IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Rwanda : Impunzi z’abarundi zimenyesha ko guhunguka atari ubu (...)

Rwanda : Impunzi z’abarundi zimenyesha ko guhunguka atari ubu vuba

mercredi 22 Ndamukiza 2015

Mu kiganiro na IGIHE.com, impunzi zamenyesheje ko zidategekanya gutaha mu gihe hakiri icuka c’umutekano muke mu Burundi.

Nduwayo Erick yavuze ko yahunze itotezwa , hamwe n’ amacakubiri y’abo badahuje ubwoko n’umugambwe. Avuga ko ubutegetsi buhari bwashizeho abasirikare batazwi bakabigisha kurasa, bakabaha n’inkoho mw’ ijoro, abo nabo iyo baryamye mw’ijoro baraza kubavyura bakabatera ubwoba, bababwira ko bazobakeba.

Gahinja Silas we yavuze ko kuva aho umugambwe uri k’ubutegetsi CNDD FDD ushakiye ko umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yosubira gutwara ikiringo kigira gatatu, icuka atari ciza ku batamushigikiye. Izo mpunzi zemeza ko amahoro azogaruka CNDD FDD yemeye ko mu matora hazoba ukuri, hanyuma CNDD-FDD, ukareka gutera ubwoba abo batavuga rumwe.
Hagati aho, impunzi zishimira Reta y’Urwanda kuko ibandanya kwakira abarundi bahunga.

Mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, bo ntibabibona uko. Umushikiranganji Edouard Nduwimana, avuga ko abahunga badahunga Imbonerakure za CNDD FDD, ahubwo bahunga amajambo aca ivutu n’indenzarugero ashikirizwa n’amwe mu maradiyo.


Van Naris Mugisha

Messages

  • En plus yavuze ko babavyura mw’ijoro,jewe nari naravuzeko hari icinyegeje muri ivyo bintu,none abantu baje bakabavyura mw’ijoro ngo tuzobakeba bamenya gute ko ari imbonerakure,we ntiwumvako ari ababtutsi batumwe gutera ubwoba abandi batutsi mw’ijoro bakabikora biyita imbonerakure,mw’ijoro ,si no ku murango!!!Abahutu kumbura mwirarire nyabuna murumva iryo rementanya,nimwicunge abo bagiye mu rwanda ntibajanye n’abagabo babo,n’imisore ikuze yasigaye aho,niyo ibandanya iterabwoba n’imyimenyerezo ya gisirikare,ntimusamazwe n’amaradiyo ca ubwenge mukanure nyabuna ibintu birakomeye!Izo mbwebwe ntizishaka amatora!

  • Nibitonde Bazoba Baraza Ivy Amatora Biheze.Ariko Ntiruhungwa Nicokimwe.Iyo Barinda Tugahangana Nizo Nkozi Zibibi Zibatera Ubwoba.#MBEGA HAMBAVU YIVYO IMANA YARABESHE?#<REKA TURINDIRE AKANYA GATO CANE>

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.