IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Ubuserukizi bwa Leta zunzubumwe z’Amerika i Bujumbura bwugawe ku mvo (...)

Ubuserukizi bwa Leta zunzubumwe z’Amerika i Bujumbura bwugawe ku mvo z’umutekano

lundi 5 Myandagaro 2013

Kuva ku munsi wa gatanu, ubutegetsi bwa Leta zunze Ubumwe za Amerika bumenyesha ko hari impungenge ko ibitero bishobora gukorwa n’imirwi y’iterabwoba nka Al Qaida, mu burasirazuba bwo hagati no mu buraruko bwa Afrika.
Harasohotse itangazo rigabisha ingenzi z’Abanyamerika kwigengesera, hakaba kandi harafashwe ingingo yo kwugara bumwe mu buserukizi bwa Leta zunze ubumwe za Amerika gushika mu mpera z’ukwezi. Muri ubwo buserukizi bwugawe, harimwo n’ubwo mu Burundi, mu gisagara ca Bujumbura.

Amakuru dukesha BBC amenyesha ko umukuru w’igihugu Barack Obama yahuye n’umurwi w’abakuru mu bajejwe umutekano, bamubwira uko ico kibazo cifashe muri rusangi.
Iyo nama yari iyobowe na Susan Rice, umuhanuzi ku rwego rw’igihugu mu bijanye n’umutekano, harimwo n’umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi n’uw’umutekano wo hagati mu gihugu hamwe n’abakuru bo mu rwego rw’igendereza nka FBI na CIA.

Ibiro vy’abaserukira Leta zunze ubumwe za Amerika mu burasirazuba bwo hagati, uburaruko bwa Afrika n’igice ca Aziya birugaye kuva ejo ku munsi munsi w’imana, usanzwe ari uw’akazi mu bihugu vy’aba islamu.
Muri ivyo biro vyugawe harimwo ivya Abu Dhabi, Amman, Cairo, Riyadh, Dhahran, Jeddah, Doha, Dubai, Kuwait, Manama, Muscat, Sanaa, Tripoli, Antanarivo, Bujumbura, Djibouti, Khartoum, Kigali na Port Louis

Ingingo yo kwugara ubwo buserukizi yaje igihe Amerika imariye kwumva ubutumwa bwinshi bwahanahanwa hagati y’abo mu rwego rwo hejuru mu bihevyi ba Al Qaida, bavugana ku bitero vyokorwa ku buserukizi bwa Leta zunze ubumwe za Amerika.

JPEG - 66.4 ko
Inyubakwa y’ubuserukizi bwa Leta zunzubumwe z’Amerika mu Burundi

Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.