo bagabo babiri, impunzi zose zikaba zaciye zihereza ibarabara rya Gitega Ngozi, bararyugaza amabuye, baraheza bahangana n’igiporisi.

Iryo barabara rero rikaba ryugawe gushika igihe c’isaha zitandatu z’umutaga kuri uyu wa 26 Munyonyo uyu mwaka, rija kwugururwa ari ukwo harinze kuza abandi baporisi baje gufasha abo ku kirindiro c’aho mw’ikambi y’impunzi yo Kuruhororo. Abana babiri ni bo bakomeretse, umwe arashwe mu kirenge, uwundi nawe akaba yababaye bisanzwe mu mutwe, mu gihe abaporisi babiri bakometse batewe amabuye n’izo mpunzi. Amasasu menshi yavuze mu gihe izo mpunzi zari zihanganye n’abo baporisi. Ibintu bikaba vyagiye guhoshoroka, ari ukwo haje abasirikare bambaye inkofero z’urwatsi rubisi.

Buramatari w’intara ya Ngozi ari kumwe n’umukuru w’igiporisi mu karere k’Uburaruko hamwe n’umushikiriza manza mukuru mu ntara ya Ngozi, bakaba bishikiye aho hantu. Buramatari Nahayo rero akaba avuga ko bagiye guhumuriza izo mpunzi, kugira basubize ibintu mu buryo. Ariko hakamenyeshwa ko uwateye igisasu (grenade) mu rugo kwa Rivuzimana Baltazar we aguma aronderwa n’igiporisi, kugira ukuri kuje ahabona.


Aristide Nizigire

Messages

  • Zirya s’impunzi,impunzi turazizi turazi n’ibihugu zahungiyemwo,barya bitwa abadeplase,kumutanga barideplasa bakaja mumatongo yabo kumugoroba bagasubira kwiyegeranya hamwe,none wumva ari impunzi gute?amakambi atari make yabadeplase barisubiriye mumihana iwabo,ariko abokuruhororo bo ntibavyumva nagato gutaha mumihana iwabo,kandi ariho birirwa barangurira imirimo yabo,ahubwo bafise integuro mbi yikintu bashaka gushikako,rero nkasaba Leta koyosambura irya kambi yokuruhororo bagataha iwabo kunguvu,kurya yasambuye amakambi y’impunzi z’Induta Kasuru Mutabira nahandi henshi muri Tanzaniya ikabatahukana kunguvu.

  • UWA VUGA KO BARYA BATARI IMPUZI, BIRUMVIKANA KO ATAZI CANKE YIRENGAGIZA IMPAVU BARI HARIYA; SUKO BAJE KURAMUKANYA CANKE HARI UBUZIMA BWIZA; ICOMUHA NAWE AKABUBAMWO CANKE AGASHIKIRWA NICATUMYE BAZA KUBA HARYA; NDAGUYE NDAGARUTSE NTIBIKAMUBEKO KUKO NIKITAZI; MBE NKWIBARIZE, HARUMUNTU HARYA YICIWE ABANA BATANDATU N’UMUGORE UWABISHE NIWE ATWARA UMUTUMBA YAJE AVAKO NONE KUBWAWE N’IMBA HARI UBUNTU BURI MURI WEWE YOTAHA NGO UWAMWICIYE ABIWE BAKABANA, KO WUMVA ARIWE ARAMUTSWA UMUTUMBA YOMUTUNGANIRIZA CANKE YOMUMARIRA? BUREKA GUKORA KUMUVYIMBA WABABUZE ABABO NGO UBAGERERANYE NABARI BAHUNGIYE MURI TANZANIE. BARIKO BARASUBIZWA MUMAZU YABO NONE IKIBAZO CABARYA NTIKIKAVUGWE NGO BAJE GUTEMBERA NONE NIBATAHE. AMACAKUBIRI NTAHO AZOKUGEZA.

  • Abahutu bari mu mihana I wabo ni benshi cne mu ntara ya Ngozi. N, abatutsi bari iwabo mu mihana kandi bsabanye neza n, abandi ni benshi cane. Abo bose rero bigumiza muri site yo ku ruhororo murabashinga ijisho, igipolisi kihakanurire kuko bashobora gushinga rebelion, bakaduta mu kaga twahitiyemwo. Ni babirukane batahe ntaco bariko barahakora!

  • reka wa murwi wo kumenya ukuri no kurekuriranira ujeho niho ugusubizahamwe nyakwo kuzoba nayo umuntu agifise ubwoba ntiwoca umwirukana kunguvu ari mugihugu ciwe nimusome amategeko internationnale agenga impunzi muzomenya uburenganzira bw,uwitwa impunzi ubwari bwo. hanyuma qu,il soit exile ou deplace bos ni impunzi kuko ico bahunze kiriho.

  • Ariko ga hakiza ubwo ntasoni uvuze ukwo ngo si mpunzi?urazi muri barya impfuvyi n’abapfakazi buzuyemwo, uwutaranirwa agaramye agira ngo ijuru riri hagufi, ivugire ngira ntiwahunze canke ngo ubure abawe mu kiza c’ihonyabwoko co muri 93

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.