IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Petero Nkurunziza yoba azohava yemera ivyo yahanuwe n’igendereza (...)

Petero Nkurunziza yoba azohava yemera ivyo yahanuwe n’igendereza ryiwe?

vendredi 20 Ruhuhuma 2015

Icegeranyo uwahoze arongoye urwego rw’igendereza ry’Uburundi Général Major Godefroid Niyombare yarungikiye umukuru w’igihugu ku makenga y’ikiringo ca gatatu, ryoba ari ryo ntandaro yo kumukura mu burongozi bw’urwo rwego.

Mu cegeranyo urwo rwego rwahaye umukuru w’igihugu, bakaba bamweretse amakenga ahari igihe yokwitoza mu kiringo ca gatatu. Muri ico cegeranyo kiri ku mpapuro 15, urwo rwego rw’igendereza rwibutsa Petero Nkurunziza umukuru w’igihugu, amakenga bafise kuri Ekereziya Gatorika, aho abasenyeri bamaze n’ukwigisha abakirisu babo, ku bijanye n’ico kiringo ca gatatu. Aha Général Major Godefroid Niyombare akaba yamwibukije amajambo yavuzwe na Musenyeri w’i Gitega Simoni Ntamwana ko hamwe bamutoye ubugira gatatu, boba batoye kuba abaja.

Uwo yahoze arongoye igendereza ry’Uburundi muri urwo rwandiko, akaba abandanya yereka umukuru w’igihugu ko, hamwe yokwitoza ubwa gatatu, bishobora gukwegera akarambaraye igihugu. Avuga ko hashobora kuba imyiyerekano, iyo nayo, igashobora n’ugusambura igisirikare c’Uburundi, bamwe bagakoreshwa n’uruhande uru canke ruriya. Uwo yahoze arongoye igendereza ry’Uburundi kandi, akaba avunira akagohe umukuru w’igihugu ko hamwe yokwitoza ubwa gatatu, ashobora n’ukudatorwa, aravye bimwe mu bivugwa n’abasenyeri ba Katorika hamwe n’abapadiri, bamwe bati :’’ Nkurunziza ni umukirisu w’umunyeporitike’’, izo nyigisho zikaba zitangwa.

Amumenyesha ko, abakirisu b’abarundi bubaha irivuzwe n’abakozi b’Imana, na cane cane ko, bavuga ko utubashe ivyo usabwe n’umukozi w’Imana uba wikwegeye umuvumo, ivyavuzwe na Musenyeri Ntamwana rero abakirisu bagashobora kuzobikorerako, bakazomwumvira mu gutinya kwikwegera umuvumo, Nkurunziza ntatorwe .

Tukabamenyesha ko naho hari bamwe bagerageza kwerekana ko ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza kizoba gikurikije amategeko, aha urwo rwego rukerekana nk’inyigisho za Rwankara Pascal na Didace Kiganahe abigisha muri kaminuza, ari nk’aho ari uguca ingero, kuko inama yabaye ku wa 27 Nzero mw’ihoteri Club du Lac Tanganyika, ihuriyemwo abaserukiye amashengero ya Katorika, amashengero y’abaporoti, Conseil National des Eglises du Burundi, Eglise Methodiste Libre et Unie, bose bashize hamwe havuyemwo umuntu umwe, mu kwerekana ko ikiringo ca Petero Nkurunziza kigira gatatu gishobora kuzokwegera igihugu indwano, amaraso agaseseka, ari naco gituma ayo mashengero yiyamirije ico kiringo, aca yiyemeza kuzorungikira ubutumwa umukuru w’igihugu kugira bumufashe gufata ingingo.


Aristide Nizigire

Messages

  • - Peter nimba ari uwumva yokumva ivyo bamuhanura
    - Nimba akunda umuryango wiwe kandi ndavyibaza nareke kumvira Adolphe na Bunyoni kuko bariko bamukwegera akaga nagende amarembe areke kugira ubwoba ngo ndahavuye ngo uwuzoza azoca afatisha Kubera ubwicanyi n’ubusume bukabije bwaranze intwaro yiwe
    - ntaco bazomugira arasaba immunite ariko abandi bose bivye bakica yemwe sinzi ko bazoshobora kubivamwo kuko ntibizoja muri CVR Kubera CVR ishika de 1962-2008
    - Nyakubahwa mukuru w’igihugu EXCELLENCE PIERRE NKURUNZIZA raba ugenda amarembe kandi ndaguhanuye ko wobaza EX PRESIDENT PIERRE BUYOYA akagufasha kuva muriyo migozi urimwo kuko ibintu biriko bigenda nabi cane isi yose ihanze amaso wewe , JE TE SOUHAITE UNE BONNE CHANCE QUE DIEU TE BENISSE

