Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ruyigi : Umuporisi yahatswe kugandagura umwana wiwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Ruyigi : Umuporisi yahatswe kugandagura umwana wiwe

Ruyigi : Umuporisi yahatswe kugandagura umwana wiwe

mercredi 3 Nyakanga 2014

Umuporisi wo muri komisariya yo mu ntara ya Ruyigi yafahswe agira yice umwana wiwe w’imfura, igihe bari batashe mu gatondo yatahutse inyuma yaho bari bamuhunze batinya ko yohava abagirira nabi mw’ijoro.

Intandaro ya vyose akaba ari uwo muporisi yafashwe ari kumwe na bamwe mu badandaza umubiri, afatwa n’umukenyezi wiwe, ari naho hoba hatanguriye ugushwana hagati y’umugore n’umugabo. Uwo mukenyezi akaba yaciye ava muri iyo nzu, n’abana biwe baja gusaba indaro. Uwo muporisi atashe, akaba yarahamagaye arabura n’umwe amwugururira, ari nako guca aca mw’idirisha ry’inzu, asanga bose bamaze kuyanyaga. Mu gatondo batashe, uwo muporisi akaba yaciye asimbira ku mwana wiwe w’imfura, amutemaguza icuma mu mutwe, aramukomeretsa cane, ubu uyo mwana akaba arwariye mu bitaro mu Ruyigi.

Uwo se yamukoreye ivyo, ubu akaba ari mu minwe y’inyamiramabi. Uwo mukenyezi agasaba ko yoronswa ibirezo vy’abana kuko areze abana indwi, batatu bakaba ari abo yavyaranye n’uwo mugabo, bane nabo, akaba ari abo yamusanganye. Uwo mukenyezi aremeza ko bari bamaze iminsi barara batubitse uwavubi, kuko atamafaranga yo gusuma uwo mugabo yari agitanga muhira iwe.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.