Accueil > Amakuru > umutekano > Ubwicanyi mu Ngagara : Abanyagihugu baravuga uko vyagenze
Ubwicanyi mu Ngagara : Abanyagihugu baravuga uko vyagenze
mercredi 14 Gitugutu 2015, par
Abantu bagera kw’icenda nibo bamaze kumenyekana ko bishwe bagandaguwe mu Ngagara, mu gihe mu giporisi bavuga ko bariko barakurikirana inkozi z’ikibi zari zihejeje kunyuruza abaporisi batatu, umwe akicwa arashwe, uwundi agakomereka.
Nk’uko bimenyeshwa n’abanyagihugu bo mu Ngagara karitiye ya gatatu, ahabereye ubwicanyi ku muhingamo wo kuri uwu wa kabiri, vyose vyatanguye hagati y’isaha icumi n’isaha cumi n’imwe, bitewe n’abana bariko barakina baca bicwa n’abaporisi. Abanyagihugu boba baciye bafatwa n’agashavu, barivuna mu gutera gerenade mu baporisi. Haciye haza abaporisi bo muri API binjira muri karitiye ya gatatu ya Ngagara, bakadodora babwira abanyagihugu ko uwutagira ico yiyagiriza yosohoka. Abo baporisi baciye batera ku rugo rwa Christophe NKEZABAHIZI, umumeenyeshamakuru wa RTNB (Radio Télévision Nationale du Burundi).
- Christophe NKEZABAHIZI yafata amasanamu kuri RTNB (Radio Télévision Nationale du Burundi)
Ababanyi b’umuhisi Christophe NKEZABAHIZI bamenyesha ko yumvise akamo k’abaporisi kavuga ko uwutagira ico yiyagiriza yosohoka, aca aja hanze. Abaporisi bamubwiye uduze amaboko, baca baramurasa, co kimwe n’umugore wiwe hamwe n’abana babiri. Muri urwo rugo bakaba bahishe abantu batanu, harimwo n’uwundi mwana yariko yigana n’umukobwa wa Christophe NKEZABAHIZI.
Mu giporisi barabihakana
OP1 Pierre NKURIKIYE amenyesha ko abapfuye bahitanwe n’amasasu y’abaporisi bariko bakurikirana abo yise Inkozi z’ikibi zariko zirarasa.
Uwo avugira igiporisi c’Uburundi asigura ko intango ya vyose ari abaporisi batatu bari baciye aho mu Ngagara, ku kabarabara bita BUYE, baca baranyuruzwa, babiri barabohwa mu nyuma bararaswa hakoreshejwe inkoho yo mu bwoko bwa pistolet. Umwe muri abo baporisi babiri yaciye apfa, uwundi arakomereka cane.
OP1 Pierre NKURIKIYE amenyesha ko abaporisi baje gutabara bagenzi babo baciye barasana n’abo bantu, abo nabo batera binjira mu banyagihugu kubinyegezamwo kugira babagire inkinzo zabo. Muri ukwo kurasana, OP1 NKURIKIYE avuga ko abantu bagera kw’icenda bitavye Imana, ibiziga indwi bikaba vyabonetse ku mugoroba wo kuri uwu wa kabiri, ibindi bibiri biboneka mu gatondo ko kuri uwu wa gatatu.
- OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi
Ku kibazo c’uko muri abo bantu icenda bagandaguwe, bane bose ari abo mu nzu imwe mu muryango umwe w’umumenyeshamakuru wa RTNB Christophe NKEZABAHIZI, OP1 Pierre NKURIKIYE asigura ko bashobora kuba bahitanwe n’amasasu igihe igiporisi cariko kirasana n’abantu bitwaje ibirwanisho, ariko abanyagihugu bakavuga ko abishwe barashwe n’abaporisi bo mu rwego API rucungera inzego. Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi akavuga ko amatohoza yamaze gutangura.
Ubwicanyi bubandanya kwibonekeza mu gihe umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yatanze ikiringo c’amezi abiri kugira umutekano ube wagarutse muma karitiye yose yo mu gisagara ca Bujumbura amaze igihe arangwamwo umutekano muke. Alain Guillaume Bunyoni umushikiranganji w’umutekano amenyesha ko iryo hangiro ry’umukuru w’igihugu rimaze gushikwako ku bice birenga 90 kw’ijana. Ariko rero n’aho ubushikiranganji w’umutekano bumenyesha ko umutekano wifashe neza muri rusangi, habandanya kwimvikana amasasu muma karitiye y’uburaruko n’ubumanuko bw’igisagara ca Bujumbura, ibiziga navyo bikaba bikabandanya gutorwa.