  • Azokwiruka nka kayabu arabaza blaise mbe mwomenya ageze he ? ewe ba president bo muri afrique murateye isoni mugabo banyina mutinya ibibi mwakoze ariko kubona president muzima ategerezwa kubahiriza agateka ka muntu agakingira igihugu nabakibamwo agaheza agashigikira abicanyi akanka kubava inyuma none ibikorane birirwa baratambamwo bimaze iki ? umudamu wiwe koko niyaba yumviriza Saint-esprit nibaza ko yobwira ijambo rimwe som mari ahandi ho bazoba nka pharaon.

  • Aha niho turindiriye kurabira ko peter agendera ubugabo. mbe ninde atabona amagogwa abanyagihugu dushobora guhura nayo mugihe yoshaka mandat ya 3????? Sur le plan Economique, social, politique et sécuritaire bizohava vyose biba cadavere umugani waya ndirimbo. Peter ndagusavye uvyiyumvire ureke kudusubiza mukaga karuta ako turimwo.

  • Pater kulziz ni umukirisitu w’umunyepolitiki bitandukanye no kuba umunyepolitiki w’umukirisitu.D’apres le rapport du SNR.

  • Nibaza ko ari abamuremara kukonawe nyene arazi ko mandat ziwe zibiri zaheze Ahubwo ni afate ingingo yanyuma naho ariko aratinya kubivuga

  • Jew ndatangazwa cana ko adashaka kubisa abandi batware...?Peter Nkurunziza nitwe twagutoye siwe witoye kandi nuwuzoza nitwe tuzomutora ivyo wakoze vyarabibonye kandi turabibona nivyiza cane turagushimiye ariko ubahiriza ibwirizwa ngingiro basi nivyo tugusavye gusa ntudukwegere agakara mugashambara ndashimira cane Joseph Kabila wa R.D.C baramuhanuye wewe aravyumva atako arabitangaza kwatazokwitoza ubugira gatatu..

  • Jewe nibaza Ko Imana yamubwiye ico azokora nicogituma yacecetse kuko vyoshoboka Ko yamuhaye inyishu itamunezera akiriko arayisaba yisubireko imuhindurire imworohereze,ariko nibaza Ko atakizohinduka kuko Imana yumvira benshi.Nimba yumvira benshi bizomugora kuko biboneka Ko ariko akorera inyungu z,umuryango wiwe gusa waragize neza nyakubahwa nukuri turagushimira ariko ntisigurako uwakoze neza wese acaba umukuru wigihugu,None Ko dufise abantu benshi bakora neza bose bace baba abakuru bibihugu?akarorero,Mbonimpa,Bob rugurika;eka nabo murikumwe nkuyo my General yemanze akabona ukuri eka nabandi .....Bazokuguha ayandi mabanga canke utayashaka ukore ivyawe kuko urabishoboye ntawavutse ngo azoba umukuru wigihugu inca impanuro kuko kananira bagabo ntiyimye.........kandi intabwigwa ibwigwa niko amado atukuye.

  • Niyibuke ijambo yabwiwe na Musenyeri wa Anglican mu Kigobe 2005 umunsi arahira, bamaze kumusengera. Yamubwiye ati: "NYAKWUBAHWA, TURAGUSABIYE IMIGISHA N’UMUHEZAGIRO. ARIKO NIYO HAGERA KO UKINJURA NTUZE UGORE ABARUNDI NK’UKO BIRI HIRYA NO HINO MURI AFRIKA." Ndacibuka amashi n’agatwengo vyasamiranye mu Kigobe imbere ya 5 Presidents, Abarundi twese tubikwirikiranira kuri TV. Niyibuke iryo jambo, Abarundi turimwibutse, aba journalistes basubire muri archives baryibutse abarundi na H.E Nkuru. Murakoze

  • kandi mu burundi hari abantu bigira bakamenyi.uwo yari yabwiye ko azitoza ninde? bamwe mura kurikira ubwije mu zisanga mwabaye nkaba twagiramungu,bizimungu,kanyarengwe,gapfyisi,na bagatabazi nabandi

