Accueil > Amakuru > umutekano > Rumonge : Abakizura bagabishijwe
Rumonge : Abakizura bagabishijwe
jeudi 17 Mukakaro 2014
Mu nama y’umutekano yateguwe na buramatari w’intara ya Bururi Gloriose Nimenya, avuga ko gukizura bigirwa n’abanyagihugu mw’ijoro bitarekuwe muri komine ya Rumonge, vyokorwa n’abajejwe umutekano.
Ivyo buramatari Nimenya akaba yabivugiye mu nama yari yatumiyemwo aberwa n’ikibazo c’umutekano mu ntara ya Bururi. Muri iyo nama, umupfasoni Gloriose Nimenya akaba yamenyesheje ko ikibazo c’umutekano hamwe no gukizura ari ivy’anbajejwe umutekano gusa. Asaba amakomite bivugwa ko arimwo bose, kudasubira gukizura, inzego zibijejwo zigakora ako kazi.
Muri iyo nama, buramatari Gloriose Nimenya akaba yaranagabishije abantu bakora inzoga zitewe n’amategeko, ndetse bakanazidandaza mu mpisho. Buramatari avuga ko abo bantu bagiye kuvirwa hasi, kandi bagahanwa bikurikije amategeko, mu gihe izo nzoga zama zafashwe zigaseswa, ariko bikagaragara ko vyanse ko babiheba abazikora. Mukamenya ko inzoga z’imidiringi n’umukororajipo zama zidogerwa n’abanyagihugu co kimwe n’abajejwe intwaro, ko ziri mu bihungabanya umutekano w’imiryangoitandukanye, ndetse bikavugwa ko bamwe mu batware bo hasi, bari mubatuma zidatuzwa burundu, kuko bari mu bazikingira ikibaba.
Aristide Nizigire
Messages
17 Mukakaro 2014, 10:56, par UMUNYABURURI
ICO TUTAMENYE NUKO ABO BAKIZURA KANDI BATARI MU BAJEJWE UMUTEKANO BOBA BARAFASHE IJAMBO MURI IYO NAMA ? NGO CORDINATION YABO IGIRWA NA BA NDE? CANKE MUBONA HARI IBIRWANISHO BAFISE? UBONA BARI MU BATEYE MONASTERE I BUTA!
20 Mukakaro 2014, 02:56, par NKUNDUBURUNDI
Ni vyiza Nyakwubahwa Buramatari. Hagararira Intara yawe ireke kuja iravugwa mubintuu bibi nk’ITANGWA RY’IBIGWANISHO, etc.... Ariko urabe neza ntuhave ubizira. Rumonge Amarondo abantu barayaraye bihagije guhera 1994 muri Trilogy bararira "ABA ASSAILLANTS". Hahahaaaaaa!!! None ubu hari aba assaillants bahari?
25 Mukakaro 2014, 22:40, par Avite NSHIMIRIMANA
YOOOH MURAGAHOR UKO NYAKWUBAHWA! MU NAMA TWARI TWAGIRANY N’UMUHANUZ WA MUSITANTERI WA COMMUNE RUMONGE, TWARI TWUMVIKANYE KO ABO BAKINZURA BAHAGARARA. ARIKO VYOS VYABAY UBUSA. NI BAREK AKO N’AKAZI KA POLICE! N’IZO COMITE Z’UMUTEKANO ZATOW MU BURYO BUTARIBWO! MBE BURYA IMBONERAKURE ZIRAFIS UBURENGANZIRA BWO GUHAGARIK INAMA Y’UMUGAMBWE IGIRISHWA N’UWURONGOY UMUGAMBWE MU NTARA, KANDI BURAMATARI YATAY URUHUSHA? MUTABARE HAKOR AMATEGEKO KUKO MU BURUNDI HARACARIHO ABAGABO! JE NDIVUGA IZINA KUKO NVUZ AKANDI KU MUTIMA!