IGIHE
Messages
14 Gitugutu 2015, 14:33, par BKR
Nkurikiye akwiye kuvaho ntazi kuvuga. Avuga amahopa gusa inzamba.com
14 Gitugutu 2015, 14:40, par jeanne
jye ndabona bujumbura arukuyivamwo tukijira ruguru kuko habavye kabisa uwariwe wese yakurasa, none hageze aho kuboha aba police!! nihatari!!
14 Gitugutu 2015, 14:41, par jeanne
jye ndabona bujumbura arukuyivamwo tukijira ruguru kuko habavye kabisa uwariwe wese yakurasa, none hageze aho kuboha aba police!! nihatari!!
14 Gitugutu 2015, 14:44, par Avec
Jewe ndabaza? Abanyagihugu nkabo batemera kuvugisha umuti bababazi ingaruka bizobateza? Kuntegeza ikaramumpuzu murazi icobisigura? Abobose bapfuye bazize ubwobubegitobwanyu.
14 Gitugutu 2015, 14:45, par Kaduga
None Amahoro Wumvariho?Abantu Baguma Bicwa Imisi Yose Yemwe Turagowe Uworonka Iyaja Yogenda Ndabonako Inyuma Atariheza Kandi Abobose Bicabantu Imana Ntisinziriye Irababona Kuko Bazoheza Nabi!!
14 Gitugutu 2015, 14:49, par freedom
imaniriho amahoro azoboneka barundi muze musingira igihugu cacu imanizobikora man
14 Gitugutu 2015, 14:50, par Sms
Murab Neza Uyo Muryango Bari Bawushats Kuwuhonya.Uyo Mugsra Ngo Ni Bunyoni Umutkno Awubona He?Inzo Nko Adolf Yatanz Zizomara Beshi Basi.
14 Gitugutu 2015, 15:00, par KIRATEMYE
ABARUNDI TURARUSHE MBEGA ITWARO!!! UWORONKA UBUSHOZI BWOGUHUNGA YOHUNGA
14 Gitugutu 2015, 15:08, par ema
uko bishiste mingagara etat major bigiye guhera
14 Gitugutu 2015, 15:51, par lazarus
hama rwabafatira ibihano igipolis ngo ni babi,rabe namw .burundi weeeee.
14 Gitugutu 2015, 15:52, par Mugisha Danny Niyonkuru
Non Gayemwe Ubu Bwicany Buzogera Heh Hagati Yabavukana Mwabaporis Mwe ntimubona Ko Muriko Murahendwa Mwice Abanyagihugu Ako Kazi Kohera Uzoc Uja He Kandi Wirirwa Uratugandagura??Mushaka Kubaho Mwenyene?
14 Gitugutu 2015, 15:54, par Lily
Eh igi Police kiri kubimenya kubarwanya, na abacengezi gugira ngo bastinsurwe mu Rwanda nuko byagenze kuko barasaga bari mubaturage!! Mujye mubakurikirana aho bahungira hose!
14 Gitugutu 2015, 16:06, par wamahoro
Muzogeza ryari kuvugisha ukuri igihe cose muzogirira nabi abajejwe umutekano muzoza murabona inkurikizi zavyo mukwiye kudomako urutoke uwowese yipfuza kugirira nabi abandi mbega mwibazako hobera intambara murico gisagara hagapfa abogusa? uratubaza ingene vyatugendeye canke muze muraraba aho murwanda canke congo mwiyumvire abanyagihugu bahasize ubuzima uko bangana ababika ibirwanisho babahenda sibo bapfuye ubwambere?inyungu barose sugupfa amarira nimiborogo namwe ni mubandaye muzobibona nahano muri amerika wihenze ukanyegeza inkozi zikibi canke ukaba ahoziri ntakabuza baje kuzirondera uraharwa ivyo muvugako reta iri guko nabi jewe siko mbibona abakora nabi nimwebwe mubona inkozi zikibi nti muzidomeko urutoke zitarakora ibara abobose bapfuye kubwanyu.
14 Gitugutu 2015, 16:11, par suzan
Uwo muryago wa Pierre barashe Imana izobaze amaraso yabo NKURUMBI, azopfa yisasiye benshi, ayo mashetani yiwe akoresha namurekure vuba ave kwisi twamuhaze.
