Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubuserukizi bwa Amerika busaba Reta kwugurura ibigo vya kaminuza (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Ubuserukizi bwa Amerika busaba Reta kwugurura ibigo vya kaminuza (...)

Ubuserukizi bwa Amerika busaba Reta kwugurura ibigo vya kaminuza y’Uburundi

samedi 2 Rusama 2015, par IGIHE

Ubuserukizi bw’Amerika hano mu Burundi bumenyesha ko ingingo ya Reta y’Uburundi yo kwugara kaminuza y’Uburundi yateye ingorane zitarizikenewe muri kino mbere ko itanasiguritse ,mbere basaba ko iyo kaminuza yosubira kwugururwa .

Inyuma y’aho abanyeshure bo muri kaminuza y’Uburundi bagiye gusaba gukingirwa kuri ubwo buserukizi, ubuserukizi bw’Amerika hano mu Burundi bwasohoye itangazo kuri uno wa gatanu, igenekerezo rya 1 Rusama. Muri iryo tangazo bavuga ko mw’ijoro ryo kuwa 30 Ndamukiza uno mwaka, Dawn Liberi arongoye ubuserukizi bw’Amerika hano mu Burundi hamwe n’intumwa ya Reta y’Amerika yari murugendo mu Burundi, bagendeye abo banyeshure amajana atandatu ba kaminuza y’Uburundi bari imbere y’ubwo buserukizi basaba ubuhungiro no gukingirwa umutekano.

Muri iryo tangazo ,bavuga ko bashoboye kwumviriza abo banyeshure ,abo nabo barashobora kubashikiriza ingorane zose bahura nazo,inyuma y’ingingo ya Reta y’Uburundi yo kwugara ibigo vya kaminuza y’Uburundi baheza babata mw’ibarabara. Iryo tangazo rivuga ko Dawn Liberi hamwe na Malinowski bashimiye cane abo banyeshure ku butekereji ,n’indero bafise hamwe n’ukuntu bafitaniye imigenderanire myiza hagati y’igipolisi hamwe n’abakozi b’ubwo buserukizi .Muri ivyo biganiro rero ,bashoboye kwibutsa abo banyeshure ko intwaro rusangi hamwe n’agateka ka zina muntu ari nkenerwa cane muri kino gihugu c’Uburundi.

Ubuserukizi bwa Reta zunzubumwe bw’ Amerika hano mu Burundi bwaciye buhamagarira Reta y’Uburundi gutorera inyishu ico kibazo cabo barundi bafise ingorane yo gusubira mu buraro bwabo. Ati :’’N’abana b’Uburundi bashagaje muri kino gihe mw’ibarabaraba imbere y’ubuserukizi bwa Reta zunzubumwe bw’ Amerika. Muri iryo tangazo babandanya bavuga ko ingingo ya Reta yo kwugara ibigo vya kaminuza yateye ingorane n’imibabaro itari ikenewe, muri kino gihe mbere idasiguritse ku bashikirije ivyiyumviro vyabo gusa mu vyerekeye poritike. Iryo tangazo kandi babandanije bamenyesha ko batarota birukana urwo rwaruka imbere y’iyo nyubakwa mu gihe boguma batekanye . Reta zunzubumwe z’Amerika zisaba Reta y’Uburundi gusubira kwugurura iyo kaminuza, kugira amahoro n’umutekano bisubire kugaruka.

Tubamenyeshe ko abo banyeshure baraye ijoro ryabo rigira kabiri imbere y’ubwo buserukizi bwa Amerika hano mu Burundi, butuye muri karitiye ya Kigobe hano i Bujumbura.


Floxella Karire

Messages

  • NUKUR BIRABABAJ KUBONA LETA YIRUKANA ABO BANYESHURE KAND IVYO BASABA VYUMVIKANA.NITORER INYISHU ICO KIBAZ CABO BITARAGERA KURE NYABUNA?!!

  • Ahubwo Nagira Agenda Abahaye Aho Baba Canke Akabapakiza Akabatwara Nsavye Nti Ni Bareke Kwiva Mwitunganywa Ry.Uburundi

  • Birateye isoni kubona abenyeshure bo muri kaminuza birukanwa ngo batahe muhira iwabo bagaca baja kurara imber ya ambassy of USA. Uwovuga ngo bagiy gusab ubuhungiro yoba atari umurundi, harya bari kukazi kand barafis n’ababatumye, ariko tubabazwa nabo benewacu twita incabwenge bagaca baba ibikoresho vyabo batazi. Abana babo babatuma barihe?

  • Nta vyo kwugurura kaminuza nibatahe canke babahe aho baba,nta sécurité iri muri campus,bohava bahagira un camp d’entrainement na ya mihimbiri yo mu ma quartiers yoca iza kuza ira profita ivya reta kumwe ko muri za 93,nibatahe nyabuna canke bahamvye benewabo ku musaga no mu nyakabiga izo mbwa z’abatutsi,ubona ko la majorite buheza kwiyereka ku ma barrière bwataha bukabura indya,nibagumukire hanze ivya reta babivemwo hanyuma bagwane,nta vya gusa bikibaho!!!!!Ikibasaza twamaze kukibona si 3è mandat,on est déterminé àtous disparaitre s’il le faut ,mais aritoza ni urya nyene,ataruko reke duhashurane bihere biheze!!!!

  • Leta Yuburundi Nigeragez Gutungany Ic Kibazo Kiyihanze Amakungu Ataradufatira Ibihano Ruhasha

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.