  • abarundi nitwe tuzi aho wadukuye,ntiwishinge izomburakimazi;aritoza kuko nitwe dufise ububasha bwogutanga nokunyaga

  • manje gushimira aba bose mwagize ico mushikiriza ntako mutagira mutangimpanuro zikwiye nukuri uwo Nyakubahwa umukuru wigihugu nitwe twamwitoreye ariko rero niyikubite agashi areke gukomantaza umutima nabise abandi nabo turabe ivyabo nakare ubwatsi burasha bukabisa ubundi yime amatwi abo bagabo bamuhenda dolfo na bunyoni ntabonako bamaze kuba ivyihebe

  • mbe ko umenga yabateye ikigongwe nawe ataco agifise!yivugiyeko uzotera akajagari atantambwe azotera,ntiyabeshe akagomba kuzana akajagari MUBARUNDI BOBEN’IGIHUGU NTANTAMBWE AZOTERA.umuriro uzotangurira iwe uherere iwe nyene

  • mbe ko umenga abateye ikigongwe nawe atac’afise!yavuze ngo:"uwuzotera akajagari ntantambwe azotera".ntiyabeshe kuko niyatera AKAJAGARI MUKURENGA AMASEZERANO TWARONSE URWUYA RWABIZE MUBARUNDI BO BEN’IGIHUGU ntantambwe azotera,umuriro uzotangurira iwe uherere iwe.

  • Kubasoma bible,hari umwami yari yigize kananirabagabo kuko yishimira igisoda gikomeye ,ubutunzi bukomeye,icubahiro gikomeye ,yarahanuwe kenshi aranana ko atarekura abanyislaelskugeza aho Imana ikorera ibitangaza imbere yiwe aranana ,uwo nawe ni umwami yari akomeye cane gitwa Faraon aho muri Egyputa munyuma Imana yaramweretse ko ataho.ahuriye nayo.None nyakubahwa Nkuru ryama usubize amaso inyuma wiyumvire igihugu,iyo.cavuye kandi warakoze,wiyumvire absrundi,wiyumvire umyryango wawe,ntiwishinge abo bakevyi bawe baguhanuranabi ,hanyuma ufate ingingo
    rugabo ,ntiwitoze gatatu kuko Imans yokurandura.kandi ni wabikora ndazi ko uzokwitwa akarorero inararibonye.Take your time ,and think about it.

  • ivyagira vyose muze twemere ivyabakozi bimana batubarira tumwereke kotutakimushaka tutagomba kuba abaja biwe

  • Umukuru wigihugu cacu nyakwubahwa peter nkurunziza yarakijijwe arubahimana ndetse nomumakungu birazwiko uburundi buza kurutonde rwibihugu bifise umukuru wigihugu yubahimana,twizeyeko adashobora kuyihemukira,kurubworero ntihagire vyinshi mumuivugako igihe kirageZe ukuri kujahabona God bless Burundi

  • KOMERA MWESE KUVYIYUMVIRO VYANYU!!S.V.P NOUS VOULONS LE CHANGEMENT!!

  • nukuri umukuru w’igihugu yoreka kwitoza ntakwegere umuriro abarundi n umuryango wiwe

  • .mbega kotwumva yuko intwaro yakamwana wamama .niyobase.turavye abana bamaze amashure kubera bashiririye .ntibabuze akazi? ikindi uravye ingozi iwabo .ugaca uraba.imuyinga .ntaco wibaza imuyinga uretse kutwica nokutwa mbura ntaterambere yadukoreye uvuye ingozi ukinjira imuyinga umenga winjiye mumwobo .kandi nihotwamera .avuze atireka kwambura abenegihugu .ntivyokunda? jewe mbona yarinumi natwe tuhacikira amaboko

  • Ark ndababwr abant turagoye mujengaho muharire ngo umukur wigihugu ntazokwitoza mukringo ca3 harivyo yababwiy iyibize nabi uyimifu harya abayarihorera kugrang mube muhazanye tenyeny niyagricavuz naw muzoronk urufatiro ico niciyumvir canj.

  • JEW IVYIYUMVIRO VYABANTU NDAVYUMVA ARIKO NIMUREKE GUSIKUZA KWATACO ARAVUGA KANDI MUMWUBAHE KO ARACARI UMUKURU WIGIHUGU KUK IMVUGIRAKUYAMARA YUMUGABO IKUNDWA NABAKE MURAKOZE

  • jewe ndashima général numugabo atavugira muvumbi kumuvumba.

    ntahirahire ngo yitoze.yoba afashije abarundi nuburundi.