14 Gitugutu 2015, 16:18, par manzi
Nahabyarimana murwanda yarapfuye interahamwe bapfuye bangara rindira nabandibagiye kumera nkabo Nkurikiye ntagiturire Imana irya abo mwica mwe na nkurumbi urwabo ruraheze ariko urwanyu rurabarindiriye ariko Nizere kuringumba ukaba naho urikurabyara ngira nawe hazogera igihe uzobona kwivyo wakoze bitari bihimbaye bandanya munigagura
14 Gitugutu 2015, 16:19, par Justice DUHARANIRE
Umuvugizi wa polisi niyumvira kar umukehabwenge,ubwo hari uwutazi amabi akorwa n’igiporisi?ahubwo hafatiw ibihano abataribo arko akari inyuma karahinda.
14 Gitugutu 2015, 16:33, par kazoviyo
none ga ivyo vyaje bivahe? Mugihe muvuga ko umutekano ari wosi?
14 Gitugutu 2015, 16:39, par OK
Imana niyo izi uko izobigenza Imitima yanyu nigume mukibanza
14 Gitugutu 2015, 16:57, par Mutima
Imana Iti"ivyo NaMurabikora Nkihorera Mukibazako Mpwanye Namwe Gose Ariko Nzobahana Mbishire Mu Maso Yanyu Uko Bikurikirana."abo Bose Bagandagura Abantu Abaribo Bose Imana Iraje Ikure Izo Mfyisi Mu Ntama.Tugeze Kure Pe!
14 Gitugutu 2015, 17:08, par mututsiwamahoro
Ngagara ituwe nabanyarwanda bomuri 59. kwica abapolisi ntagitangaza kirimo. barimo gukurikiza amabwiriza ya RWISASIRAMIRAMBO_KAGAME ibyiza ni ukubateramo amabombe bakajya mumakambi nibongera guhungabanya umutekano
14 Gitugutu 2015, 17:11, par kinyata
igihebarasamukamenge 93 mwavu gago abariyobosenigozi zikibi namwenu ko nimwebwenyene abo nyene bafuye hasigayetuzegupiya
14 Gitugutu 2015, 17:12, par niyonkuru
turagowe.uwo mugabo nawe nkurikiye mubuzima bwiwe ntazigera avuga ukuri na rimwe!niwe atuma igiporisi kiguma kimara abantu kuko aguma agishigikira mu bwicanyi bakora.turasavye bamukure ahandiho sinziko tuzoguma tucita police de proximité
14 Gitugutu 2015, 17:15, par Ndakugaramika
Ewe Petero Nkurunziza Wakomantajumutima Nka Farao Mufadikanij Nakagwi Kinkoz Zibibi Bica Aburongoy, Nonubunah Kohadutse Nabo Muri Api Mukaba Mutanguye Kwikora Munda Mukwica Abakoz Bany, Igisigay Nuko Muzotumurana Mwebwe Nyene Ibara Ribe Ryaduts Ndavuga Simvura.
14 Gitugutu 2015, 17:33, par eddy gael aradukeje
mana garukira uburundi!! kwica umunt utari bumurye vyofash ik? abarundi mana garukira uburundi nkuko wagarukiy ab’israel mujabutsa ikiyaga gitukura
14 Gitugutu 2015, 17:53, par nizigiyimana viyane
imana nibakire mubwami bwayo none abo bagira ubwicanyi ntibobire ntanyungu irimubwicanyi
14 Gitugutu 2015, 17:56, par che
This is really enough, how long will you going to be stupid criminals?
14 Gitugutu 2015, 18:20, par Iherezo
Uyo nkurikiye aramenya ko atamvura idahita hazogera igihe imana yiyerekane
14 Gitugutu 2015, 18:38, par JACKY
kabisa aba polisi nkeka basigaye bafata abantu nk’inyamanswa.nibageze ngaho birateye isoni.
