Accueil > Amakuru > umutekano > Rutana : Abateye urugo rw’umudandaza bariko bararonderwa
Rutana : Abateye urugo rw’umudandaza bariko bararonderwa
dimanche 2 Munyonyo 2014
Abanyagihugu bo mu ntara ya Rutana basabwa na buramatari w’iyo ntara gufasha mu kwicungerera umutekano, inyuma y’aho abantu batatu bo mu muryango umwe bagandaguriwe n’abantu b’ikozi z’ikibi.
Ku musozi wa Butezi muri komine ya Giharo, abakozi b’ikibi bagera kw’icumi bakaba bateye uwo musozi, abo bicanyi baca batera umuhana w’umudandaza, haca hicwa umugore n’abana biwe babiri batemagujwe umupanga, nayo umwe muri abo bicanyi, akaba nawenyene yarahasize ubuzima.
Muri abo bicanyi bari bateye uwo muhana w’umudandaza, bakaba bivunywe na nyene urugo, maze umwicanyi umwe aricwa, abo bagizi ba nabi, bakaba atanakimwe bashoboye kwiba, ariko uwo yagandaguwe n’ubu ntaramenyekana, uretse ko bamusanganye bimwe mu bikoresho vyica nk’inyundo n’ibindi.
Abanyagihugu bafashanije n’abajejwe intwaro bakaba bariko bararondera izo nkozi z’ikibi.
Aristide Nizigire
Messages
6 Ntwarante 2017, 21:26, par CIZA ERIC
Dusavye Abajejw Umutekano N,abanyagihugu Gukorana Inguvu Kugeza Uzonkozizikibi Bazifashe