Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Sudani : Babiri mubahiganirwa ikibanza c’Umukuru w’igihugu bavuye mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Sudani : Babiri mubahiganirwa ikibanza c’Umukuru w’igihugu bavuye mu (...)

Sudani : Babiri mubahiganirwa ikibanza c’Umukuru w’igihugu bavuye mu matora

jeudi 16 Ndamukiza 2015, par Egide N

Utunenge twibonekeje mu matora ariko araba mu gihugu ca Sudani, twatumye abigenga babiri bari bateguye kwitoreza ikibanza c’Umukuru w’igihugu bafata ingigo yo kuva mu matora. Aho n’imigambwe ikomakomeye muri ico gihugu ikiba yari yamaze kwidohora.

Abo bari kwitoza mu kibanza c’Umukuru w’Igihugu nk’abigenga bagiriza umugwi utegura amatora wo muri ico gihugu ca Sudani ko uriko ukora ibishoboka vyose kugira Umukuru w’Igihugu ahari muri kino gihe, Omar El-Bechir, ashobore gutsinda ayo matora. Aho tukabibutsa ko Uwo mutegetsi atwaye igihugu ca Sudani kuva mu mwaka w’1989 kandi ko n’ubu yamaze kwishimira ko intsinzi ari iyiwe n’Umugambwe aturukamwo (Parti du Congres National).

JPEG - 242.7 ko
Omar El-Bechir aramutswa igihugu ca Sudani

Inyuma yo gushira ahabona amahinyu akorwa n’uwo mugwi uriko utegura amatora kandi bikaboneka ko atakiriko kirakogwa kugira akosogwe, abo bigenga babiri bafashe ingingo yo kwikura mu matora.

Umwe muri abo bikuye mu matora, Ahmed Al Radi Jaber, yamenyesheje ko intumbero yo kwongereza ikiringo c’amatora kikaja ku minsi ine cari kuri itatu, ari umukenyuro uriko utegurwa n’umugwi utegura amatora kugira bashobora kwandika ibiharuro atarivyo. Ariko muri uwo mugwi barabeshuza ko iyongerrwa ry’umunsi umwe w’amatora vyatewe n’ibibazo vy’ibikoresho vyashitse biteba mu mihingo itandukanye y’igihugu.


Alida S.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.