14 Gitugutu 2015, 19:24, par None?
Kuvuga ngohapfuye abantubanganagutinaguti ntibitosheje, igijwnewe nukugabanya gukingira ikibaba abobabinyegezamwo bafise ibirwanisho bicirumuriro. Rekandabahe akarorero: Harabandi baribafise amazi atonze umurongo akorerwamwo ubudandaji bitandukanye ariko ntibaribemerewe kudandarizamwo esanse noneho hakabaharimwo bamwebamwe badandaza iyo esanse ariko hakaba hariho aba polisi bikeka kohariho abadandarizaho esance bakamarero bajekureba kobobona abayidandaza ariko ntibayibone ariko abadandariza ngahobose baribazi abadandaza esance ariko ntanumwe yagiracabwira lolisi ibabajije barahakana, igize iracashaka gusakakunguvu abadandariza ngahihantubose bacababiyamiriza aba polisi bakabireka,. Ariko ingaruka yoguhishira ikibi nimbi umwemuribamwe badandaza ensance ahakorera hadutsemwo umuriro noneho kubera hiryanohino harimwo nabandi bayidandaza vyatoroshe Ko umuriro uhanagura amaziyose yarahohantu sabadandaza iyo ensance sabatayidandaza bose bahombeyemwo hanyuma muma report yakurikiye nihobamenyeko umuvuduko wumuriro wari uwa ensance nyishi yarimwayomazu. Ngiyo impamvundababwiyeko mwebwe muhishirira mukanyegeza abafise ivyobirwanisho bicirumuriro munyegeza urupfu kuko ntivyazanwe kugira bazobihinguremwo ayamakara ducana babizanye kugirabizohitane umuntu ngaha Burundi uwomunturero iyobatarabikoresha ntawumumenya ariko bamaze kubikoresha uraheza ukamumenya ashobora kubariwewe wabibonye ukabihishirira canke uwutigeze abimenya, baryabantu rero batungagatoke kuwifise ikirwanisho hanyuma abajejwe umutekano bakakimwaka habaharokotse umuntu umwe cohitanye. Umvandababwire ntamubtunumwe dukeneye kwapfa yabumunyagihugu wumu civil canke uwujejwe umutekano. None wewe ubona uwomuntu afise icokirwanisho ntuziko bitebebitebuke kizohitana umuntu,nonekuberiki utokivuga kugira ntikizohitane umuntu? Ariko wahengera kimaze kwihinkumbi ugatangura kurira uvugango abantu cenda bapfuye!!!.
14 Gitugutu 2015, 19:26, par KIRAHOMVOTSE BABURONI
NTITUZOHERE NKUKO PREZIDAYAVUZE IGIHE YARAHIRA ARANGORA IKIRINGO3 MUGABO BAZOJUJUMIRA IGIHE INTAHE IZOFATA IJAMBO
14 Gitugutu 2015, 19:27, par KIRAHOMVOTSE BABURONI
NTITUZOHERE NKUKO PREZIDAYAVUZE IGIHE YARAHIRA ARANGORA IKIRINGO3 MUGABO BAZOJUJUMIRA IGIHE INTAHE IZOFATA IJAMBO
14 Gitugutu 2015, 19:56, par harerimana.mvuka.kumugendo?choisisse.rabone.reponce
uburundi.burananiwe
14 Gitugutu 2015, 20:21, par harerimana
uburundi.burananiwe.ni’ahimana.
14 Gitugutu 2015, 22:04, par one love
ibintu biriko birabera mugihugu cacu birateye ubwoba pe. yemwe bantu bica abandi nimugeze ngaho. umusi uruzina muzobibazwa.
14 Gitugutu 2015, 22:08, par Admu
Mwizina rya Yesu ndavuga uriko yicisha inkoho za leta naw niyicwe ninkoho na cane cane uwakwez ikibazo ca mandat.Ndasaba imana ikure umwungere afise umutima w’ibingira ku ntebe y’inganji."Amen ’imana irase ko umunywamaraso ko yotwara.’’
14 Gitugutu 2015, 22:24, par NIJIMBERE
MANA TABARA IYISI IRATUJANYE TUBONA KWELI!
14 Gitugutu 2015, 22:26, par NIJIMBERE
MANA TABARA IYISI IRATUJANYE TUBONA KWELI!
14 Gitugutu 2015, 22:43, par NIHOREHO.ITABARE
MANA,TABARA,ABAPORIS BIBURUNDI,BARARUSHE!NONE GAYEMWE,NINDE,YOTERWA NTIYIVUNE?
15 Gitugutu 2015, 00:58, par Ibingira Rwanda
Njye mbona Nkurunziza ajenjeka!! Iyo abapolisi babiri babiri bapfiriye muri quartier y’intagondwa hagombye guta muri yombi cyangwa kwica intagongwa 500
15 Gitugutu 2015, 05:14, par Amosse.Ntirandekura
nukuri.Ubu.Icombona.IgihugUcuburundi.Abagitwara.Nibobacishe.Nkababantu.Bishe.Nareta.Ubiravye.Ububagira.Ivyo.Kugira.Basope.Gusa.Abaporisi.Nukwiba.
15 Gitugutu 2015, 05:53, par HAKIZIMANA J. Baptiste
UWO MURYANGO WA NKEZABAHIZI URATUBABAJE IMANA IBAKIRE MUBWAMI BWAYO.
