IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Sant’Egidio Burundi: ’’Ata buzima ntabutungane’’

Sant’Egidio Burundi: ’’Ata buzima ntabutungane’’

samedi 30 Munyonyo 2013

Umuryango Sant’Egidio mu Burundi wateguye ikiganiro ku bantu bose mu nyubakwa White Stone, aho bariko baribuka umunsi mpuzamakungu wahariwe gukuraho burundu igihano co gupfa muri uyo muryango.

Muri ico kiganiro cari gifise icivugo kigira giti :”Atabutungane ntabuzima“ cari citabwe n’abantu batandukanye harimwo abaserukiye ubushikiranganji bw’ubutungane, ubushikiranganji bw’ugushigikirana n’agateka ka zina muntu, abari mu mashirahamwe mpuzamakungu n’ayo mu Burundi, abari baserukiye ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu gisata c’agateka ka zina muntu, urwaruka rwari rwaje ruva mu mihingo itandukanye y’igisagara ca Bujumbura, n’abandi.

Ku bwa Jean Claude Nsabimana umwe mu bateguye ico kiganiro, yaavuze ko intumbero nyamukuru kwari ukuvuga aho bahagaze ku gukura igihano co gupfa bakagisubiriza n’igihano co gupfungwa ubuzima bwose, ivyo umuryango Sant’Egidio ushigikiye. Jean Claude Nsabimana akaba yavuze ko ubuzima bw’umuntu ari katihabwa, atawundi muntu n’umwe arekuriwe kubusinzikaza canke ngo abumutware. Abandanya avuga ko kurwanira ubuzima bw’umuntu, hagakurwaho igihano co gupfa kigasubirizwa n’igihano co gupfungwa ubuzima bwose biri mu vyo bashigikiye kuko hari aho bishika, umuntu agaciribwa urubanza rwo kwicwa, kandi abamuciriye urwo rubanza bihenze, na cane cane ko turi abantu, kandi kwihenda bishikira abantu.

Umuryango Sant’Egidio mu Burundi, ukaba ushima kubona ico gihano co gupfa carahavuye mu mwaka w’2009 mu Burundi, ariko ukanegura wivuye inyuma abihanira, ugasanga umuntu arishwe atewe amabuye, canke akicwa urundi rw’agashinyaguro, ahowe icaha iki canke kiriya. Jean Claude Nsabimana akaba avuga ko ivyo bibabaje mu gihe umuntu aba yatswe ubuzima n’abatabumuhaye, kuko Imana yonyene ariyo itanga ubuzima, ikongera ikabwaka uwo yabuhaye. Asaba abantu kureka kwihanira, ahubwo bagataka ubutungane, abakoze ivyaha, bagashikirizwa ubutungane.

Abari mu mashirahamwe ataho yegamiye mu Burundi nka FORSC na ACAT bari aho, bakaba bamenyesheje ko igihano co gupfa atariwo muti ku bantu baba bakoze ivyaha. Ku bwabo bo mu nashirahamwe adaharanira inyungu za Reta, bavuga ko umuntu akoze icaha, agapfungwa, afata akanya ko kwisuzuma, akigaya, ndetse agasubirana ubuntu kuko muri ico gihe, afata akanya ko kwiyumvira icamutumye akora ayo makosa. Eka no mu bushikiranganji bw’agateka ka zina muntu bakaba bavuga nk’uko. Bo ariko bakavuga ko uretse ko uwiciwe uwiwe aheza agasigarana intuntu n’agahinda, igihano co gupfa mu vyukuri ataco kimaze, ari naco gituma abantu bose bakwiye gusigurirwa icatumye ico gihano kihava, kugira ntihabe abaguma bipfuza ko cogaruka mu Burundi..

Tukabamenyesha ko umuryango Sant’Egidio wavutse mu mwaka w’1968 i Roma, uca ushika mu gihugu c’Uburundi mu mwaka w’1999. Uyo muryango ukaba witaho cane agateka k’abantu bari mu ngorane na cane cane abana bo mw’ibarabara, abarwaye, abageze mu zabukuru, n’abandi bari mu bihe biteye agahinda.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.