IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Rwasa Agathon asaba igipolisi kudakoresha inguvu

Rwasa Agathon asaba igipolisi kudakoresha inguvu

vendredi 8 Rusama 2015

Rwasa Agathon arongoye umugambwe FNL utemewe mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu,akaba arongoye kandi urunani Abigenga Mizero y’Abarundi,asaba igipolisi kudakoresha inguvu,hamwe no kudakorana n’imbonerakure mu gucunga abari mu myiyerekano.

Rwasa Agatho avuga ko nimba hari ibikorwa n’abari mu myiyerekano vyerekana inguvu zikomeye,ngo biva kw’ishavu baterwa na Reta kuko biboneka ko ikoresha umwana n’ikinono,abapolisi nabo bakarasa abari mu myiyerekano kandi ivyo navyo bitarekuwe n’amategeko.

Amenyesha ko ata tegeko na rimwe ryanditse ko umuntu ariko asaba uburenganzira bwiwe akwiye kwicwa,agahamagarira mbere abari mu myiyerekano kwubahiriza agateka ka zina muntu igihe bari mu myiyerekano.

Rwasa Agathon aranegura inyifato ya Reta, aho bamwe bapfa ntihagire ico ivuga canke ngo ishike ahabereye ubwicanyi,ariko ku bandi ikabikora.

Kubwa Jacques Bigirimana arongoye umugambwe FNL wemewe mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu,anegura ko hakoreshwa inguvu mu myiyerekano ,agasaba ashimitse ko ivyo gusesa amaraso vyohagarara.


Van Naris Mugisha

Messages

  • NIYUMVIRAKO IGIPOLI COREKA GUHENDWA NUMUGAMBWE KIGAKORERA IGIHUGU KIRABIYE KUGISIRIKARE VYOFASHA.

  • ni bareke abantu bakore manifestation pacifique hama imbonerakure zireke kuvyivangamwo kko zitabihevye ntibazozihanganira

  • None uburenganzira bwacu twebwe abadadaza mwatwatse mukutwugarira amayira abakiriye bacamwo bazakudushorera mwovyemezako vyeme kutwaka uburenganzira bwojudandaza? Hariho ahovyanditse ngomihatwereke? Turabasaba musabe uburenganzira bwanyu bwokwiyerekana ariko namwe muturekere uburenganzira bwacu bwokwishira nokwizana kwabadushorera.

  • reka data wanje inguvu sizozonyene zikoreshwa n’igipolice aho wamaze kwibagira banyogo mu kamenge, murweru no ku rusizi aho abantu batekegwa mumagura . aho uri umugabo dufashe kurira imana ihora ihoze imporere babibi banje bapfuye ataco bazira.mugabo nibihanure bakorere twese kuko ntanyagupfa na nyagukira.

  • reka data wanje inguvu sizozonyene zikoreshwa n’igipolice aho wamaze kwibagira banyogo mu kamenge, murweru no ku rusizi aho abantu batekegwa mumagura . aho uri umugabo dufashe kurira imana ihora ihoze imporere babibi banje bapfuye ataco bazira.mugabo nibihanure bakorere twese kuko ntanyagupfa na nyagukira.

  • Ewe Rwasa ,ntako Utagira Kweli, Komeza Uhanure Ivyo Bipfu Bitumva, Sha Ugutwi Kw’impene Kwumva Kwokeje,

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.