15 Gitugutu 2015, 06:47, par BONA
IBIVYOSE BIGUMA BIBA MUGIHE ABARUNDI N’AMAKUNGU BAGUMYE BASEMERERA BATI: "YAMARA BARUNDI JE MUBIGANIRO KUKO WANKA KUGARURA IMPENE IKIRIHAFI YAMARA KURENGUMUTUMBA UKABIRA NKAYO!" NGIBI RERO BIRASHITSE!!!! INO MUKAYOGORO ABAGWANYI BASHITSE NI HATARI, NY-LC RUKAMBASI,KABERENGE BARANYAGARA !!HA IYI MANDA IZOTUZANIRA VYINSHI!!!
15 Gitugutu 2015, 08:04, par Kaga
Inzira karengane zo ntizisiba gutikira burimusi kwica uwucungeye simviza abaporisi bakwiye kwikebuka kuko ntawumarira Imana ego da ufise inguvu arazikoresha none nizabahena barojahe ico nobahanura nkuko bafise inguvu ntizibe jubwicanyi gusa nibazikoreshe amabohero barobohegwamwo igihe intahe irofata ijanbo atari kera
15 Gitugutu 2015, 08:50, par BRAITON
NKURUNZIZA NABO MUSANGIYE GUSESA AMARASO, MUZOPFA NAMWE, WIBUKE INDAHIRO WARAHIRIYE IMAKAMBA AMBERE YABAGUMYABANGA
15 Gitugutu 2015, 11:39, par jey
Abarundi kanura mubone muraherankifuyimijira
15 Gitugutu 2015, 17:54, par Barakumigwa.
Ndabona iki kinyamakuru igihe kishigikiye abatavuga rumwe na reta,tugiye kucitwarira munzego bacomore kiveho kisubire iyo cavuye,kuko cerekana gusa abacoza reta yuburundi gusa.rero mugabe umusi numusi muzokabona nimba mutazi akazi kanyu karako kumviriza bose.
16 Gitugutu 2015, 05:51, par aha
Sha nyamara nuko abantu birengagiza ...ndabona muburundi hagiye kuba GENOCIDE ...sha byonyine usomwe comments uhita ubona ukuri kuri mu mitima yabantu ...nyamara ndabasabiye kumana ibakize ayamakuba ....
16 Gitugutu 2015, 09:14, par mahoro
peter nkurikiye ww uzopfana na sobuja kk iyo nda ndende igutera guhemuka ark umenye k ibivuye mumaraso yabantu ataco bizokumarira KK iyuvuga ng bahitanywe namasasu yakurikijwe abagizi banabi kd baramusanze murugo iwe.uri umuhemu umukunzi winda ndumuntu umwe mubakuzi ark uzopfa nabi mbabajwe nuwo washatse akakubera umugore KK ufise umutima nkuwingurube KD urazik iyo ushonje ihera kubana bayo.usigaye ufatikanya na nkuru mbi mukunywa amaraso yinzira karengane
16 Gitugutu 2015, 13:58, par Sindayigaya Fbien
Nimubandany Kugarukana Umutkano Mugihugu
16 Gitugutu 2015, 18:59, par MAHORO
Ubwicanyi bwose buba RETA ibifisemwo uruhara kubice 92% ariko mwibuke mwebwe mwicisha inkota namwe niyo izobica.murambe mutunge musubire Uko Mwica Inzirakarengane Namwe Niko Muzopfa.Muzicwa Nkuko Namwe Mwica
19 Gitugutu 2015, 07:52, par Mpozamarira Erias
Uburundi kugira buzokire nukuko abo bigira abategetse bofatwa bose,baterwa amaserumu yokubakoropa ubujuju,kuko biyita abanyabwenge atabwenge abafise. ntamuntu yobafise ubwenge yokwegera igihugu ciwe mukaga,ntibishoboka jewe sindavyera kwabobantu barisawa,
19 Gitugutu 2015, 19:05, par Eric
Reka mbahe amakuru
26 Gitugutu 2015, 18:57, par ruvuto
ariko jewe sindavyumva kabisa ubwo iyo ubona uri umukuru wigihugu abantu bakicwa bene ako kageni ubwo wowe uba wumva ntabwoba ufite koko?cg se nibura wibazako wowe ihererzo ryawe rizaba rimeze rite mugihe uniga impinja abasaza nabacyeuru??nkugiriye inama warekeraho ukazabazwa bacye kuko ikigaragara nuko niba isi idahagurutse uwo mutavuga rumwe wese uramwica.
7 Munyonyo 2015, 23:27, par Ferciex
Nurudubi