Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Rwasa amenyesha ko ashobora kuzokwitoza ku gatwe kiwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Rwasa amenyesha ko ashobora kuzokwitoza ku gatwe kiwe

Rwasa amenyesha ko ashobora kuzokwitoza ku gatwe kiwe

mercredi 6 Munyonyo 2013

Uwiyitirira kuba umukuru w’umugambwe FNL (Front National de Libération), Rwasa Agathon amenyesha ko inama zitegurirwa abanyamigambwe zidashobora kugira akamaro iyo abaziteguye ata shaka bafise ryo gushira mu ngiro ivyavuyemwo, kuko rimwe na rimwe bimaze kuboneka ko abategura izo nama kenshi baba bafise udutima tubiri.

Inama yateguriwe abanyamigambwe yabaye ku munsi ugira kabiri. Rwasa Agathon, umwe mubayitumiwemwo nk’umunyeporitike kandi nk’uwigeze kwitoza mu matora y’umukuru w’igihugu mu mwaka w’2010 amenyesha ko gukora poritike n’udutima tubiri arivyo vyazingamitse igihugu. Kubwiwe, inama zirategurwa, ariko ugasanga ni ibintu vyo guhuma amaso abarundi n’amakungu. Ivyo abivuga abikuye ku kuntu iyo hageze gutera intambwe mw’ishirwa mu ngiro ry’ibiba vyapfunditswe haca haba ikibazo, akabona ko uwo aba ari umwanya watakaye kuko ata kamaro ko kuja kuvugana ibintu biryohera amatwi gusa ariko bidashobora gukurikizwa.

Rwasa Agathon, nk’abandi banyeporitike bose mu Burundi bamaze kugira ico bashikirije aremera ko guhindura ibwirizwa shingiro kugira ryisunge umwanya poritike y’igihugu igezeko ari ibintu bisanzwe, ariko ko atari ibikorwa vy’akarwi ka bamwe koshaka kwikika mu kiza kugira kironderere inyungu. Kubwa Rwasa Agathon, ubutegetsi ntiburiko burubahiriza ivyo bumvikanye mu nama yabahuje mu Kayanza, aho bapfundika ko umukuru w’igihugu azoshikiriza ingingo zohinyanyurwa. "Bavuga y’uko twomenyeshwa ingingo zikwiye guhindurwa kugira abantu baterere. Aho ni ku ngingo nkeyi. Mugabo urumva ko iryitwa ko ririko riraza si uguhindura ingingo kanaka, ni ryose ryahinduwe. Mbere bavuga y’uko mu ngingo yaryo ya nyuma bavuga ko iryo bwirizwa shingiro rikomboye iryahahora. Rigaca rivuga ko iryahahora ryari imfatakibanza. Ivyo bisigura ko n’ubu tukiri mu ntwaro mfatakibanza, bisigura kandi y’uko iri bwirizwa shingiro bariko baratuzanira, ni vya bintu nyene usanga ari ukudendekeranya kugira berekane ko ari ngombwa ko Nkurunziza asubira kwitoza ubugira kangahe, ivyo murumva rero ko binyuranye na bimwe abantu bumvikana i Arusha ko atawurenza ibiringo bibiri."

Rwasa Agathon aranegura ingene ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bwivanga mu bibazo vy’umugambwe FNL. Ntatahura kubona bamubwira ko atakiri umu FNL, ahubwo ko yoshinga uwundi mugambwe. Kubwiwe, namba baracanyemwo, abanamarimwe baramaze kwemera kuganira bagaheza ibibazo bafitaniye. Asaba ko bobareka bakitunganiriza ikoraniro kaminuza, kuko ariho bashobora guhereza ibibazo bafise, bakongera bakitorera indongozi abanamarimwe ba FNL bonyene bishakira. Bitagenze uko, nk’uko yabandanije abimenyesha, bizoca bibonekana nk’uko ubwo bushikiranganji bwoba bushigikiye ko mu migambwe hama indyane, ivyo navyo bikaba bidatanga iteka ku gihugu. Rwasa Agathon, avuga ko akirongoye FNL arangiza amenyesha ko nivyabandanya uko biri ashobora kuzokwitoza ku gatwe kiwe mu matora y’umukuru w’igihugu.


Egide Nduwimana

Messages

  • Azotsinda100-0 barihenda ubushikirangaji ni bumuhe ningoga abasonga mbere ni murekure mureke gutinya muhe

  • ngewe.Abarundi biratwenza, nonese abanywa bumugabwe we bamwihindutse! ibisahiranda gusa ntakindi

  • ngewe abarundi baranyobeye. ngirango Rwasa azitoza kumugabwe.FNL. nonebabanyamugabwe mwatanguye kumwihindika. nfise umutenyezi wiburundi namuta nkigira. ntantumbero mugira. ibisahirandagusa. RWASA NDAGUSHYIKIYE UZOTSINDA.kandi ntuzobe igikoresho

  • Ndakwemera. igihewahere uhanganye. nizotwaramuheto. nuhura nababigeme biyemeje. kuyobya abanya.Politiki. ucebanda ubahunga.nibariwowe. imana yasize amavuta uzabatsinda. gusa haribisahiranda. nabyo ubimenyere inda yabyo

  • rwasa oyeeeeeee!!!! niwe ushoboye gutwara naho abandi barabesha

  • RwasaAghatho Imana ikuzigame ntanvura irwa idahita ngo ntawabaye umuhizi ataciye mubikomeye.Abo bose bakuburagiza barihenda

