Accueil > Amakuru > umutekano > Rumonge : Abadandaza umubiri 18 bafatanywe n’abagabo 13
Rumonge : Abadandaza umubiri 18 bafatanywe n’abagabo 13
lundi 3 Munyonyo 2014
Abadandaza umubiri bagera kuri 18 harimwo n’abagabo 13 nibo bafashwe n’igiporisi mw’isakwa ryagizwe mu ntara ya Bururi muri komine ya Rumonge.
Abo bakobwa badandaza umubiri harimwo n’umunyarwandakazi umwe, bakaba bafashwe inyuma y’aho hari amakuru yiriwe aravuga mw’ijoro rishira uyu w’Imana igenekerezo rya 2 Gitugutu, hari abagizi ba nabi bitwaje imipanga bahava batera imisozi igize igisagara ca komine ya Rumonge, bikavugwa ko abo bagizi ba nabi bari kuzanana intara za Mwaro na Bujumbura, aho iyo mirwi yari imaze iminsi ivugwa.
Nk’uko aya makuru tuyakesha bagenzi bacu ba radiyo Bonesha FM abivuga, bikaba vyavugwa ko nyabagizi ba nabi, bari kurara muri abo badandaza imibiriaho mu Rumonge imbere y’ugutera. Abo bakobwa rero bakaba barasatswe abo 18 barafatwa, bari kumwe n’abagabo 13 baracakirwa.
Mukamenya ko iyo mirwi imaze iminsi ivugwa ndetse abanyagihugu bakagira ubwoba, bivugwa ko mu ntara ya Bujumbura muri komine ya Mugongomanga iyo mirwi isa niyahavuye nk’uko vyemezwa n’abanyagihugu. Nayo muri iyo komine ya Rumonge abayirongoye bakavuga ko cari igihuha.
Aristide Nizigire
Messages
3 Munyonyo 2014, 10:46, par Mahoro
None bakore iki ko Leta yabahevye!None babafashe babagiriza iki?Dutohoreze!
3 Munyonyo 2014, 13:31, par rudahigwa
ako gapolici karasa n’agatutsi basha
3 Munyonyo 2014, 16:49, par Nzobandora
Abo nibo bahaye bakwega umuhero mu gisagara ca rumonge
3 Munyonyo 2014, 17:01, par NTIHEBUWAYO Isaî
kuki muterekanye abo basambana ga, bavyikorera, uburundi bufise iyahe ntumbero kuaba bo mwibarabara hamwe nabo bose bgiye kurwira Kubera ubukene butugeze aho umwansi ashaka, iyaba nabagabo baronka ababaha amahera bogiye ari benshi kuko ntaco tukironka dusumira abana ikitavuzwe co n’imisore kurongora ari umugani.
4 Munyonyo 2014, 17:16, par Nyarumpama
Ni hatari, ni hatari. Ega hariho n’abatwara ubuzi butandukanye batanga akazi kunkumi nziza babanje kusambana na zo. Mana Kizuburundi, ubukureko abadede
6 Munyonyo 2014, 19:23, par SIKITU
reta irakwiye kwiye kwiga kikibazo cabo badandaza umubiri bakabarondere inzu izwi namategeko barangurimwo uwomwuga wabo. bizwinamategeko bakariha amakori muri obeli kuko nurudandazwa nkurundi.