IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Ubuswise bwasavye amatohoza yihuta ku biziga vyatowe ku kiyaga (...)

Ubuswise bwasavye amatohoza yihuta ku biziga vyatowe ku kiyaga Rweru

lundi 29 Nyakanga 2014

Inyuma y’ivyashikirijwe na Reta zunze ubumwe za Amerika ko Uburundi n’Urwanda bwokora amatohoza ataho yegamiye kuri vya biziga vyatorwa ku kiyaga Rweru, n’igihugu c’Ubuswise casavye ko ayo matohoza yokwihuta, abagandaguye barya bantu bashengezwe mu butungane.

Ubuswise, igihugu bitari bimenyerewe ko cerekana aho gihagaze ku bibera mu bindi bihugu, camenyesheje ko gitewe impungenge n’abantu bagandaguwe, batorwa ibiziga ku kiyaga Rweru, gisanzwe gihana urubibe n’Uburundi n’Urwanda. Mw’itangazo ryasohowe n’ico gihugu, Reta y’Uburundi n’iy’Urwanda zasabwe gukora amatohoza yihuta, kandi atagira aho ahengamiye, bafashijwe n’abahinga mpuzamakungu.

JPEG - 37.8 ko
Ibiziga vy’abantu batorwa babohewe mu magunira

Muri iryo tangazo ry’igihugu c’Ubuswise, bamenyesha ko barya bantu bagandaguwe bunyamaswa bategerezwa kumenyekana, imiryango yabo ikamenya igituma ababo batswe ubuzima, n’ababikoze bagakurikiranwa mu butungane.

Kuva mu kwezi kw’indwi, abarovyi bakorera ku kiyaga Rweru bamenyesheje ko bagumye babona ibiziga bireremba kuri ico kiyaga, kenshi bikaba biboshwe, bitekeye mu magunira. Mu kwezi kw’indwi, ibirenga 40 akaba arivyo vyabonetse, ivya nyuma bibiri bikaba vyari bigizwe n’umugore atari yambaye, hamwe n’umugabo atekeye mu kamwanya. Abajejwe intwaro mu ntara ya Muyinga bamenyesheje ko ata miryango irababwira ko yabuze ababo, no ku ruhande rw’Urwanda bakaba babihakana. N’aho impande zompi zimenyesha ko amatohoza yamaze gutangura, amanuko y’ivyo biziga ntaramenyekana, ibihugu vyompi bikamirira kure ko bitobibazwa.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.