  • Ahaaaaa! Rwasa wapi iyo bavugo rehose ngendakumana cank alexis sinduhije abo bonyene aba cndd fdd wapi nigende bazagaruke nyuma

  • N.B. Mu birori vy’ugusozera inama, abagize ADC-Ikibiri basohotse kiretse
    Agathon Rwasa. Mbe baganiriy’iki na Edouard Nduwimana?
    Mu matora y’2015, mu Kayanza basezeranye ko Umukuru w’igihugu
    abwirizwa kuba afise niveau licence
    "Rwasa amenyesha ko ashobora kuzokwitoza ku gatwe kiwe"
    Pas mal, mais......
    Adieu les BANAMARIMWE
    Bienvenue les RICHES

  • N.B. Mu birori vy’ugusozera inama, abagize ADC-Ikibiri basohotse kiretse
    Agathon Rwasa. Mbe baganiriy’iki na Edouard Nduwimana?
    Mu matora y’2015, mu Kayanza basezeranye ko Umukuru w’igihugu
    abwirizwa kuba afise niveau licence
    "Rwasa amenyesha ko ashobora kuzokwitoza ku gatwe kiwe"
    Pas mal, mais......
    Adieu les BANAMARIMWE
    Bienvenue les RICHES

  • N.B. Mu birori vy’ugusozera inama, abagize ADC-Ikibiri basohotse kiretse
    Agathon Rwasa. Mbe baganiriy’iki na Edouard Nduwimana?
    Mu matora y’2015, mu Kayanza basezeranye ko Umukuru w’igihugu
    abwirizwa kuba afise niveau licence
    "Rwasa amenyesha ko ashobora kuzokwitoza ku gatwe kiwe"
    Pas mal, mais......
    Adieu les BANAMARIMWE
    Bienvenue les RICHES

  • N.B. Mu birori vy’ugusozera inama, abagize ADC-Ikibiri basohotse kiretse
    Agathon Rwasa. Mbe baganiriy’iki na Edouard Nduwimana?
    Mu matora y’2015, mu Kayanza basezeranye ko Umukuru w’igihugu
    abwirizwa kuba afise niveau licence
    "Rwasa amenyesha ko ashobora kuzokwitoza ku gatwe kiwe"
    Pas mal, mais......
    Adieu les BANAMARIMWE
    Bienvenue les RICHES

  • Kiretse Rwasa ,na Sinduhije nta Licence afise ariko biravugwa yuko abo ama candidatures yabo yari yaremewe muri 2010 bazokomeza batazosabwa urwo rupapuro ,ahubwo urupapuro licence ruzosabwa abaciyandikishije bushasha .
    Rwasa uwo ni umutego ateze kandi utoroshe .Twebwe abanamarimwe tumuri inyuma ntakibazo

  • ABAHUTU BIBURUNDI NIBISAHIRANDA! AGATHON AZITOZE KUGATWE KIWE? BISIGURA IKI! AZITOZA KUMUGABWE

  • Africa tugomba kumera nka USA.manda yumutegetsi yarangira akavaho. hakajaho undi. atari gusazira kuntebe .

  • Tugire FNL nitsinzi Agathon oyeeeeeee? Abanamarimwe tukurimyuma nkumuzinga ntibaguterubwobawararangije gutsinda hasigayew kukugena komera nyakwubahwa intsinzi ni 100% bavyanke babikunde warahejeje mbere ntuze wirirwa wigora ngomuriko muterana amajambo bareke nibaruha barazora ubwo nubwoba

  • de toute façon uko Rwasa azitoza kose sinzomutora azoronderere ahandi. Ijwi ryanje ntariharuremwo. Erega Rwasa ubuzima si kuba President gusa urashobora gutekana ugahiga ubuzima ukundi! Ubu abarundi bose atari ba presidents ntitubayeho wibaza. Ariko ureme na CNDD-FDD sindota ndayitora nayo muri bamwe!

  • Ndabona Rwasa akanyamuneza ari kose n’akaboko yataritse. Ubwo yoba yasubiye guhendwa, yihoze FNL ayihebere Bigirimana Jacques na Miburo Emmanuel hama yemererwe kwitoza mu matora y’2015? Uko bigenda ukwariko kose, hari agahaze mu ngendo ya politique ya Rwasa. Atari ayo mazina y’abo ba nyagihugu yita ABANAMARIMWE na Magera, ari kumwe n’abantu nyabaki babona kandi bavuze ijambo ryokumvirizwa? Ndasavye muncire agace bagenzi

  • agathon Rwasa ubu ntamugambwe afise ,reta yuburundi yarawumwatse nico gituma agiye kwitoza kugatwe kiwe

  • ibisahiranda byabahutu! gathon yitoze kugahangake. sha imana yarakoze sinagira umukunzi wumurundi

  • Rwasa komera, tuzogutora.

  • Gwasa Agathon uko uzokwitoza kwose tuzogutora
    L’homme de valeur Agathon Gwasa
    L’homme de talent Agathon Gwasa
    L’homme fort Agathon Gwasa
    Ibigeragezo ntibizobura gushika kumwana w"umuntu ariko haragowe uwubizana
    Agathon Gwasa komera kwibanga tukurinyuma twese

  • rwasa est un seul hero hutu qui peut gouvernr le burundi kugira ngo abahutu baribaciyumvira ko ugutwara arubwoko babe désullisinné,comme ça rwasa ndagushigikiye naho ntariwe§

  • NDAYANDICETAYISUDOSE,KURIGWASA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.