  • JEW NDIBAZA KO IVYO KWITOZ KWA NKURU NZIZA ATACO VYODUSAMAZAKO KUKO TWEBWE ABANYAGIHUGU NITWE UCA URUBANZA KUBITOZA.NONE MUMUTINYIRA IKI?NIMUREKE IMANA NIYABA IBONA KO HAGEZE KO ATITOZA,IZOCA URUBANZA KUKO TWEBWE IVYIYUMVIRO VYACU BIRATANDUKANYE N’IVY’IMANA.

  • Bene wacu mbakebure,mwese mwanditse amajambo meza kandi yumvikana,ariko mwafashe Nkurunziza nk’ikijuju erega nawe nyene ariyumvira,mbe ugirango we ntaziko atanumwe azomuherekeza mukibira.Ibibugu ,imibu ,amasazi n’ibindi vyatuririye mukibira ntanumwe yifuza kubisubiramwo.Narigeze kwandika mbamenyesha ko Atari we ko abitegwa nabahanuzi babi afise harimwo n’umugore wiwe.Ikindi mumenye ko Nkurunziza Petero Imana ishobora kuba yaramukuyeko amaboko igihe yiha kwoza ibirenge vy’abakozi b’Imana.Usigura gute ko Rev.Denise Nkurunziza yoba azi ivyo azejwe kugeza uno musi akaba atajambo Nkurunziza aravuga.Tegereza gatoya urabe urupfu agiye gupfa ninaho uzomenya ko Imana yamukuyeko amaboko.Mbibutse ko ivyo kwigira umukozi w’Imana Nkurunziza yabikomoye kumajambo Nyakwubahwa umuhisi Atari umugani Remy Gahutu yari yaravuze ati:( UBURUNDI BUZOGANZWA N’UWUZOBA YUBAHA IMANA) IRYO JAMBO NIRYO NKURUNZIZA YAGENDEYEKO ACA ARISHUSHANYA NKU UMUKOZI W’IMANA.Rorera gatoya ugiye kubibona,Imana igiye kwihesha icubahiro mu Burundi.

  • je nabumvirije mwese nsanga muriko mwimenumutwe ku busa kuko ubutegetsi butangwa nuhoraho none mu murondera kwiki? ko mushuha kandi nawe ataco aravuga? mbega aho ari hazokwirwa na bangahe? kointebe yicayeko arimwe nsa .kwizera na aimandum ndbashigikiye ku vyiyumviro vyanyu naya bandi bibagiye iyo twavuye sha!!

  • Imana Niyo Yogufasha Abarundi Kweli.

  • Loulou Uvuze Nk Umukristo .Imana Ikongere Umugisha Kandi Ubandanye Kuyubaha Kuko Inkoni Y Imana Igiye Gunyura Muburundi,amaraso Y Inzirakarengane Tumaze Kumena Ni Menshi Cane,mwibuke Ibiziga Munzuzi,ababikira... N Abandi. Reka Turindire Gusa Ndibaza Peter Urupfu Ruramweha.

  • Ibiriko biba vyose Imana irabibona.Kandi abaganza bose nibibuke ko Iman,ariyo yabaremy.Iracihorey.

  • Imana gusa yodufasha ntasubire kwitoza kuk ubuh yitojeje yokama amata musuguru kand abarundi twararushe intambara. rero ntahembe abanyagihugu amaraso.

  • pierre nkurunziza na rekerareho gusesa amaraso y,abarundi

  • nk’umusenzi nimba asenga IMANA n’areke kwitoza haze uwundi kd abagumyabanga tuzomutora uwuzomusubirira

  • Mwibuke ko ibiba vyose imana iba yarabiteguye.kandi umuti tuwurindire kuriwe yaturemye.imana iratuzi.

  • Ivyo Amaze Kurya Biramaze Nabisebandi Nabo Barashaka Kurya Nkawe.

  • None umuti wivyo vyose nuwahe?

  • Ntakundi Imana Yo Mwijuru Niyi Izi Ikiringo Azoherezako

  • Jewe Iconovuga Kurivyo Kurunziza Yobisabandi Bagatwara Ivyoyariye Yarariye Narekure Turavyemeye

  • Hoo NKurunziza Igihe Camuheranye! Azokwihangane

  • None aBobantu Baribakoze Ikosa Nyabaki? Yooo Nibihangane Mugabo Ndifuza Kumenya Ikosa Bakoze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.