Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Spok’s > Amasanamu > Mw’isanamu y’ururirimbo"Utayaona"Spok’s akebura urwaruka
Mw’isanamu y’ururirimbo"Utayaona"Spok’s akebura urwaruka
lundi 10 Munyonyo 2014
Isanamu y’ururirimbo "Utayaona"yasohotse, Spok’s ari mu baririmvyi bake bashobora gukora isanamu y’ururirimbo inyuma y’iminsi mikeyi. Ati:" ni wakura uzobibona.
Nta minsi myinshi yari ihaciye Spok’s asohoye amajwi y’ururirimbo "Utayaona", ubu naho yashize ahabona isanamu y’ururirimbo "Utayaona". Nk’uko Spok’s akunze gutanga ubutumwa bujanye n’ubuzima bw’abantu mu mibano yabo, eka no mu ruririmbo "Utayaona" rufise ubutumwa nk’ubwo. Ariko Spok’s agaruka cane ku buzima bw’urwaruka. Ati:" Tubona turya tukambara ariko ntitumenye ko abavyeyi bibagora kuronka ariko tugatako tugafyina, tukipfuza ibirenze twabibura tukarira ngo batubaniye birenze. Hari umunsi uzobona ko ivyo wibaza atari vyo ko habura uburyo bwa vyo. Utayaona, niyo wakura uzobibona". Spok’s ati:"Sinotunga agahinda abagenzi bo ntwenga nshaka igitabo.."
".
Tubibutse ko uwo muririmvyi akunze gusohorera indirimbo ziwe mu nzu y’ubuhinyanyuzi "Mira Mira Films" ikoreramwo umuhinyanyuzi Johnny B.
Raba ariko wumvirize cane cane amajambo ari mu ruririmbo"Utayaona"
Cherif Nkeshimana
Messages
14 Mukakaro 2017, 21:45, par wilison
jew spoks man ndamukunda kandi ndi numufanze wiwe ntaguye kumumenya aho atahanye agashimwe kwisanganiro