Accueil > Amakuru > umutekano > Tharcisse Nkezabahizi: RPA yugawe ivy’agateganyo
Tharcisse Nkezabahizi: RPA yugawe ivy’agateganyo
mercredi 29 Ndamukiza 2015
Umushikiranganji wo kumenyeshamakuru yavuze aho ahagaze kw’iyugarwa ry’iradiyo y’abanyagihugu (RPA). Avuga ko RPA yahagaritswe ivy’agateganyo ariko ubutungane n’ibwo buzoca urubanza, bukerekana amategeko yarenzwe.
Tharcisse Nkezabahizi aramutswa ubushikiranganji bw’itumatumana ry’amakuru avuga ko abashikiranganji Eduard Nduwimana, Tharcisse Nkezabahizi na Gabriel Nizigama bagiye gusaba RPA ko yohagarika gutanga amakuru y’ikibiriraho. Avuga rero ko bumvikanye n’abayobozi ba RPA uko botanga ayo makuru hanyuma RPA ntiyabikurikiza, ariko kuyugara ivy’aagteganyo. Uwo mushikiranganji abandanya avuga ko RPA yariko ikavya mu gutanga amakuru ajanye n’imyiyerekano yariko iraba. Naho hari n’ayandi maradiyo yariko ashikiriza amakuru y’ikibirira ho ku myiyerekano, RPA yoyo yaragumura nk’uko bivugwa n’uwo mushikiranganji. Abandanya amenyesha ko amategeko yarenzwe uwo munsi, azoheza akavugwa n’ubutungane(Ministere Public).
Nk’uko vyibazwa na benshi, amenyesha kandi ko ata yandi maradiyo agiye kwugarwa naho hari ayabandanya atanga amakuru y’ikibiriraho, bitandukanye n’ivyo bumvikanye. Mwomenya ko n’amaradiyo BONESHA FM n’ISANGANIRO yaciriwe imirongo ishikana amakuru hagati mu gihugu, eka no guhana amakuru biciye kuri Whatsapp vyahagaritswe.
Cherif Nkeshimana
Messages
29 Ndamukiza 2015, 21:32, par kirokira
nkezabahizi oyeee! bakwake umutamana w’ubushingantahe, bagushire mu bagabo, kubera abakungu ntiwobicaramwo. urarivuze! none izo sentare zosasa kubera iki? ntiwaruciye? ni bugare rpa bugurure gose rema yigisha amacakubiri abarundi! aho waririye, ko udahaga? ushigikiye ihonyabwoko? ririko ritegurwa n’akarwi ka cndd? urapfuye! amaraso y’abarundi uzoyabazwa. mais tu as raté l’occasion de te taire p.
29 Ndamukiza 2015, 21:33, par kirokira